Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Luka 5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Yesu ahamagara abigishwa ba mbere

1 Umusi umwe Yesu yari ku nkengera y’ikiyaga c’i Genezareti, akikujwe n’isinzi ry’abantu bariko bumviriza ijambo ry’Imana.

2 Maze abona ubwato bubiri abarovyi bari basize ku nkengera y’ico kiyaga, bariko boza insenga zabo.

3 Nuko yinjira muri bumwe; ubwo na bwo bwari ubwa Simoni, amusaba ngo abwigize mu mazi kure y’isi gato, na we abwicaramwo, atangura kwigisha abantu.

4 Ahejeje kwigisha, abarira Simoni ati: “Nimuterere insenga zanyu hagati mu kiyaga, murobe.”

5 Simoni aramwishura ati: “Mwigisha, twakoze ijoro ryose turaruha, ariko ntitwaronka ifi n’imwe. Yamara ko ubivuze, reka nterere insenga.”

6 Batereye insenga, baroba ifi nyishi cane, gushika aho insenga zitangura gutabuka.

7 Baca bahamagara bagenzi babo bari mu bundi bwato ngo baze babafashe, maze buzuza ubwato bwabo bwompi gushika aho butangura kwibira.

8 Simoni Petero abibonye, apfukama imbere ya Yesu, amubwira ati: “Mwami, igira kure yanje kuko ndi umunyavyaha!”

9 Ivyo Petero yabivuze kubera we n’abo bari kumwe bari batangajwe cane n’ubwinshi bw’ifi bari bahejeje kuroba.

10 Bagenziwe, ari bo Yakobo na Yohana bene Zebedayo, bakorana na Simoni. Yesu abwira Simoni ati: “Ntutinye, kuko uhereye ubu, ugiye kuba umurovyi w’abantu.”

11 Baca bakwegera ubwato bwabo ku nkengera y’ikiyaga, basigaho vyose, baramukurikira.


Yesu akiza umunyamibembe

12 Yesu ari muri kimwe mu bisagara vy’aho hantu, haza umuntu yuzuye imibembe umubiri wose. Abonye Yesu, yikubita imbere yiwe yubitse umutwe hasi, aramwinginga ati: “Mwami, ubishatse woshobora kumpumanura.”

13 Yesu aca aramvura ukuboko, amukorako. Aramubwira ati: “Ndabishatse, kira uhumanuke!” Ubwo nyene imibembe ica iramuvako.

14 Yesu aca aramwihaniza ati: “Ntihagire umuntu n’umwe ubibwira. Ariko genda umuherezi agusuzume, hanyuma utange ikimazi Mose yashinze ko uwuhumanutse atanga, kugira ngo bibabere ikimenyetso ko wahumanutse.”

15 Yamara inkuru za Yesu zirushirizaho kumenyekana, abantu isinzi bakama baza aho ari kumwumviriza no kugira ngo abakize ingwara.

16 Ariko Yesu yama aja ahantu hiherereye mu bugaragwa gusenga.


Yesu akiza umuntu akongataye

17 Umusi umwe Yesu yariko arigisha, kandi bamwe mu Bafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe bari ngaho; bari baje bava mu bisagara bitandukanye vy’i Galilaya, i Yudaya n’i Yerusalemu; kandi ububasha bw’Umwami Imana bwo gukiza ingwara bwari kuri Yesu.

18 Nuko haza abantu bateruye umuntu akongataye ku kirago, barondera ingene bomwinjiza mu nzu ngo bamuryamike imbere ya Yesu.

19 Babonye ko badashobora kwinjira kubera ubwinshi bw’abantu, baca burira hejuru ku nzu, basambura aho bacisha ca kirago aryamyeko, bacururukiriza hagati mu bantu, gitumbereye imbere ya Yesu.

20 Yesu abonye ukwizera kwabo, avuga ati: “Mugenzi, ivyaha vyawe urabihariwe.”

21 Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe batangura kwiyumvira bati: “Mbega uwu ni nde ko yigize Imana! Ukwo ni ukuyituka. Imana yonyene ni yo ishobora guharira ivyaha.”

22 Yesu aca aramenya ivyo bariko bariyumvira, maze arababaza ati: “Ni kuki muriko mwiyumvira gutyo mu mitima yanyu?

23 Mbega icoroshe ni uko novuga nti: ‘Ivyaha vyawe urabihariwe,’ canke ni uko novuga nti: ‘Haguruka ugende’?

24 Ariko nshaka ko mumenya ko Umwana w’Umuntu afise ububasha kw’isi bwo guharira ivyaha.” Aca ategeka wa muntu akongataye ati: “Haguruka, ikorere ikirago cawe witahire.”

25 Ubwo nyene aca arahaguruka bose babibona, yikorera ca kirago, ataha ahimbaza Imana.

26 Abari ngaho bose baratangara cane kandi bagira n’ubwoba, bahimbaza Imana bavuga bati: “Uwu musi amaso yacu abonye ibitangaza!”


Yesu ahamagara Lewi

27 Inyuma y’ivyo, Yesu ariko arava muri ico gisagara, abona umutozakori yitwa Lewi yicaye aho yatoreza ikori, amubwira ati: “Nkurikira!”

28 Lewi aca ava hasi, aramukurikira.

29 Mu nyuma Lewi ategurira amazimano Yesu i muhira iwe, atumira n’abatozakori benshi n’abandi bantu, baraza basangira na bo.

30 Ariko Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe babaza abigishwa ba Yesu bamwidodombera bati: “Ni kuki mwicarana n’abatozakori n’abandi banyavyaha, mugasangira na bo?”

31 Yesu arabishura ati: “Abakomeye si bo bakeneye umuganga, ahubwo abarwaye ni bo bamukeneye.

32 Sinaje kurondera abibaza ko ari abagororotsi, ahubwo naje kurondera abazi neza ko ari abanyavyaha, kugira ngo bihane.”


Ibijanye no kwisonzesha

33 Baca baramubaza bati: “Ni kuki abigishwa ba Yohana, co kimwe n’ab’Abafarisayo bisonzesha kenshi bongera basenga, ariko abawe bakaguma barya bongera banywa nk’uko bisanzwe?”

34 Yesu arabishura ati: “Mbega abatumire b’umukwe bokwisonzesha bakiri kumwe na we mu musi mukuru? Ntibishoboka!

35 Ariko hazogera aho umukwe abakurwamwo; ico gihe rero bazoheza bisonzeshe.”

36 Aca abacira uwu mugani ati: “Nta wutabura igitambara ku mpuzu nshasha ngo akibaririre ku mpuzu y’umushire. Abikoze uko, aba yononye iyo impuzu nshasha, kandi ico gitambara gishasha ntigishobora gufatana n’impuzu y’umushire.

37 Ni nk’uko ata wosuka umuvinyu mushasha mu mukuza w’urushato ushaje. Abigize uko, uwo umukuza womeneka, umuvinyu ugaseseka.

38 Ahubwo umuvinyu mushasha bawushira mu mukuza mushasha.

39 Kandi nta muntu anywa umuvinyu wa kera ngo aheze yipfuze kunywa mushasha, kuko avuga ngo: ‘Umuvinyu wa kera uryoshe kuruta mushasha.’ ”

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan