Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Luka 19 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Zakayo umutozakori yihana

1 Nuko Yesu yinjira mu gisagara ca Yeriko, ahaca arengana.

2 Muri ico gisagara hari umuntu yitwa Zakayo, yari umutozakori mukuru, kandi yari atunze cane.

3 Yashaka kubona Yesu, ariko ntivyakunda kuko hari isinzi ry’abantu, na we akaba yari mugufi.

4 Nuko ariruka yurira igiti c’umusukomora cari i ruhande y’inzira, kuko ari ho Yesu yagira ace.

5 Yesu ahashitse, ararangamiza, amubwira ati: “Zakayo, ururuka ningoga, kuko uwu musi nyene nkwiye kurara iwawe.”

6 Nuko aca arururuka ningoga, amwakira iwe yuzuye umunezero.

7 Ababibonye bose batangura kwidodomba bati: “Agiye kurara mu nzu y’umunyavyaha!”

8 Ariko Zakayo arahaguruka, abarira Umwami Yesu ati: “Mwami, ngira mfate ica kabiri c’ivyo ntunze ndakigaburire aboro, kandi nimba hari uwo nivye, ndabimuriha incuro zine.”

9 Yesu aca avuga ati: “Uwu musi agakiza kinjiye muri iyi nzu, kuko uwu na we ni umwana wa Aburahamu.

10 Umwana w’Umuntu yazanywe no kurondera hamwe no gukiza abazimiye.”


Umugani w’ababikijwe mina cumi

11 Bakiriko baramwumviriza, Yesu arabandanya abacira umugani, kuko yari yegereje gushika i Yerusalemu, kandi ico gihe abantu bibaza ko Ubwami bw’Imana buca bushika ubwo nyene.

12 Ababwira ati: “Umuntu ava mu muryango utunze, yagiye mu gihugu ca kure kwimikwa nk’umwami, hanyuma ngo aheze agaruke.

13 Imbere yo kugenda akoranya cumi bo mu bakozi biwe, abaha mina cumi, ababwira ati: ‘Nimwakire aya mahera, mugende muyadandarishe gushika aho nzogarukira.’

14 Ariko abantu bo mu gihugu ciwe baramwanka, bituma barungika intumwa inyuma yiwe zija kuvuga ziti: ‘Uwo muntu ntidushaka ko aba umwami wacu.’

15 Ariko arimikwa nk’umwami, hanyuma aragaruka. Aca atumako ba bakozi yaha amahera, kugira arabe ingene bungutse.

16 Uwa mbere araza, avuga ati: ‘Databuja, mina yawe yungutse izindi cumi.’

17 Aca amubwira ati: ‘Wakoze neza, mukozi wanje mwiza. Ko wabaye umwizigirwa muri bike, ndaguhaye kuganza ibisagara cumi.’

18 Uwa kabiri araza avuga ati: ