Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Luka 20 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Aho ububasha bwa Yesu buva

1 Umusi umwe Yesu yariko arigisha abantu mu rusengero, ababwira Ubutumwa Bwiza. Maze abakuru b’abaherezi, abigisha b’ivyagezwe n’abakuru b’Abayuda baza aho ari.

2 Baramubaza bati: “Ni ubuhe bubasha butuma ukora ivyo? Ni nde yabuguhaye?”

3 Arabishura ati: “Reka nanje ndababaze. Nimumbarire:

4 Mbega umubatizo wa Yohana wavuye ku Mana yo mw’ijuru canke ku bantu?”

5 Baravugana hagati yabo bati: “Nitwavuga tuti: ‘Wavuye ku Mana yo mw’ijuru,’ ahava atubaza ati: ‘None ni kuki mutizeye ivyo Yohana yavuze?’

6 Nitwavuga tuti: ‘Wavuye ku bantu,’ abantu bose baradutera amabuye kuko baremera ata gukekeranya ko Yohana yari uwuvugishwa n’Imana.”

7 Nuko baramwishura bati: “Ntituzi uwabumuhaye.”

8 Yesu na we arabwira ati: “Nanje sindababwira aho ububasha butuma nkora ibi buva.”


Umugani w’uruzabibu n’abarukoramwo

9 Hanyuma Yesu acira umugani abari aho, avuga ati: “Habaye umuntu yarimye uruzabibu, hanyuma aruzeza abarimyi, afata urugendo rwa kure, amarayo igihe kinini.

10 Iyimbura rigeze, atuma umukozi wiwe kuri ba barimyi kugira ngo bamuhe igice c’umwimbu w’inzabibu kimwegukira. Ariko ba barimyi bafata uwo mukozi baramukubita, bamurungika iminwe misa.

11 Hanyuma arungika uwundi mukozi, na we nyene baramutuka, baramukubita, bamurungika iminwe misa.

12 Arungika n’uwa gatatu; we baramukomeretsa, bamuterera inyuma y’uruzabibu.

13 Nyene uruzabibu aribaza ati: ‘Mbega yemwe ngire gute? Reka ndungike umuhungu wanje nkunda cane, kumbure wewe bazomusonera.’

14 Ariko ba barimyi bakimubona baca batangura kuvugana bati: ‘Uwu ni we azoba samuragwa. Reka tumwice kugira ngo twegukire ivyo yorazwe.’

15 Nuko bamukwegera inyuma y’umurima w’uruzabibu bamwicirayo. None mwibaza ko nyene uruzabibu niyaza azobagira gute?

16 Azoza yice abo barimyi, maze urwo ruzabibu aruzeze abandi.” Abantu bavyumvise, baca bavuga bati: “Ivyo ntibikabe.”

17 Yesu aca arabitegereza, arababaza ati: “None aya majambo yo mu Vyanditswe akurikira asobanura iki: ‘Ibuye abubatsi bagaye ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka.’

18 Umuntu wese azogwa kuri iryo buye azovunagurika, uwo rizogwako rizomusya.”

19 Abigisha b’ivyagezwe n’abakuru b’abaherezi barondera ingene bomufata ubwo nyene, kuko bari batahuye ko ari bo ariko aravuga muri uwo mugani, ariko batinya abantu.


Gutanga ikori rya Kayisari

20 Nuko batangura kumugenza, bahera abantu bigize intungane ngo bamutegere mu majambo avuga, kugira ngo barabe ko boronka ivyo bamurega ku bategetsi b’Abaroma.

21 Ba bantu babaza Yesu bati: “Mwigisha, turazi ko uvuga kandi wigisha ivy’ukuri. Nta ho uhengamira, kandi wigisha inzira y’Imana mu kuri kwose.

22 None rero tubwire: biremewe gutanga ikori rya Kayisari, canke ntivyemewe?”

23 Yesu abonye ubugunge buri muri bo, aca ababwira ati:

24 “Nimunyereke igiceri c’idenariyo. Iyi shusho n’ibi vyandiko biriko ni ivya nde?” Barishura bati: “Ni ivya Kayisari.”

25 Aca ababwira ati: “Nuko rero, ivya Kayisari mubihe Kayisari, ivy’Imana na vyo mubihe Imana.”

26 Ntibabaye bagishobora kumufatira ku vyo avuga ku mugaragaro, ahubwo batangajwe n’inyishu yiwe, baca barahora.


Ivy’abagabo n’abagore inyuma y’izuka

27 Maze bamwe mu Basadukayo, ari bo batemera ivy’izuka ry’abapfuye, baza aho Yesu ari baramubaza bati:

28 “Mwigisha, Mose yanditse avuga ko umuntu apfuye agasiga umugore atagira abana, uwo bavukana ategerezwa gucura uwo mupfakazi kugira ngo aronkere uruvyaro uwo muhisi.

29 Rero, harigeze kuba abavukana indwi. Mukuru muri bo ararongora, ariko apfa atavyaye.

30 Uwa kabiri arongora wa mupfakazi,

31 n’uwa gatatu bigenda uko, gushika no ku w’indwi bose biba nk’uko, bapfa ata wusize umwana.

32 Maze haheze igihe na wa mugore arapfa.

33 None ku musi w’izuka ry’abapfuye uwo mugore azoba uwa nde, ko yabaye umugore w’abo indwi bose?”

34 Yesu arabishura ati: “Abantu bo muri kino gihe bararongora kandi bararongorwa.

35 Ariko abazoba babereye gushika muri ya si izoza no mw’izuka ry’abapfuye ntibazorongora canke ngo barongorwe.

36 Vyongeye ntibazoba bagipfa, kuko bazoba bameze nk’abamarayika. Ni abana b’Imana, kuko ari abana b’ukuzuka.

37 Ku bijanye n’izuka ry’abapfuye, na Mose yaravyerekanye, aho yandika ivy’igisaka caka kidatemuka, avuga ko Uhoraho ari ‘Imana ya Aburahamu, ya Isaka n’iya Yakobo.’

38 Si Imana y’abapfuye, ni Imana y’abazima, kuko kuri yo bose bariho.”

39 Bamwe mu bigisha b’ivyagezwe barishura bati: “Uvuze neza, Mwigisha.”

40 Ntibabaye bacubahuka kumubaza ikibazo na kimwe.


Yesu ni mwene nde?

41 Yesu aca ababwira ati: “Ni kubera iki muvuga ngo Kristo ni mwene Dawidi?

42 Dawidi ubwiwe ni we yivugiye mu gitabu ca Zaburi ati: ‘Uhoraho yabariye Umwami wanje ati: “Icara i buryo bwanje

43 kugeza abansi bawe bose ndabashize musi y’ibirenge vyawe.” ’

44 None nimba Dawidi amwita ‘Umwami,’ yoba umwana wiwe gute?”


Mwirinde abigisha b’ivyagezwe

45 Yesu abwira abigishwa biwe, abari aho bose bumva, ati:

46 “Mwirinde abigisha b’ivyagezwe. Bakunda kugendagenda bambaye amakanzu maremare y’icubahiro, no kuramutswa mu cubahiro mu makoraniro y’abantu. Bakunda kandi guhabwa ivyicaro vy’icubahiro mu masinagogi no mu misi mikuru.

47 Banyaga imiryango y’abapfakazi bakabatwara ivyabo, kandi bakabandanya biyerekana nk’abantu beza mu gusenga amasengesho maremare. Ni co gituma bazohanwa kurusha abandi.”

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan