Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Mariko 16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Ukuzuka kwa Yesu

1 Isabato iheze, Mariya Magadalena, Mariya nyina wa Yakobo na Salome baja kugura amavuta amota neza kugira ngo baje kuyasiga umubiri wa Yesu.

2 Kare mu gitondo ku musi wa mbere utangura indwi, izuba riserutse, bafata inzira baja ku mva.

3 Bariko baragenda barabazanya bati: “Ni nde aja kudukurira ca kibuye ku bwinjiriro bw’imva?”

4 Ariko bahashitse, bararaba babona ca kibuye camaze kuvaho.

5 Binjiye mu mva, babona umuntu asa n’umusore yambaye ikanzu yera cane, yicaye ku ruhande rw’i buryo, maze bagira ubwoba.

6 Na we arabaremesha ati: “Ntimugire ubwoba! Ndazi ko murondera Yesu w’i Nazareti, umwe babamba. Ntari hano kuko yazutse! Nimuze murabe aho bari baryamitse ikiziga ciwe!

7 Nimugende mubibwire abigishwa biwe, na canecane Petero, ko Yesu agiye kubarindirira i Galilaya. Aho ni ho muzomusanga nk’uko yabibabwiye.”

8 Nuko ba bagore barasohoka barahunga baja kure ya ya mva bajugumira kandi bazazaniwe, ntibagira n’umwe babibwira kuko bari bafise ubwoba bwinshi. [

9 Yesu amaze kuzuka, mu gatondo ku musi wa mbere w’indwi, yabanje kwiyereka Mariya Magadalena, uwo yari yarirukanyemwo abadayimoni indwi.

10 Na we aca aja kubwira abigishwa iyo nkuru. Abigishwa bari bakigandaye, bamuririra.

11 Naho bari bumvise ko Yesu ari muzima kandi ko yamwiboneye, ntibizeye ivyo ababwiye.

12 Inyuma y’aho Yesu arongera yiyereka, mu bundi buryo, babiri bo muri bo bariko baja mu gihugu hagati.

13 Maze baca baragaruka babibwira abandi, ariko na bo nyene ntibizera ivyo bababwiye.

14 Mu nyuma Yesu yiyereka bamwe cumi n’umwe bariko barasangira. Arabahambarira kubera ukutizera n’ugukomantaza imitima kuko banse kwemera ivyo babwiwe n’abamubonye amaze kuzuka.

15 Arababwira ati: “Nimugende mw’isi yose, mubwire Ubutumwa Bwiza abaremwe bose.

16 Uwizera wese akabatizwa azokizwa, ariko uwutizera azocirwa urubanza.

17 Kandi ibi ni vyo bimenyetso bizoboneka ku bizera: bazokwirukana abadayimoni mw’izina ryanje, bazovuga indimi nshasha,

18 bazofata inzoka mu biganza vyabo; kandi nibanywa ivyica, nta co bizobagira. Bazorambika ibiganza ku barwaye, kandi bazokira.”

19 Umwami Yesu ahejeje kubabwira ivyo, aca aduzwa mw’ijuru, yicara mu kibanza c’icubahiro i buryo bw’Imana.

20 Hanyuma abigishwa baca baja mu mihingo yose bavuga Ubutumwa Bwiza, kandi Umwami Yesu akorana na bo, ashingira intahe Ijambo ryiwe biciye mu bitangaza vyarikurikira.]

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan