Luka 2 - Bibiliya mu Kirundi corosheIvuka rya Yesu 1 Muri iyo misi, Kayisari Ogusito, umwami w’abami w’Abaroma, asohora itegeko ko haba urusansuma rw’abantu bose baba mu bwami bw’Abaroma. 2 Urwo rwari urusansuma rwa mbere rubaye kandi ico gihe Kuriniyusi yatwara intara ya Siriya. 3 Nuko abantu bose baja mu bisagara bavukiyemwo kwisansumisha. 4 Yosefu na we nyene ava i Nazareti, igisagara c’i Galilaya, aduga i Yudaya mu gisagara ca Dawidi citwa Betelehemu, kuko yakomoka mu muryango wa Dawidi. 5 Nuko aja kwisansumisha ajanye na Mariya, uwo yari akoye, kandi Mariya yari yibungenze. 6 Bakiri i Betelehemu, igihe co kwibaruka kiragera, 7 maze avyara umwana wiwe w’imfura, amuzingira mu mpuzu z’uruyoya, aca amuryamika mu bwato inka ziriramwo, kuko bari babuze ikibanza mu nzu y’ingenzi. 8 Muri ako karere hari abungere bama barara mu gahinga baraririye imikuku y’ibitungwa vyabo. 9 Umumarayika w’Umwami Imana arabiyereka, ubwiza bw’Umwami Imana bubakayanganira impande zose, na bo baterwa n’ubwoba bwinshi cane. 10 Wa mumarayika aca ababwira ati: “Ntimutinye kuko ndabazaniye inkuru nziza y’umunezero mwinshi ku bantu bose. 11 Uwu musi, umukiza yabavukiye mu gisagara ca Dawidi, ni we Kristo, Umwami. 12 Iki ni co kizobabera ikimenyetso: muzosanga uruyoya ruzingiriweko impuzu, ruryamitswe mu bwato inka ziriramwo.” 13 Ubwo nyene haca haboneka ingabo nyinshi cane zo mw’ijuru zifatanya n’uwo mumarayika, zihimbaza Imana ziti: 14 “Icubahiro kibe ic’Imana mw’ijuru riri hejuru y’ayandi, kw’isi na ho amahoro abe mu bantu bayihimbara.” 15 Abo bamarayika bamaze gusubira mw’ijuru, ba bungere baca baravugana bati: “Nimuze tugende i Betelehemu kuraba ivyabaye, ivyo Umwami Imana atubwiye.” 16 Baca bagenda bihuta, basangaho Mariya na Yosefu, n’umwana aryamye mu bwato inka ziriramwo. 17 Bamubonye baca babwira bose ivyo babwiwe kuri uwo mwana, 18 kandi abavyumva bose vyarabatangaza cane. 19 Ariko Mariya we, yaguma azigama ayo majambo yose mu mutima wiwe, akayiyumvirako cane. 20 Ba bungere na bo basubira inyuma bahimbaza Imana bongera bayitazira kubera ivyo bumvise n’ivyo babonye, kuko basanze bimeze nk’uko bari babibwiwe. Bajana Yesu mu rusengero 21 Ku musi ugira umunani, wa mwana amaze gukebwa, bamwita Yesu, nk’uko umumarayika yari yarabwiye Mariya imbere y’uko asama inda yiwe. 22 Igihe c’imigenzo yo guhumanurwa kigeze, nk’uko Ivyagezwe vya Mose vyabitegekanya, Yosefu na Mariya badugana Yesu i Yerusalemu kumushikanira Umwami Imana. 23 (Nk’uko vyanditswe mu Vyagezwe vy’Uhoraho, “Umuhungu wese w’imfura yategerezwa kwegurirwa Uhoraho”). 24 Nuko Yosefu na Mariya baca batanga ikimazi nk’uko ivyo vyagezwe nyene vyabitegekanya: “inyoni zitwa intunguru zibiri canke inuma zikiri nto zibiri.” 25 I Yerusalemu hari umugabo yitwa Simeyoni, yari umugororotsi kandi yubaha Imana. Yari yiteze kubona ukwirurwa kwa Isirayeli, kandi Mpwemu Yera yari kuri we. 26 Kandi yari yarahishuriwe na Mpwemu Yera ko atazopfa atabonye Kristo w’Umwami Imana. 