Luka 7 - Bibiliya mu Kirundi corosheUkwizera kw’umusoda w’Umuroma 1 Yesu ahejeje kwigisha abantu muri ayo majambo yose, aca aja i Kaperinawumu. 2 Aho hari umusoda mukuru w’Umuroma yari afise umukozi yakunda cane. Uwo mukozi yari arwaye, ari hafi yo gupfa. 3 Yumvise inkuru za Yesu, aca arungika bamwe mu bakuru b’Abayuda, ngo bamwinginge aze akize umukozi wiwe. 4 Bashitse aho Yesu ari, baramwinginga bashimitse bati: “Uwu muntu birakwiye ko umufasha, 5 kuko arakunda ihanga ryacu kandi yaratwubakiye n’isinagogi.” 6 Yesu aca ajana na bo. Ari hafi yo gushika, wa musoda aca arungika abagenzi biwe ngo baje kumubwira bati: “Mwami, ntiwirirwe urigora, kuko ntibimbereye kukwakira mu nzu yanje. 7 Simbereye no kuza aho uri ngo duhure. Ariko vuga ijambo rimwe gusa, umukozi wanje arakira. 8 Kuko nanje ndafise abantegeka kandi mfise n’abasoda ntegeka. Iyo mbwiye umwe nti: ‘Genda,’ aca agenda; nabwira uwundi nti: ‘Ngwino,’ agaca aza; kandi iyo mbwiye umukozi wanje nti ‘Kora iki,’ aca agikora.” 9 Yesu avyumvise aratangara cane, aca arahindukira abarira abo bari kumwe ati: “Ndababwire ukuri, no muri Isirayeli, sinari bwabone uwufise ukwizera gukomeye nk’uku.” 10 Maze bamwe bari batumwe baragaruka, basanga wa mukozi yakize. Yesu asubiza ubuzima uwapfuye 11 Inyuma y’ivyo Yesu aca amanuka mu gisagara citwa Nayini, ari kumwe n’abigishwa hamwe n’isinzi ry’abantu bamukurikiye. 12 Ageze hafi y’irembo ry’igisagara, haza abantu bagiye guhamba umuntu. Yari umuhungu w’ikinege kandi nyina yari umupfakazi. Hariho kandi n’isinzi ry’abantu bo muri ico gisagara bari bamuherekeje. 13 Umwami Yesu abonye uwo muvyeyi, amugirira impuhwe, aca amubwira ati: “Reka kurira!” 14 Maze Yesu yegera isandugu yarimwo ikiziga, abari bayiteruye baca barahagarara. Hanyuma avuga ati: “Muhungu, ndakubwiye, haguruka!” 15 Wa muhungu yari yapfuye aravyuka, atangura kuvuga, Yesu aca amusubiza nyina. 16 Abari aho bose baterwa n’ubwoba, bongera bashima Imana, bati: “Uwuvugishwa n’Imana ahambaye yatwiyeretse, Imana yaje gutabara abantu bayo.” 17 Nuko inkuru ya Yesu ikwira i Yudaya hose no mu micungararo yaho. Yesu na Yohana Umubatizi 18 Maze abigishwa ba Yohana Umubatizi baragenda bamubwira ivyo Yesu ariko arakora vyose. Aca ahamagara babiri muri bo, 19 abatuma kubaza Umwami Yesu bati: “Ni wewe twari twiteze ko uzoza canke twitege uwundi?” 20 Bashikiriye Yesu bamubwira bati: “Yohana Umubatizi adutumye ngo tukubaze: ‘Woba uri umwe yategerezwa kuza, canke turindire uwundi?’ ” 21 Ako kanya nyene Yesu aca akiza abantu benshi bari bafise ingwara n’ubumuga butandukanye, ababoshwe n’impwemu mbi, ahumura n’impumyi nyinshi. 22 Maze abarira ba bigishwa ati: “Genda mubarire Yohana ivyo mwabonye n’ivyo mwumvise: impumyi zirahumuka, ibimuga biragenda, abanyamibembe barahumanuka, ibipfamatwi birumva, abapfuye barazuka, kandi aboro barabwirwa Ubutumwa Bwiza. 23 Harahiriwe uwudakekeranya ivyanje.” 24 Ba bigishwa bamaze kugenda, Yesu aca atangura kuvuga ivyerekeye Yohana Umubatizi, ati: “Mbega mwagiye kuraba iki mu bugaragwa? Ni irenga rizungagizwa n’umuyaga? 25 Canke mwari mugiye kuraba umuntu yambaye impuzu z’igiciro kinini? Haba na mba! Abambara impuzu z’agaciro n’abiyamira mu bikayangana baba mu birimba. 26 None mwagiye kuraba iki? Uwuvugishwa n’Imana? Egome cane, ndababwiye ko mwagiye kuraba uwuruta uwuvugishwa n’Imana. 27 Kuko uwo ni we Ivyanditswe bivugako ngo: ‘Ngira ndungike intumwa yanje imbere yawe, igutegurire inzira.’ 28 Ndababwire ukuri, mu bantu bose bavyawe n’abagore, nta wungana na Yohana; ariko umuntu mutoya musi y’abandi mu Bwami bw’Imana arahambaye kumuruta.” 29 (Maze abantu bose, harimwo n’abatozakori, bumvise ayo majambo ya Yesu, baca baremera ko inzira z’Imana zigororotse, kuko bari babatijwe na Yohana. 30 Ariko Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe bo banka umugambi w’Imana kuri bo, kuko bari baranse ko Yohana ababatiza.) 31 Yesu yongera kubabwira ati: “Mbega ab’uru runganwe nobagereranya n’iki? Bameze gute? 32 Bameze nk’abana bicaye ku mbuga, bahamagara bagenzi babo bakababarira bati: ‘Twabavugirije umwironge, ariko ntimwatamba; hanyuma tubaririmbira iz’ikigandaro, ntimwarira.’ 33 Kuko Yohana Umubatizi yaje atarya, atanywa n’umuvinyu, muvuga muti: ‘Arimwo dayimoni.’ 34 Umwana w’Umuntu na we aza arya, kandi anywa, muca muvuga muti: ‘Ni umukunzi w’inda kandi ni imborerwa, agendana n’abatozakori n’abandi banyavyaha.’ 35 Ariko icerekana ko ubwenge bugororotse ni ubuzima bw’ababwakiriye.” Yesu asigwa amavuta n’umugore w’umunyavyaha 36 Maze umwe mu Bafarisayo atumira Yesu ngo amuzimane. Nuko Yesu aragenda, yinjira mu nzu yiwe, yicara ku meza. 37 Hanyuma umugore umwe wo muri ico gisagara yari azwi nk’umunyavyaha yumva ko Yesu ariko afungurira mu nzu y’uwo Mufarisayo. Aca aza azanye icupa ririmwo amavuta amota cane y’igiciro kinini, 38 apfukama i ruhande y’ibirenge vya Yesu arira, ajojotereza amosozi yiwe ku birenge vya Yesu, abihanaguza umushatsi wiwe, arabisomagura yongera abisiga ya mavuta. 39 Wa Mufarisayo yamutumira abibonye, atangura kwivugana mu mutima ati: “Iyaba uwu muntu yari uwuvugishwa n’Imana, yari kumenya uwuriko aramukorako, akamenya uwu mugore uwo ari we, ko ari umunyavyaha.” 40 Yesu aca aramubwira ati: “Simoni, ndafise ico ndakubwira.” Simoni na we ati: “Mbarira, Mwigisha!” 41 Yesu aca amucira umugani ati: “Habaye muntu yaguranye idenariyo abantu babiri; umwe amuha ibihumbi amajana atanu, uwundi ibihumbi bitanu. 42 Abonye ata n’umwe muri abo ashoboye kumwishura, aca ayabahebera bompi. None ni nde muri abo babiri azomukunda cane?” 43 Simoni na we arishura ati: “Nibaza ko ari uwo yahebewe menshi.” Yesu aca amubwira ati: “Wishuye neza.” 44 Aca ahindukira araba wa mugore, hanyuma abwira Simoni ati: “Wabonye uwu mugore? Aho ninjira mu nzu yawe ntiwampaye amazi yo kwoza ibirenge, ariko we yatotesheje ibirenge vyanje n’amosozi yiwe, abihanaguza imishatsi yiwe. 45 Ntiwangumbiriye mu kundamutsa, ariko kuva ninjira ntahengeshanya kunsomagura ku birenge. 46 Ntiwansize amavuta ku mutwe, ariko we yansize amavuta amota cane ku birenge. 47 Nuko rero ndakubwire, yerekanye urukundo rwinshi kuko yahariwe ivyaha vyiwe vyinshi. Ariko uwahariwe bike, yerekana urukundo ruke.” 48 Yesu aca abarira wa mugore ati: “Ivyaha vyawe urabihariwe.” 49 Abandi batumire baca batangura kubazanya bati: “Mbega uwu ni nde, aho yubahuka kuvuga ko aharira abantu ivyaha?” 50 Yesu aca abarira wa mugore ati: “Ukwizera kwawe kwagukijije, igire amahoro.” |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.