Mariko 12 - Bibiliya mu Kirundi corosheUmugani w’ababikijwe uruzabibu babi 1 Nuko Yesu atangura kubigisha akoresheje imigani. Arababwira ati: “Umuntu yateye imizabibu mw’itongo ryiwe, ararizitirira, yimba ikinogo co kuganiramwo imizabibu, yubaka n’umunara wo gucungererako urwo ruzabibu. Hanyuma azeza uwo murima abarimyi, afata urugendo rwa kure. 2 Iyimbura rigeze, atuma umukozi wiwe kuri ba barimyi gutora igice c’umwimbu kimwegukira. 3 Ba barimyi bafata uwo mukozi, baramukubita, bamurungika iminwe misa. 4 Yongera arungika uwundi mukozi, na we baramucokora, bongera bamukubita mu mutwe. 5 Hanyuma arungika uwundi mukozi, uwo we baca baramwica. Yarungitse abakozi benshi, bamwe barabakubita, abandi barabica. 6 Umuhungu wiwe akunda cane ni we yari asigaranye yashobora gutuma. Nuko amurungika ubwa nyuma yibwira ati: ‘Umuhungu wanje we bazomusonera.’ 7 Ariko ba barimyi bamubonye baravugana bati: ‘Uwu ni we azoba samuragwa. Reka tumwice kugira ngo twegukire ivyo yorazwe.’ 8 Nuko baca baramufata, baramwica, bamukwegera inyuma y’umurima w’uruzabibu. 9 None mwibaza ko nyene uruzabibu niyaza azobagira gute? Azoza yice abo barimyi, maze urwo ruzabibu aruzeze abandi. 10 Mbega ntimurasoma aya majambo yo mu Vyanditswe avuga ngo: ‘Ibuye abubatsi bagaye, ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka. 11 Ibi Uhoraho ni we yabikoze, kandi ni igitangaza mu maso yacu.’ ” 12 Nuko abakuru b’abaherezi, abigisha b’ivyagezwe n’abakuru b’ubwo bwoko barondera ingene bomufata kuko bari batahuye ko ari bo yariko aravuga muri uwo mugani. Ariko barabitinya kubera abantu, baca bamusiga aho baragenda. Gutanga ikori rya Kayisari 13 Mu nyuma abakuru b’idini barungika bamwe mu Bafarisayo bari kumwe n’abashigikiye Herode Antipa kugira ngo batege umutego Yesu, bamufatire ku majambo avuga. 14 Baza aho ari baramubaza bati: “Mwigisha, turazi ko uri umuntu w’imvugakuri. Wewe ntutinya igitsure c’abantu, kuko ntuterwa ubwoba n’igihagararo cabo, ahubwo wigisha inzira ihimbara Imana mu kuri kwose. None tubwire: Biremewe gutanga ikori turiha Kayisari canke ntivyemewe? 15 Dukwiye kuritanga canke ntidukwiye kuritanga?” Ariko kuko Yesu yari azi uburyarya bwabo, arabishura ati: “Ni kuki muriko mugerageza kuntega umutego? Nzanira igiceri c’idenariyo ico ndaba.” 16 Nuko bamuzanira ca giceri. Arababaza ati: “Mbega iyi shusho n’ibi vyandiko biriko ni ivya nde?” Na bo bati: “Ni ivya Kayisari.” 17 Na we asubizayo ati: “Ivya Kayisari nimubihe Kayisari, ivy’Imana mubihe Imana.” Maze iyo nyishu irabatangaza cane. Ivy’abagabo n’abagore inyuma y’izuka 18 Hanyuma Abasadukayo, basanzwe bavuga ko abapfuye batazozuka, baza aho ari baramubaza bati: 19 “Mwigisha, Mose yaduhaye ivyagezwe bivuga ko iyo umuntu apfuye, agasiga umugore atagira abana, uwo bavukana ategerezwa kurongora uwo mupfakazi kugira ngo aronkere uruvyaro uwo yapfuye. 20 Rero, harigeze kuba abavukana indwi. Mukuru muri bo ararongora, ariko apfa atavyaye. 21 Hanyuma uwa kabiri arongora wa mupfakazi, ariko na we nyene apfa atavyaye. Umuhungu wa gatatu na we nyene bimugendera gutyo. 22 Bibandanya uko, ku buryo ata muhungu n’umwe yamusigaranye abana. Maze mu nyuma wa mugore na we arapfa. 23 None ku musi w’izuka ry’abapfuye, uwo mugore azoba uwa nde, ko yabaye umugore w’abo indwi bose?” 24 Yesu arabishura ati: “Mwarazimiye kuko mudatahura ico Ivyanditswe Vyera bivuga, ntimumenye n’ubushobozi bw’Imana. 25 Aho abapfuye bazozukira, abantu ntibazorongora canke ngo barongorwe; kuko bazoba bameze nk’abamarayika bo mw’ijuru. 26 Ku bijanye n’izuka ry’abapfuye, mbega Nta ho murasoma mu gitabu ca Mose, aho yandika ivy’igisaka caka kitarurumba? Handitswe ko Imana yamubwiye iti: ‘Ndi Imana ya Aburahamu, ya Isaka, n’iya Yakobo.’ 27 Si Imana y’abapfuye, ariko ni Imana y’abazima. Ni co gituma nababwiye ko mwazimiye cane!” Ibwirizwa rikuru 28 Umwe mu bigisha b’ivyagezwe yari ahagaze ngaho yumviriza ingene bavugana; yumvise ko Yesu yishuye neza abasadukayo, aramubaza ati: “Ni irihe bwirizwa riruta ayandi yose?” 29 Yesu aramwishura ati: “Ibwirizwa riruta ayandi yose ni iri: ‘Umviriza yewe Isirayeli! Uhoraho Imana yawe, ni yo Mana imwe rudende. 30 Ukundishe Uhoraho Imana yawe umutima wawe wose, umushaha wawe wose, ubwenge bwawe bwose n’inkomezi zawe zose.’ 31 Irya kabiri ni iri: ‘Ukunde mugenzawe nk’uko wikunda wewe nyene.’ Nta bwirizwa ryoza riruta ayo.” 32 Wa mwigisha w’ivyagezwe arishura ati: “Mwigisha, wishuye neza cane! Ivyo uvuze ni ukuri; ko Imana ari imwe kandi ko ata yindi iriho kiretse yo yonyene; 33 kandi ko dukwiye kuyikundisha imitima yacu yose, ubwenge bwacu bwose; n’inkomezi zacu zose, kandi tugakunda bagenzi bacu nk’uko twikunda. Ivyo birahambaye kurusha gushikanira Imana ayandi mashikanwa yose n’ibimazi vy’ibikoko.” 34 Yesu abonye ko yishuranye ubwenge, aramubwira ati: “Nturi kure y’Ubwami bw’Imana.” Inyuma y’ivyo nta muntu yasubiye kwubahuka kumubaza ibibazo. Kristo ni umwana wa nde? 35 Hanyuma, Yesu ariko arigisha mu rusengero, abaza ati: “Mbe ni kuki abigisha b’ivyanditswe bavuga ko Kristo ari umwana wa Dawidi? 36 Dawidi ubwiwe, aho yavugishwa na Mpwemu Yera, yavuze ati: ‘Uhoraho yabwiye Umwami wanje ati: Icara i buryo bwanje, kugeza abansi bawe bose, ndabashize musi y’ibirenge vyawe.’ 37 None ko Dawidi ubwiwe amwita Umwami, yoba umwana wiwe gute?” Abantu benshi bari ngaho bamwumviriza buzuye umunezero. Avuga ku bigisha b’ibinyoma 38 Akiriko arigisha, Yesu avuga ati: “Mwirinde abigisha b’ivyagezwe. Bakunda kugendagenda bambaye amakanzu maremare y’icubahiro, no kuramutswa mu cubahiro mu makoraniro y’abantu. 39 Bakunda kandi guhabwa ivyicaro vy’icubahiro mu masinagogi no mu misi mikuru. 40 Barya amazu y’abapfakazi bakabatwara ivyabo, kandi bakabandanya biyerekana nk’abantu beza mu gusenga amasengesho maremare. Ni co gituma bazohanwa kurusha abandi.” Ishikanwa ry’umupfakazi 41 Nuko Yesu yicara hafi y’ico batorezamwo amashikanwa mu rusengero, araba ingene abantu bashiramwo amafaranga y’ishikanwa. Benshi mu batunzi batanga menshi. 42 Ariko umupfakazi umwe araza ashiramwo ibiceri bibiri vy’agaciro gato cane. 43 Nuko Yesu ahamagara abigishwa biwe arababwira ati: “Ndababwire ukuri, uwu mupfakazi w’umukene atanze ishikanwa rinini kurusha abandi bose. 44 Bose batanze ku musesekara w’ubutunzi bwabo; ariko we, mu bukene bwiwe, atanze ivyomubeshejeho vyose.” |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.