Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Luka 24 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Ukuzuka kwa Yesu

1 Ku musi wa mbere utangura indwi, hakiri kare mu gitondo, ba bagore bafata vya bimota neza bari bateguye, baja ku mva.

2 Bahashitse, basanga ikibuye cari cugaye imva catembagajwe,

3 hanyuma barinjira, ariko ikiziga c’Umwami Yesu ntibakibona.

4 Bakizazaniwe haca haboneka abagabo babiri bambaye impuzu zica ibibatsi, bahagarara i ruhande yabo.

5 Ba bagore bagira ubwoba bwinshi, bakubita ibipfukamiro hasi barunama, ariko ba bagabo barababwira bati: “Ni kuki muronderera umuntu muzima mu bapfuye?

6 Ntari hano, yazutse. Nimwibuke ivyo yababwiye akiri kumwe namwe i Galilaya,

7 ati: ‘Umwana w’Umuntu azotabwa mu maboko y’abanyavyaha, bamubambe ku musaraba. Ariko ku musi ugira gatatu azozuka mu bapfuye.’  ”

8 Nuko baca baribuka amajambo yavuze.

9 Bagarutse bavuye ku mva, bashika babarira bamwe cumi n’umwe n’abandi bose ivyabaye vyose.

10 Abo bagore bagiye kubwira intumwa ivyabaye bari Mariya Magadalena, Yowana, na Mariya nyina wa Yakobo, n’abandi bagore bari kumwe na bo.

11 Ariko intumwa ntizavyemera kuko ivyo abo bagore bavuga vyasa n’imigani kuri bo.

12 Ariko Petero we arahaguruka agenda yiruka aja ku mva. Ashitseyo, arunama araba mu mva, abona vya bitambara vyera gusa, aca asubira inyuma yibaza ivyabaye.


Yesu yiyereka abantu bariko baja i Emawusi

13 Kuri uwo musi nyene, abigishwa babiri ba Yesu bariko baja mu gisagara citwa Emawusi kiri nko ku birometero cumi na bibiri uvuye i Yerusalemu,

14 bagenda baganira ku vyabaye vyose.

15 Bakiriko baraganira bahanahana ivyiyumviro, Yesu aca arabegera ajana na bo.

16 Ariko amaso yabo anyegezwa uwo ari we, ntibamumenya.

17 Yesu arababaza ati: “Ivyo mugenda muraganira ni ibiki?” Nuko baca barahagarara, bijiriwe cane.

18 Umwe muri bo yitwa Kirewofasi aca amubaza ati: “Ni wewe wenyene waje i Yerusalemu utamenye ivyahabereye muri iyi misi?”

19 Na we arababaza ati: “Ni ibiki vyabaye?” Baramwishura bati: “Ni ivya Yesu w’i Nazareti. Yari umuvugishwa n’Imana, yuzuye ubushobozi mu vyo yavuga no mu vyo yakora, imbere y’Imana n’imbere y’abantu.

20 Abakuru b’abaherezi n’abatware bacu baramutanze ngo acirwe urubanza rwo gupfa, maze baramubamba,

21 natwe twari twizeye ko ari we yocunguye Abisirayeli. Kandi uwu ni umusi ugira gatatu ivyo bibaye.

22 Ikigeretseko, hari abagore bo muri twebwe badutangaje. Bagiye ku mva uno musi mu gitondo,

23 ariko ntibabona ikiziga ciwe. Baje batubwira ko abamarayika babiyeretse, bababwira ko ari muzima.

24 Bamwe mu bagenzi bacu bagiye ku mva babisanga nk’uko ba bagore babivuze, ariko we ntibamubonye.”

25 Yesu aca ababwira ati: “Yemwe bantu b’ubwenge buke mwe! Birabagora kwizera mu mitima yanyu ivyo abavugishwa n’Imana bavuze.

26 Mbega Kristo ntiyategerezwa kubabazwa gutyo imbere y’uko yinjira mu bwiza bwiwe?”

27 Nuko ahera ku vyanditswe na Mose n’abavugishwa bose, abasigurira ico Ivyanditswe bimuvugako.

28 Bagira bashike mu gisagara bari bagiyemwo, Yesu amera nk’uwushaka kubandanya.

29 Ariko baramwinginga cane bati: “Gumana natwe kuko buriko burira, kandi umusi ugeze kure.” Nuko Yesu agumana na bo.

30 Bicaye bagira bafungure, Yesu afata umukate, awushimira Imana, arawumanyagura, arawubahereza.

31 Amaso yabo aca aruguruka, baramumenya, ariko aca arakamangana, ntibasubira kumubona.

32 Baca batangura kubazanya bati: “Mbega imitima yacu ntiyariko iragurugumba igihe yariko aravugana natwe mu nzira, adusigurira Ivyanditswe?”

33 Ubwo nyene baca barahaguruka basubira i Yerusalemu. Bashitseyo, basanga bamwe cumi n’umwe n’abari kumwe na bo bakoraniye hamwe,

34 bariko bavuga bati: “Ni ukuri Umwami yazutse, kandi yiyeretse Simoni.”

35 Maze abo bigishwa babiri na bo babiganira ivyabaye mu nzira bariko baragenda, n’ukuntu bamumenye amaze kumanyagura umukate.


Yesu yiyereka intumwa

36 Bakiriko barababwira ivyabaye, Yesu araza ahagarara hagati yabo, arababwira ati: “Amahoro abane namwe!”

37 Baterwa n’ubwoba bwinshi kuko bibaza ko babonye umuzimu.

38 Yesu arababaza ati: “Ni kuki mufise ubwoba no gukekeranya mu mitima yanyu?

39 Ehe nimurabe ibiganza n’ibirenge vyanje. Ni jewe nyene. Nimunkoreko maze mumenye ko ntari umuzimu, kuko umuzimu utagira inyama n’amagufa nk’ivyo mumbonana.”

40 Ahejeje kuvuga ivyo, abereka ibiganza n’ibirenge vyiwe.

41 Bakizazaniwe kubera umunezero n’ugutangara kwinshi, arababaza ati: “Nta vyokurya mufise?”

42 Nuko bamuzanira ikimanyu c’ifi yokeje,

43 na we arayakira, ayirira imbere yabo.

44 Aca ababarira ati: “Ibi ni vyo nari narababwiye nkiri kumwe namwe, ko ivyanditswe kuri jewe vyose mu Vyagezwe ya Mose, mu vyanditswe n’abavugishwa n’Imana no muri Zaburi, bitegerezwa gushika.”

45 Aca abugurura ubwenge kugira ngo batahure Ivyanditswe.

46 Arababwira ati: “Handitswe ngo ‘Kristo azobabazwa, apfe, hanyuma azuke mu bapfuye ku musi ugira gatatu,

47 kandi ubutumwa bw’ukwihana n’uguharirwa ivyaha buzovugwa mw’izina ryiwe mu mahanga yose, uhereye i Yerusalemu.’

48 Namwe muri ivyabona vyo gushingira intahe ivyo.

49 Ehe ngiye kubarungikira ingabire Data yasezeranye, ariko mugume mu gisagara gushika muhawe ubushobozi buvuye mw’ijuru.”


Yesu aduga mw’ijuru

50 Maze Yesu aca abajana inyuma y’igisagara, hafi y’i Betaniya, aramvura amaboko arabahezagira.

51 Akiriko arabahezagira, aca abavamwo, aduzwa mw’ijuru.

52 Baca barapfukama baramusenga, hanyuma basubira i Yerusalemu buzuye umunezero mwinshi.

53 Imisi yose bama mu rusengero, bahimbaza Imana.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan