Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Luka 3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Yohana Umubatizi ategurira Yesu inzira

1 Mu mwaka ugira cumi na gatanu Kayisari Tiberiyo ari ku ngoma i Roma, Pontiyo Pilato yari icariho ciwe i Yudaya, Herode Antipa yari umuganwa atwara intara ya Galilaya, uwo bavukana Filipo yatwara intara za Ituraya na Tirakoniti, Lusaniya na we yatwara intara ya Abilene,

2 Anasi na Kayafa na bo bari abaherezi bakuru. Ico gihe ni ho ijambo ry’Imana ryaza kuri Yohana mwene Zakariya ari mu bugaragwa.

3 Nuko Yohana aja mu turere twose two hakurya no hakuno y’uruzi Yorodani, yigisha abantu umubatizo wo kwihana ngo babone guharirwa ivyaha vyabo.

4 Ivyo vyari vyaranditswe mu gitabu c’amajambo y’uwavugishwa n’Imana Yesaya, aho yavuga ati: “Hari ijwi ry’uwusemerera mu bugaragwa ati: ‘Nimutegurire Uhoraho aho aca, mugorore inzira agenderamwo!

5 Imyonga yose izokwuzuzwa iringanire, imisozi n’udutumba vyose bizosenwa. Amabarabara atagororotse azogororwa, n’inzira zisivye zizosiburwa, ziringanizwe.

6 Kandi abantu bose bazobona agakiza k’Imana.’”

7 Nuko abantu benshi baja iyo Yohana ari ngo ababatize. Arababaza ati: “Mwa bana b’inzoka mwe, ni nde yababuriye ngo muhunge uburake bw’Imana bugiye kuza?

8 Nimukore ibikorwa vyerekana ko mwihanye, mureke kwibwira mu mitima yanyu muti: ‘Turi uruvyaro rwa Aburahamu.’ Kuko ndababwira ko, no muri aya mabuye mubona, Imana ishobora gukuramwo abana ba Aburahamu.

9 Mbere incabiti ibanguriwe imizi y’ibiti: igiti cose kitama ivyamwa vyiza kigiye gucibwa gitererwe mu muriro.”

10 Abantu benshi bari ngaho baramubaza bati: “None dukore iki?”

11 Yohana arabishura ati: “Uwufise imyambaro ibiri y’impuzu, nahe umwambaro umwe uwudafise n’umwe, n’uwufise ivyokurya nagire gutyo nyene.”

12 Abatozakori na bo baraza ngo ababatize. Baramubaza bati: “Mwigisha, dukore iki?”

13 Arabishura ati: “Ntimugatoze ibirengeye ivyemewe n’amategeko.”

14 Abasoda na bo nyene baramubaza bati: “Tweho dukore iki?” Arabishura ati: “Ntihakagire abo munyaga utwabo kandi ntihakagire uwo mudendereza. Mubumbwe n’impembo zanyu.”

15 Kubera abantu bari biteze cane ukuza kwa Kristo, bagumye bibaza mu mitima ku vyerekeye Yohana ko yoba ari we Kristo.

16 Nuko Yohana abwira bose ati: “Jewe ndababatiza mu mazi. Ariko hagiye kuza uwundusha ubushobozi; ntibimbereye no gupfundurura utugozi tw’ibirato vyiwe. We azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro.

17 Afise mu minwe urutaro rwo kugosora. Azokubura ikibanza co gusekuriramwo, ahejeje kugosora, azokwegeraniriza ingano mu kigega, umuguruka na wo awuturirire mu muriro utazokwigera uzima.”

18 Nuko Yohana abandanya abwira abantu Ubutumwa Bwiza burimwo amajambo menshi yo kubatera intege.

19 Ariko Yohana amaze kwagiriza ku mugaragaro Herode Antipa icaha co kurongora Herodiya, kandi yari asanzwe ari umugore w’uwo bavukana, akavuga n’ibindi bibi vyinshi yakoze,

20 Herode yaciye yongerako ikindi caha kibi co gushira Yohana mw’ibohero.


Yesu abatizwa

21 Mu gihe abantu bose bariko barabatizwa, Yesu na we yabatijwe hamwe na bo. Ariko arasenga, ijuru riruguruka,

22 Mpwemu Yera amanuka kuri we mw’ishusho y’inuma. Maze ijwi ryumvikana rivuye mw’ijuru riti: “Uri umwana wanje nkunda kandi urampimbara.”

23 Igihe Yesu yatangura igikorwa ciwe yari amaze hafi imyaka mirongo itatu. Abantu benshi bibaza ko Yesu ari mwene Yosefu, Yosefu mwene Heli,

24 Heli mwene Matati, Matati mwene Lewi, Lewi mwene Meliki, Meliki mwene Yanayi, Yanayi mwene Yosefu,

25 Yosefu mwene Matatiya, Matatiya mwene Amosi, Amosi mwene Nahumu, Nahumu mwene Esili, Esili mwene Nagayi,

26 Nagayi mwene Mayati, Mayati mwene Matatiya, Matatiya mwene Semeyini, Semeyini mwene Yoseki, Yoseki mwene Yoda,

27 Yoda mwene Yohanani, Yohanani mwene Resa, Resa mwene Zerubabeli, Zerubabeli mwene Shalutiyeli, Shalutiyeli mwene Neri,

28 Neri mwene Meliki, Meliki mwene Hadi, Hadi mwene Kosamu, Kosamu mwene Elumadamu, Elumadamu mwene Eri,

29 Eri mwene Yosuwa, Yosuwa mwene Eliyezeri, Eliyezeri mwene Yorimu, Yorimu mwene Matati, Matati mwene Lewi,

30 Lewi mwene Simeyoni, Simeyoni mwene Yuda, Yuda mwene Yosefu, Yosefu mwene Yonamu, Yonamu mwene Eliyakimu,

31 Eliyakimu mwene Meleya, Meleya mwene Mena, Mena mwene Matata, Matata mwene Natani, Natani mwene Dawidi,

32 Dawidi mwene Isayi, Isayi mwene Obedi, Obedi mwene Bowazi, Bowazi mwene Salumoni, Salumoni mwene Nahashoni,

33 Nahashoni mwene Aminadabu, Aminadabu mwene Ramu, Ramu mwene Hezironi, Hezironi mwene Peresi, Peresi mwene Yuda,

34 Yuda mwene Yakobo, Yakobo mwene Isaka, Isaka mwene Aburahamu, Aburahamu mwene Tera, Tera mwene Nahori,

35 Nahori mwene Serugi, Serugi mwene Reyu, Reyu mwene Pelegi, Pelegi mwene Eberi, Eberi mwene Shela,

36 Shela mwene Kayinani, Kayinani mwene Arupakisadi, Arupakisadi mwene Shemu, Shemu mwene Nowa, Nowa mwene Lameki,

37 Lameki mwene Metusela, Metusela mwene Enoki, Enoki mwene Yeredi, Yeredi mwene Mahalaleli, Mahalaleli mwene Kenani,

38 Kenani mwene Enoshi, Enoshi mwene Seti, Seti mwene Adamu, Adamu akomoka ku Mana.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan