Luka 6 - Bibiliya mu Kirundi corosheYesu ni Umwami w’Isabato 1 Umusi umwe, Yesu yaciye mu mirima y’ingano, kandi hari kw’Isabato. Abigishwa biwe baca batangura guca imitwe y’ingano zeze, barazivungura, bakuramwo intete, barazirya. 2 Bamwe mu Bafarisayo baramubaza bati: “Ni kuki mukora ikizira ku musi w’Isabato?” 3 Yesu arabishura ati: “Mbega ntimurasoma ivyo Dawidi yakoze igihe we n’abo bari kumwe bari bashonje? 4 Yinjiye mu nzu y’Imana, afata imikate yashikaniwe Imana arayirya; yongera ahako n’abari kumwe na we; kandi abaherezi ari bo bonyene bari bemerewe kuyirya.” 5 Yongera arababwira ati: “Umwana w’Umuntu ni we Mwami w’Isabato.” 6 Ku wundi musi w’Isabato, Yesu yinjira mw’isinagogi, atangura kwigisha. Aho hari umugabo akongataye ukuboko kw’i buryo. 7 Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe baca bamushinga ijisho kugira ngo barabe ko amukiza, maze bace bamwagiriza ko yakijije umuntu kw’Isabato. 8 Ariko Yesu amenye ivyo biyumvira mu mitima, aca abarira wa mugabo akongataye ukuboko ati: “Haguruka uhagarare hano imbere y’ishengero!” Nuko arahaguruka, ahagarara imbere. 9 Maze Yesu arababaza ati: “Mbega ni igiki cemewe gukorwa ku musi w’Isabato? Gukora iciza canke gukora ikibi? Gukiza ubuzima bw’umuntu, canke kubwica?” 10 Nuko Yesu arabitegereza bose, maze abwira wa muntu ati: “Gorora ukuboko kwawe!” Akugoroye, guca kurakira. 11 Ariko ba Bafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe barashavura cane, batangura kuja inama babazanya bati: “Yesu tumugire dute?” Yesu atoranya intumwa 12 Umusi umwe Yesu aduga ku musozi, akesha ijoro ryose asenga Imana. 13 Bukeye, akoranya abigishwa biwe bose, atoranyamwo cumi na babiri, abagira intumwa. Na bo ni aba: 14 Simoni, uwo Yesu yise Petero, mwene nyina Andereya, Yakobo, Yohana, Filipo, Baruteremi, 15 Matayo, Toma, Yakobo mwene Alufayo, Simoni Umuzelote, 16 Yuda mwene Yakobo, na Yuda Isikariyote, ari we yahavuye amugurisha. Yesu yerekana abahiriwe abo ari bo 17 Hanyuma Yesu ava kuri uwo musozi amanukana na bo, bashika ahantu hateze, bahasanga isinzi ry’abigishwa biwe, hamwe n’abandi bantu benshi bari baje bava i Yudaya, i Yerusalemu, no mu micungararo y’intara za Tiro na Sidoni yegereye ikiyaga, 18 bazanywe no kumwumviriza no kugira ngo abakize ingwara. Nuko abari baboshwe n’impwemu mbi barakira, 19 kandi abantu bose bagerageza kumukorako, kuko ububasha bwo gukiza ingwara bwamuvamwo bugakiza abantu bose. 20 Nuko Yesu yitegereza abigishwa biwe, aravuga ati: “Murahiriwe mwebwe mwumva ko mukenye, kuko Ubwami bw’Imana ari ubwanyu. 21 Murahiriwe mwebwe mushonje muri kino gihe, kuko muzohazwa. Murahiriwe mwebwe murira muri kino gihe, kuko muzotwenga. 22 Muzoba muhiriwe abantu nibabanka, bakabakumira, bakabatuka, bakabavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, babahora Umwana w’Umuntu. 23 Ico gihe muze munezerwe kuko impera yanyu izoba ari nini mw’ijuru. Kandi mwibuke ko ba sekuruza babo ari ko bagiriye abavugishwa n’Imana ba kera. 24 Ariko muragowe mwebwe abatunzi, kuko mumaze kuronka indemesho yanyu. 25 Muragowe mwebwe muhaze muri kino gihe, kuko muzosonza. Muragowe mwebwe mutwenga muri kino gihe, kuko muzobabara muboroge. 26 Muragowe mwebwe mushimagizwa na bose, kuko uko ari ko ba sekuruza babo bashimagiza abavugishwa b’ibinyoma. Mukunde abansi banyu 27 Ariko ndababwire mwebwe munyumva: Nimukunde abansi banyu, mugirire neza ababanka. 28 Muhezagire ababavuma, musengere ababagirira nabi. 29 Nihagira uwugukubita mu musaya umwe, umuhindukirize n’uwundi. Hagize uwugutwara umutamana, umuhebere n’ikanzu na yo. 30 Umuntu niyagusaba ikintu ukimuhe, uwukunyaze ivyawe ubimuhebere. 31 Ivyo mugomba ko abantu babagirira, abe ari vyo mubagirira namwe. 32 Nimwakunda ababakunda gusa, muzoba murushije iki abandi? Mbega abanyavyaha bo ntibakunda ababakunda? 33 Kandi nimwagirira neza ababagirira neza gusa, muzoba murushije iki abandi? Mbega abanyavyaha bo ntibabigenza batyo? 34 Nimwagurana abo mwizeye ko bazobasubiza bonyene, muzoba murushije iki abandi? Mbega abanyavyaha bo ntibagurana abo bizeye ko bazobasubiza yose. 35 Ariko, mukunde abansi banyu, mubagirire neza. Mubagurane mutiteze ko babasubiza, ni ho impera yanyu izoba nini mw’ijuru. Aho muzoba mwerekanye vy’ukuri ko muri abana b’Iyisumbavyose, kuko igirira neza intashima n’abanyakibi. 36 Mugire impuhwe nk’uko So wo mw’ijuru ari umunyampuhwe. Ntimugacire imanza abandi 37 Ntimugacire imanza abandi, kugira ngo namwe ntimuzonegurwe. Ntimugatsindishe abandi, kugira ngo namwe ntimuzotsindishwe. Mugire imbabazi, ni ho namwe muzozigirirwa. 38 Mutange, namwe muzohabwa. Ingero nziza, itsindagiye, inyingishe kandi isesekaye ni yo muzogererwa. Mugerera abandi ari ko namwe muzogererwa.” 39 Yesu abacira kandi uwu mugani ati: “Mbega impumyi yorongora iyindi mpumyi? Zose ntizohava zigwa mu kinogo? 40 Umwigishwa ntaruta umwigisha, ariko umwigishwa yigishijwe neza amera nk’umwigisha wiwe. 41 Ni kuki ushinga ijisho akatsi kari mu jisho rya mugenzawe, ariko ntiwiteho inkingi y’igiti iri mu jisho ryawe? 42 Ni kuki ubwira mugenzawe uti: ‘Mugenzi, tega ndagutosore akatsi kari mu jisho,’ kandi nawe ugendana inkingi y’igiti mu jisho ryawe? Wa ndyarya we, tangura ukure inkingi y’igiti iri mu jisho ryawe, ni ho uzobona neza akatsi kari mu jisho rya mugenzawe, uheze ugakureyo. Igiti n’ivyamwa vyaco 43 Nta giti ciza cama ivyamwa bibi, kandi nta giti kibi cama ivyamwa vyiza. 44 Igiti cose kimenyekanira ku vyamwa vyaco. Nta wokwamura inzabibu ku bisaka vy’amahwa, nk’uko ata wokwamura insukoni ku mitobotobo. 45 Umuntu mwiza akura ivyiza mu bubiko bwiza bw’umutima wiwe, umubi na we agakura ibibi mu bubiko bubi bw’umutima wiwe. Kuko ivyuzuye mu mutima ni vyo akanwa kavuga. Kwubaka ku rutare 46 Ni kuki mumpamagara ngo: ‘Mwami, Mwami,’ ariko ntimukore ivyo ndababwira? 47 Umuntu wese aza aho ndi akumva amajambo yanje hanyuma akayashira mu ngiro, ngira ndabereke uko ameze: 48 ameze nk’umwubatsi yimvye cane akubaka umushinge w’inzu yiwe ku rutare. Iyo hateye umwuzure, inzuzi zigasuriranya, iyo nzu ntishobora kunyiganyiga kuko yubatse neza. 49 Ariko uwumva amajambo yanje ntayashire mu ngiro, ameze nk’uwubaka inzu kw’isi ahatagira umushinge. Iyo inzuzi zisuriranije kuri ya nzu, irasenyuka kandi isenyuka ryayo riba irikomeye.” |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.