Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Mariko 6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Ab’i Nazareti banka kwizera Yesu

1 Nuko Yesu ava aho aja i Nazareti, igisagara yakuriyemwo, ajanye n’abigishwa biwe.

2 Umusi w’Isabato ushitse, atangura kwigisha mw’isinagogi; benshi bamwumvirije baratangara cane. Barabazanya bati: “Mbega ivyo yigisha yabikuye he? Ubu bwenge n’ubu bushobozi bwo gukora ibitangaza yabikuye he?

3 Mbega uwu si wa mubaji, nyina si Mariya, abo bavukana si Yakobo, Yosefu, Yuda na Simoni? Bashiki biwe si ababanyi bacu?” Maze ivyo birabatsitaza, bituma batamwizera.

4 Yesu arababwira ati: “Uwuvugishwa n’Imana arubahwa hose kiretse iwabo no mu muryango wiwe.”

5 Nta gitangaza yahakoreye kiretse abantu bake yarambitseko ibiganza, arabasengera, barakira.

6 Maze atangazwa cane n’ukutizera kwabo. Nuko Yesu agendagenda yigisha, ava mu mihana aja mu yindi.


Yesu arungika abigishwa biwe cumi na babiri

7 Akoranya abigishwa biwe cumi na babiri, abarungika ari babiri babiri, abaha ububasha bwo kwirukana impwemu zihumanye.

8 Ababwira abihanikiriza ati: “Ntihagire ikintu na kimwe mujana ku rugendo kiretse inkoni yo kwishimikiza. Ntimujane ivyokurya, amasakoshi, canke amafaranga mu mipfuko yanyu.

9 Mwambare ibirato kandi ntihagire impuzu yo gukuranya mutwara.

10 Inzu muzokwinjiramwo bakabakira, muze muyigumemwo kugeza muvuye aho hantu.

11 Nimwaja ahantu bakanka kubakira canke kubumviriza, muze mukunkumure umukungugu wo ku birenge vyanyu, muhave. Ico kizobabera ikimenyetso co kubagiriza.”

12 Nuko baragenda bigisha abantu ivyo kwihana;

13 birukana abadayimoni benshi kandi basiga amavuta abarwaye benshi, barabasengera barakira.


Herode azazanirwa n’ivya Yesu

14 Muri iyo misi, Umwami Herode Antipa yumva inkuru za Yesu kuko yari yamaze kumenyekana cane. Bamwe bavuga bati: “Yohana Umubatizi yazutse, ni co gituma afise ubushobozi bwo gukora ibitangaza.”

15 Abandi bavuga bati: “Ni Eliya.” Hariho n’abandi babavuga bati: “Ni uwuvugishwa n’Imana, asa n’umwe mu bavugishwa n’Imana ba kera.”

16 Ariko Herode avyumvise aravuga ati: “Ko Yohana ari jewe namuciye umutwe, yoba yazutse!”

17 Herode Antipa ubwiwe ni we yari yatanze itegeko ryo gufata Yohana, kumuboha no kumupfunga. Ivyo yabikoze abitumwe na Herodiya, uwo yari yararongoye kandi yari asanzwe ari muka Filipo, uwo bavukana.

18 Kuko Yohana yama abwira Herode ati: “Ntivyemewe ko urongora umugore w’uwo muvukana.”

19 Ivyo vyatumye Herodiya amwanka urunuka, yipfuza kumwica. Ariko ntiyabishobora,

20 kuko Herode yatinya Yohana akamukingira. Yari amuzi nk’umuntu w’umugororotsi kandi w’intungane. Igihe cose yamwumviriza, ivyiwe vyaramubuza amahoro, ariko kandi agakunda kumwumviriza.

21 Maze igihe kimwe Herodiya aronka akaryo. Ku musi mukuru wo kwibuka ivuka ryiwe, Herode yateguye umusi mukuru atumira abategetsi bakurubakuru bo ku ngoma yiwe, abo mu gisoda hamwe n’abatware bo mu ntara ya Galilaya.

22 Maze umukobwa wa Herodiya araza aratamba, anezereza cane Herode n’abatumire biwe. Umwami aca abwira uwo mukobwa ati: “Nsaba ico ushaka cose, ndakiguha.”

23 Ivyo yabimwemereye ashizeko indahiro ati: “Ico unsaba cose ndakiguha, naho coba igice c’ubwami bwanje.”

24 Wa mukobwa arasohoka abaza nyina ati: “Nsabe iki?” Na we aramwishura ati: “Saba umutwe wa Yohana Umubatizi!”

25 Ubwo nyene wa mukobwa ariruka asubira aho umwami ari, aramubwira ati: “Nsavye ko umpa ubu nyene umutwe wa Yohana Umubatizi kw’isiniya!”

26 Maze umwami Herode arababara cane, ariko kubera indahiro yarahiye imbere y’abatumire, ntiyashobora kumwankira ico asavye.

27 Nuko aca arungika umusoda amutegeka kuzana umutwe wa Yohana. Wa musoda aja mw’ibohero, aca umutwe Yohana,

28 agaruka awuzanye kw’isiniya, awuha wa mukobwa na we awuha nyina.

29 Abigishwa ba Yohana bavyumvise baraza batora ikiziga ciwe baja kugihamba.


Yesu agaburira abantu ibihumbi batanu

30 Intumwa zigarutse zikoranira aho Yesu ari, zimwiganira ivyo zakoze n’ivyo zigishije.

31 Kubera hari uruja n’uruza rw’abantu benshi ku buryo batashobora no kuronka akaryo ko gufungura, Yesu aca ababwira ati: “Nimuze tuje mu kibanza gitekanye, turuhuke.”

32 Nuko bafata ubwato baja ahantu hiherereye.

33 Ariko benshi bababona bakiva aho hantu, barabamenya, baca bava mu bisagara vyinshi bariruka n’amaguru, babatangayo.

34 Yesu amaze kuva mu bwato abona abantu isinzi, bamutera ikigongwe, kuko bari bameze nk’intama zitagira umwungere. Nuko atangura kubigisha vyinshi.

35 Buriko burira, abigishwa biwe baza aho ari, bamubwira bati: “Aha hantu turi ni mu gahinga kandi buriko burira.

36 Rungika aba bantu baje mu misozi no mu mihana yo hafi kugira ngo bigurire ivyo barya.”

37 Yesu arabishura ati: “Nimubagaburire mwebwe nyene.” Na bo baramubwira bati: “Mbega twokura hehe idenariyo amajana abiri zo kugura ivyokurya bikwiye aba bantu?”

38 Yesu arababaza ati: “Mufise imikate ingahe? Genda murabe.” Bagarutse bamubwira bati: “Dufise imikate itanu n’ifi zibiri.”

39 Nuko abatuma kwicarika abantu mu mirwi ahantu hari ubwatsi butotahaye.

40 Bicara mu mirwi y’abantu ijana ijana na mirongo itanu itanu.

41 Yesu afata ya mikate itanu na za fi zibiri, arangamiza mw’ijuru, abishimira Imana. Hanyuma amanyagura ya mikate, ayihereza abigishwa ngo bagaburire abantu. Abagaburira na za fi bose.

42 Nuko bose bararya kandi barahaga.

43 Hanyuma abigishwa begeranya ibiseke cumi na bibiri y’ivyasigaye kuri ya mikate na za fi.

44 Abariye bari abagabo ibihumbi bitanu.


Yesu agendera hejuru ku mazi

45 Hanyuma y’ivyo, Yesu abwira abigishwa biwe ngo baje mu bwato babe baragenda bamwitangire imbere mu kujabuka i Betesayida; na we asigare arasezera abantu.

46 Ahejeje kubasezera, aca aduga ku musozi gusenga.

47 Bumaze kwira, bwa bwato bwari bugeze hagati mu kiyaga, Yesu we yari akiri ku musozi.

48 Akiri aho, abona ko abigishwa biwe bafise ingorane nyinshi mu gusoza kuko umuyaga waza ubaturutse imbere. Ijoro ryitereye bugiye guca, aza aho bari, agendagenda ku mazi, asa n’uwugira abarengane.

49 Bamubonye agendera ku mazi, bagira ngo ni umuzimu, baca bakoma induru,

50 kuko bose bari bagize ubwoba bwinshi. Aca arababwira ati: “Humura! Ni jewe. Ntimugire ubwoba.”

51 Nuko atambukira mu bwato maze umuyaga uca urahagarara. Na bo baratangara cane,

52 kuko na ca gitangaza c’imikate batari bwagitahure, bitumwe n’uko imitima yabo yari ikomantajwe n’ukutizera.

53 Bamaze kujabuka, bashika hakurya ahitwa Genezareti, babohera ubwato i musozi.

54 Bururutse ubwato, abantu barababona, bamenyamwo Yesu.

55 Baca bakwiragira muri ako karere kose bazana abantu barwaye ku nderuzo, bakabajana aho bumvise ko Yesu ari hose.

56 Kandi aho yaja hose, haba mu mihana, mu bisagara canke mu misozi, abantu bazana abarwaye babo bakabashira ahabona, maze bakamwinginga ngo abareke bakore ku musozo w’impuzu yiwe, kandi ababukorako bose baca bakira.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan