Mariko 11 - Bibiliya mu Kirundi corosheYesu yinjira i Yerusalemu nk’Umwami 1 Bariko baregereza i Yerusalemu, Yesu n’abigishwa biwe bashika ahitwa Betifage n’i Betaniya ku Musozi wa Elayono. Yesu atuma babiri mu bigishwa biwe, 2 arababwira ati: “Nimugende muri iriya mihana iri imbere yanyu; nimwahashika, murahasanga inyana y’indogoba iziritse ata muntu n’umwe arayigenderako. Muce muyizitura muyizane hano. 3 Nihagira uwubabaza ati: ‘Ivyo mukora ni ibiki?’ Mumwishure muti: ‘Umwami arayikeneye’ kandi aca ayibasubiza adatevye.” 4 Nuko baragenda basanga inyana y’indogoba ihagaze mu nzira, iziritse imbere y’irembo. Bariko barayizitura, 5 bamwe mu bantu bari bahagaze aho barababaza bati: “Ivyo mukora ni ibiki? Kuki muzitura iyo nyana y’indogoba?” 6 Na bo babishura nk’uko Yesu yababwiye, maze barabareka barayijana. 7 Nuko baca bayizanira Yesu, bayisasako impuzu zabo, na we ayicarako. 8 Maze abantu benshi basasa impuzu zabo mu nzira, abandi na bo basasa amashami y’ibiti baciye ku misozi. 9 Abari imbere ya Yesu n’abari inyuma yiwe bagenda barasemerera bavuga bati: “Hozana!” “Hahezagirwe uwuje mw’izina ry’Uhoraho!” 10 “Hahezagirwe ubwami bwa sogokuruza Dawidi buje!” “Hozana hejuru mw’ijuru!” 11 Nuko Yesu ashitse mu gisagara i Yerusalemu, aja mu rusengero. Amaze kwihweza ivyari aho, aca arasohoka asubirana i Betaniya na bamwe cumi na babiri, kuko bwari bwije. Yesu avuma igiti c’umusukoni 12 Ku musi ukurikira, bariko baragenda bava i Betaniya, Yesu yumva arashonje. 13 Akiri kure abona igiti c’umusukoni gitotahaye, aca aja kuraba ko hari ivyamwa gifise. Agishikiriye ntiyagira icamwa agisangako, atari amababi kuko kitari igihe caco co kwama. 14 Maze aca abwira ico giti ati: “Ntugasubire kwama na rimwe!” Ivyo yabivuze abigishwa biwe bumva. 15 Yesu ashitse i Yerusalemu, yinjira mu rusengero atangura kwirukana abadandaza n’abariko baragura. Ahenagura imeza z’abavunja amahera hamwe n’intebe z’abadandaza inuma, 16 ntiyemerera umuntu n’umwe kwinjiza ibidandazwa mu rusengero. 17 Nuko aca arabigisha ati: “Mbega Ivyanditswe ntibivuga ngo: ‘Inzu yanje izoba iyo gusengerwamwo n’amahanga yose’ ? Ariko mweho mwayihinduye ‘ubwihisho bw’ibisuma.’” 18 Abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyanditswe bavyumvise baca batangura kurondera ingene bomwica. Ariko baramutinya kuko abantu bakunda cane inyigisho ziwe. 19 Bugorovye, Yesu n’abigishwa biwe barasohoka bava mu gisagara. 20 Bukeye mu gitondo, bariko baragenda, babona ca giti c’umusukoni Yesu yavuma cumye kuva mu mizi. 21 Petero aca aravyibuka maze abwira Yesu ati: “Mwigisha, ehe ca giti wavuma cumye!” 22 Yesu aca ababwira ati: “Mukomere mu kwizera Imana. 23 Ndababwire ukuri, umuntu yobwira uwu musozi ati: ‘Shinguka, witerere mu kiyaga,’ avyizeye adakekeranya mu mutima wiwe ariko yizeye ko ivyo avuze biba, vyogenda nk’uko yabisavye. 24 Ni co gituma ndababwira ko ico muzosaba cose mu gusenga, mukwiye kwizera ko mwamaze kukironka, kandi Imana izokibaha. 25 Ariko imbere y’uko mutangura gusenga, mubanze mubabarire umuntu wese yabacumuyeko, kugira ngo So wo mw’ijuru na we abaharire ivyaha vyanyu. [ 26 Ariko nimutaharira abandi, na So wo mw’ijuru ntazobaharira ivyaha mwakoze.]” Babaza Yesu aho ubushobozi bwiwe buva 27 Nuko Yesu n’abigishwa biwe basubira i Yerusalemu. Yesu ariko aragendagenda mu rusengero, abakuru b’abaherezi, abigisha b’ivyagezwe, n’abakuru b’Abayuda baza aho ari, 28 baramubaza bati: “Ni ubuhe bubasha butuma ukora ivyo? Ni nde yabuguhaye?” 29 Yesu arabishura ati: “Ndababwira aho ububasha butuma nkora ibi buva, nimwishura ikibazo kimwe ngira ndababaze. 30 Mbega umubatizo wa Yohana wavuye ku Mana yo mw’ijuru canke ku bantu? Nimunyishure.” 31 Baravugana hagati yabo bati: “Nitwavuga tuti: ‘Wavuye mw’ijuru,’ ahava atubaza ati: ‘None ni kuki mutizeye ivyo Yohana yavuze?’ 32 Kandi ntitwovuga tuti: ‘Wavuye ku bantu.’ ” (Kuko baratinya isinzi ry’abantu bari aho, kuko abantu bose baremera ko Yohana yari uwuvugishwa n’Imana.) 33 Ni ko kwishura Yesu bati: “Ntituzi uwabumuhaye.” Na we aca ababwira ati: “Nanje sindababwira aho ububasha butuma nkora ibi buva.” |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.