27 Arongowe na Mpwemu Yera, yinjira mu rusengero. Yosefu na Mariya bazanye Yesu mu rusengero kugira ngo bashitse ivyo ivyagezwe vyategekanya kuri we, 28 Simeyoni aramwakira, amukikira mu maboko yiwe, ashima Imana ati: 29 “Ubu rero, Mwami Imana, nk’uko wansezeraniye, urasezeye umusavyi wawe amahoro. 30 Kuko amaso yanje yiboneye agakiza, 31 ako wateguriye amahanga yose. 32 Ni umuco uzohishurira Abanyamahanga Imana, ni icubahiro ku bwoko bwawe bwa Isirayeli.” 33 Abavyeyi b’uwo mwana batangazwa cane n’ayo majambo amuvuzeko. 34 Nuko Simeyoni arabahezagira, maze abarira Mariya ati: “Uwu mwana ashizweho kugira ngo, muri Isirayeli, abantu benshi bagwe, abandi bavyuke. Azoba ikimenyetso kivuye ku Mana, ariko benshi bazomugwanya. 35 Ivyo bizotuma ivyiyumviro vyo mu mitima ya benshi bija ahabona. Kandi nawe nyene, inkota izogusogota mu mutima.” 36 Kandi hariho n’uwavugishwa n’Imana yitwa Hana, mwene Fanuweli, wo mu muryango wa Asheri, yari ashaje cane. Yabanye n’umugabo wiwe imyaka indwi gusa, 37 akaba yari amaze imyaka mirongo umunani n’ine ari umupfakazi. Yama mu rusengero ijoro n’umurango, akorera Imana, asenga kandi yisonzesha. 38 Ako kanya nyene, ashika aho bari aca atangura gushima Imana no kubwira abari biteze ugucungurwa kwa Yerusalemu bose inkuru z’uwo mwana. 39 Yosefu na Mariya bahejeje gukora ibitegekanijwe n’ivyagezwe vy’Uhoraho, baca basubira i Galilaya mu gisagara cabo ca Nazareti. 40 Uwo mwana arakura, arakomera, agwiza ubwenge, kandi ubuntu bw’Imana bwari kuri we. Yesu mu rusengero 41 Uko umwaka utashe, abavyeyi ba Yesu bama baja i Yerusalemu mu misi mikuru ya Pasika. 42 Yesu amaze imyaka cumi n’ibiri, ajana na bo muri iyo misi mikuru nk’uko vyari bisanzwe. 43 Imisi mikuru irangiye, abavyeyi biwe barataha, ariko uwo mwana Yesu asigara i Yerusalemu, yamara abavyeyi biwe ntibabimenya. 44 Nuko bamara umusi wose bagenda, bibaza ko umwana yoba ari mu bandi bari bafatanije urugendo. Mu nyuma batangura kumuronderera mu ncuti n’abagenzi. 45 Bamubuze, basubira i Yerusalemu kumurondererayo. 46 Haheze imisi itatu, bamusanga mu rusengero yicaranye n’abigisha b’ivyagezwe, abumviriza yongera ababaza ibibazo. 47 Abamwumva bose baratangazwa n’ubwenge bwiwe hamwe n’inyishu ziwe. 48 Abavyeyi biwe bamubonye baratangara cane. Nyina aramubaza ati: “Mwana wanje, ibi watugiriye ni ibiki? Twe na so tumaze imisi duhagaritse imitima cane tukurondera.” 49 Yesu aramubaza ati: “Mbega mwandonderera iki? Ntimwari muzi ko ntegerezwa kuba mu nzu kwa Data?” 50 Ariko ntibatahura ico ababwiye. 51 Nuko basubirana na we i Nazareti, kandi yama abumvira. Nuko nyina abika ivyo vyose mu mutima wiwe. 52 Nuko Yesu abandanya akura mu gihagararo, agwiza ubwenge, kandi agira ikiganza ciza ku Mana no ku bantu. |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.