Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Mariko 5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Yesu akiza umuntu arimwo impwemu mbi

1 Nuko bashika hakurya y’ikiyaga c’i Galilaya, mu ntara ya Gerasene.

2 Yesu avuye mu bwato, umuntu arimwo impwemu ihumanye aza guhura na we avuye mu mva.

3 Uwo muntu yaba mw’itongo ry’abapfuye kandi nta muntu yashobora kumuboha, naho yokoresheje iminyororo.

4 Kuko kenshi bamubohesha iminyororo ku maboko n’ivyuma ku maguru, ariko iyo minyororo yarayicagagura, n’ivyo vyuma akabivunagura. Nta muntu n’umwe yashobora kumutururuza.

5 Uko bukeye, uko bwije, yagendagenda mu mva no ku misozi aboroga kandi yikomeretsa n’amabuye akarishe.

6 Uwo muntu abonye Yesu akiri kure, ariruka apfukama imbere yiwe.

7 Arasemerera n’ijwi rirenga ati: “Mbega undonderako iki ga Yesu, Mwana w’Imana Musumbavyose? Ndakwinginze mw’izina ry’Imana ntunkubagure!”

8 Ivyo yabivuze kuko Yesu yari ahejeje kuvuga ati: “Wa mpwemu mbi we, muvemwo!”

9 Yesu aramubaza ati: “Witwa nde?” Na we arishura ati: “Nitwa Gitero, kuko turi benshi.”

10 Nuko za mpwemu mbi zinginga Yesu zishimitse ngo ntazirukane muri iyo ntara.

11 Hafi y’aho, hari umukuku w’ingurube zari ziragiwe ku musozi.

12 Abo badayimoni binginga Yesu bati: “Twemerere uturungike muri ziriya ngurube, tuzinjiremwo.”

13 Nuko Yesu arabemerera. Izo mpwemu mbi ziva muri wa muntu zinjira muri za ngurube. Izo ngurube zashika nk’ibihumbi bibiri. Nuko ziva kuri wa musozi ziruka zimanuka mu kiyaga zicwa n’amazi.

14 Abari baziragiye baca barahunga, baja kubivuga mu gisagara co hafi y’aho no mu misozi ihegereye. Nuko abantu barakorana baza kuraba ivyabaye.

15 Bashitse aho Yesu ari, babona wa muntu yari yaraboshwe n’abadayimoni menshi yicaye, yambaye kandi afise ubwenge bukwiye, maze bagira ubwoba.

16 Ababonye uko vyagenze baca babiganira ivyabaye kuri wa muntu yari aboshwe n’abadayimoni no kuri za ngurube.

17 Maze abo bantu baca binginga Yesu ngo abavire mu ntara.

18 Yesu ariko arurira mu bwato, wa muntu yari yaraboshwe n’abadayimoni aramwinginga ngo bajane.

19 Ariko Yesu ntiyamwemerera, ahubwo amubwira ati: “Subira i muhira mu muryango wawe, ubabwire ivyo Umwami Imana yagukoreye vyose, n’ingene yakugiriye imbabazi.”

20 Wa muntu aca arataha aca i Dekapolisi, atangura kuvuga ivyo Yesu yamukoreye. Abantu bose bavyumvise baratangara cane.


Yesu azura umwana, akiza n’umugore arwaye

21 Yesu amaze kujabuka agasubira hakurya y’ikiyaga, abantu isinzi baraza bakoranira hafi y’ikiyaga aho yari ari.

22 Maze haza umwe mu bakuru b’isinagogi, yitwa Yayiro. Abonye Yesu, apfukama imbere yiwe,

23 aramwinginga ati: “Umukobwa wanje ari ku mpfiro. Ndakwinginze uze umurambikeko ibiganza akire abe muzima.”

24 Nuko Yesu ajana na we. Kandi hari abantu isinzi bari bamukurikiye, bamubanda.

25 Muri bo harimwo n’umugore yari amaze imyaka cumi n’ibiri arwaye ingwara yo mu gitereko yo kuva amaraso.

26 Yari yarivuje ku baganga benshi kandi atanga ivyo yari afise vyose, ariko aho gukira abandanya aremba.

27 Yumvise inkuru za Yesu, araza amuturuka inyuma, aca muri rya sinzi ry’abantu, akora ku mpuzu yiwe,

28 kuko yibwira ati: “Naho nokora ku mpuzu yiwe gusa, nokira.”

29 Ubwo nyene ya maraso arahagarara, yumva mu mubiri wiwe ko akize ingwara yiwe.

30 Ako kanya nyene Yesu yumva ko hari ubushobozi bumuvuyemwo. Ahindukirira rya sinzi ry’abantu, arababaza ati: “Ni nde akoze ku mpuzu zanje?”

31 Abigishwa biwe baramwishura bati: “Abantu bariko bakubanda impande zose, none uriko ubaza ngo: ‘Ni nde ankozeko?’  ”

32 Ariko Yesu abandanya araba hirya no hino kugira ngo arabe ko yobona uwamukozeko.

33 Wa mugore, kuko yari azi ivyamubayeko, aza ajugumira kubera ubwoba, apfukama imbere y’ibirenge vya Yesu, amubwira ukuri kwose.

34 Yesu aramubwira ati: “Mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije, igire amahoro kandi ukire icago cawe.”

35 Yesu akiriko aravuga, haza abantu bavuye kwa Yayiro, wa mukuru w’isinagogi, baramubwira bati: “Umukobwa wawe yamaze gucikana. Ni kuki ubandanya ugora umwigisha?”

36 Yesu yumvise ivyo bavuze, aca abwira Yayiro ati: “Ntutinye, wizere gusa.”

37 Ntiyemerera umuntu n’umwe kumukurikira kiretse Petero, Yakobo na Yohana mwene nyina wa Yakobo.

38 Bashitse i muhira kwa wa mukuru w’isinagogi, Yesu ahasanga urwamo rwinshi, abantu barira, abandi na bo bavuza induru n’ijwi rirenga.

39 Nuko arinjira, ababwira ati: “Ni kuki hari induru n’amarira? Umwana ntiyapfuye, arasinziriye.”

40 Ba bantu baramushinyagurira. Amaze kubasohora bose, yinjirana na se na nyina b’umwana hamwe na ba bigishwa bari kumwe na we, baja aho umwana ari.

41 Amufata ukuboko aramubwira ati: “Talita Kumi!” (bisigura ngo: “Gakobwa, ndakubwiye nti vyuka!”)

42 Ako kanya wa mukobwa arahaguruka atangura kugendagenda (yari afise nk’imyaka cumi n’ibiri). Babonye ibibaye, bose baratangara cane.

43 Maze Yesu arabihaniza ashimitse ngo ntihagire umuntu n’umwe babwira ivyabaye, yongera ababwira ngo bagaburire uwo mwana.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan