Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Luka 22 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Yuda agurisha Yesu

1 Umusi Mukuru w’Imikate Itarimwo Umwambiro, ari wo musi wa Pasika wegereje,

2 abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe barondera akaryo ko kwica Yesu, ariko batinya abantu.

3 Nuko Satani yinjira muri Yuda Isikariyote, umwe muri bamwe cumi na babiri,

4 na we aca aja kwumvikana n’abakuru b’abaherezi hamwe n’abakuru b’abarinzi b’urusengero ingene yobashikiriza Yesu.

5 Na bo baranezerwa cane, baca bamwemerera amahera.

6 Yuda na we aravyemera, aca atangura kurondera akaryo keza ko kumubashikiriza ata bantu benshi bahari.


Bategura ivyokurya vya Pasika

7 Maze Umusi Mukuru w’Imikate Itarimwo Umwambiro urashika, kandi kuri uwo musi bategerezwa gutanga ikimazi c’umwagazi w’intama wa Pasika.

8 Yesu abarira Petero na Yohana ati: “Nimugende mudutegurire ivyokurya vya Pasika.”

9 Baramubaza bati: “Ni hehe ugomba ko tubitegurira?”

10 Arabishura ati: “Mucinjira mu gisagara, muraja guhura n’umuntu yikoreye umubindi w’amazi. Muce mumukurikira gushika mu nzu aja kwinjiramwo,

11 hanyuma mubwire nyene urugo muti: ‘Umwigisha arashaka kumenya: Icumba aja gusangiriramwo ivya Pasika n’abigishwa biwe kiri he?’

12 Na we araja kubereka icumba kinini co hejuru, kirimwo ibikenewe vyose. Aho abe ari ho mubitegurira.”

13 Nuko baragenda basanga bimeze nk’uko yabibabwiye, maze bategura ivyokurya vya Pasika.

14 Isaha ishitse, Yesu n’intumwa ziwe baca baricara, barafungura.

15 Yesu arababwira ati: “Nari naripfuje cane gusangira namwe iyi Pasika imbere y’uko mbabazwa.

16 Kuko ndabamenyesheje ko ntazosubira kurya iyindi, kugeza insiguro yayo ishikijwe mu Bwami bw’Imana.”

17 Nuko afata igikombe, agishimira Imana, ababwira ati: “Nimwakire munywe mwese.

18 Kuko ndababwire, sinzosubira kunywa ku muvinyu w’imizabibu, gushika aho Ubwami bw’Imana buzozira.”

19 Aca afata n’umukate, awushimira Imana, arawumanyura, awubahereza avuga ati: “Iki ni ikimenyetso c’umubiri wanje watanzwe ku bwanyu; muzohore mubikora mu kunyibuka.”

20 Bahejeje gufungura, agira uko nyene, afata igikombe, avuga ati: “Iki gikombe ni isezerano rishasha rivuye mu maraso yanje, asesetse ku bwanyu.

21 Kandi ehe raba uwugira angurishe twicaranye hano dusangira.

22 Umwana w’Umuntu azopfa nk’uko vyanditswe, ariko aragowe uwo muntu amugurishije.”

23 Baca batangura kubazanya hagati muri bo uwokwubahuka gukora ivyo.

24 Maze haduka impari hagati yabo, bagomba kumenya umukuru muri bo.

25 Yesu arababwira ati: “Abami b’Abanyamahanga babatwaza umukazo, kandi ababafiseko ububasha bose bashaka kwitwa abagiraneza.

26 Ariko ntimukabe nka bo. Ahubwo uwibaza ko ari mukuru muri mwebwe namere nka mutoya muri mwebwe, kandi umukuru amere nk’umukozi wanyu.

27 Mbega hagati y’uwuri ku meza afungura n’umukozi amutegurira imfungurwa ni nde mukuru? Mbega si uwicaye ku meza? Ariko jewe ndi hano muri mwebwe nk’uwubakorera.

28 Mwebwe mwagumanye nanje mu bihe vyo kugeragezwa kwanje.

29 Nanje ndabahaye Ubwami, nk’uko Data yabumpaye nanje,

30 kugira ngo muze murire mwongere munywere ku meza yanje mu Bwami bwanje, kandi muze mwicare ku ntebe z’icubahiro mucire imanza imiryango cumi n’ibiri y’Abisirayeli.

31 Simoni, Simoni, umviriza! Satani yabasavye kugira ngo abagosore nk’uwugosora ingano.

32 Ariko, wewe nagusengeye kugira ngo ntutakaze ukwizera, kandi niwamara kwihana ukangarukako uze ukomeze bene So.”

33 Petero aramwishura ati: “Mwami, nditeguye kujana nawe no gushika mw’ibohero, mbere no gupfana na we.”

34 Yesu aramubwira ati: “Petero, ndakubwire ukuri, isake itarabika uzoba umaze kunyihakana gatatu kose uvuga ko utanzi.”

35 Yesu aca arababaza ati: “Igihe nabarungika ata saho, ata mufuko canke ibirato, hari ico mwakenye?” Baramwishura bati: “Nta na kimwe.”

36 Aca arababwira ati: “Ubu rero uwufise amahera mu mufuko nayibangikanye, uwufise isakoshi ayitore, kandi n’uwudafise inkota agurishe umutamana wiwe ayigure.

37 Ndababwire, iri jambo ryavugishijwe kuri jewe ngo: ‘Yafashwe nk’umwe mu bagarariji,’ ritegerezwa gushika. Ni ukuri, ivyanditswe kuri jewe bigira bishike.”

38 Abigishwa biwe baramubwira bati: “Mwami, ehe turafise inkota zibiri.” Arabishura ati: “Izo ziramaze.”


Yesu asengera ku Musozi wa Elayono

39 Hanyuma Yesu aca ajana n’abigishwa biwe ku Musozi wa Elayono nk’uko yari asanzwe abigenza.

40 Bashitseho, Yesu arababwira ati: “Nimusenge kugira ngo ntimutsindwe n’amageragezwa.”

41 Aca yigira kure gato nk’aho umuntu yotera ibuye, arapfukama arasenga ati:

42 “Data, ubigomvye, ndakwinginze unkure imbere iki gikombe c’imibabaro. Ariko ntibibe nk’uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba.”

43 Maze umumarayika aramwiyereka avuye mw’ijuru, amwongera inkomezi.

44 Nuko arasenga cane, yuzuye umubabaro mwinshi, icuya ciwe gicika nk’amama y’amaraso atonyangira hasi.

45 Yunamutse ahejeje gusenga, asubira aho ba bigishwa biwe bari bari, asanga barasinziriye, baremerewe n’umubabaro.

46 Arababaza ati: “Ni kuki musinziriye? Nimuvyuke, musenge kugira ngo ntimutsindwe n’amageragezwa.”


Bafata Yesu

47 Yesu akiriko aravuga, haca haza isinzi ry’abantu, barongowe na Yuda, umwe muri ba bigishwa cumi na babiri. Nuko yegera Yesu, aramusoma.

48 Yesu aramubwira ati: “Yuda, ugurishije Umwana w’Umuntu mu kumusoma?”

49 Abigishwa ba Yesu babonye ibigira bibe baramubaza bati: “Mwami, tubivune na za nkota?”

50 Umwe muri bo aca akubita inkota umukozi w’umuherezi mukuru, amuca ugutwi kw’i buryo.

51 Yesu aca arasemerera ati: “Geza aho, biramaze!” Yesu aca akora kuri kwa gutwi, aramukiza.

52 Yesu aca abwira abaherezi bakuru, abarinzi b’urusengero n’abatware bari baje kumufata, ati: “Mbega mbaye umugumutsi, aho muza kumfata mwitwaje inkota n’amahiri?

53 Imisi yose namana namwe mu rusengero, ntimwigeze mumfata. Ariko noneho igihe canyu ni iki; umwijima ugira uganze.”


Petero yihakana Yesu

54 Nuko baramufata bamutwara mu rugo rw’umuherezi mukuru. Petero na we arabakurikira agendera kure inyuma yabo.

55 Ariko bamaze gushika mu rugo bagacana umuriro bakicara, Petero na we yaciye yicarana na bo.

56 Maze incoreke imwe iramubona ariko arota. Iramwihweza, ica ivuga iti: “Uwu mugabo yari kumwe na Yesu.”

57 Ariko arabihakana, abwira uwo mugore ati: “Haba na mba, sindanamuzi!”

58 Haciye akanya, uwundi muntu aramubona, avuga ati: “Na wewe uri umwe muri bo.” Petero yishura uwo muntu ati: “Eka sindi kumwe na bo.”

59 Haciye nk’isaha, uwundi muntu arabishimangira ati: “Ni ivy’ukuri uwu yari kumwe na Yesu, kuko ava i Galilaya.”

60 Petero yishura uwo muntu ati: “Sinzi n’ivyo uriko uravuga.” Akiriko aravuga, isake ica irabika.

61 Umwami Yesu aca arahindukira, araba Petero mu maso. Petero na we aca yibuka ya majambo Yesu yari yamubwiye ati: “Uno musi nyene, isake itarabika, uza kuba umaze kunyihakana gatatu.”

62 Petero aca asohoka hanze, araturikisha ararira.


Abarinzi b’urusengero bacokora Yesu

63 Maze abagabo bari bamurinze batangura kumucokora no kumukubita.

64 Bamupfunga igitambara mu maso, bamubwira bati: “Vugishwa! Ni nde agukubise?”

65 Bongera bamubwira n’ayandi majambo menshi yo kumutuka.


Yesu ajanwa kwa Pilato no kwa Herode

66 Bukeye, inama nkuru y’abatwara ubwo bwoko irakorana, irimwo abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe, maze Yesu ajanwa imbere yabo.

67 Baramubaza bati: “Tubwire! Uri Kristo?” Yesu arabishura ati: “Naho nobibabwira ntimwovyemera,

68 kandi nobabaza ikibazo ntimwonyishura.

69 Ariko kuva ubu Umwana w’Umuntu agiye kwicara i buryo bw’Imana y’ububasha.”

70 Bose baramubaza bati: “Ugomvye kuvuga rero ko uri Umwana w’Imana?” Na we arishura ati: “Muvuze ukuri, ndi we.”

71 Baca bavuga bati: “None hari ibindi vyabona dukeneye? Ntituvyiyumviye bimwiviriye mu kanwa?”

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan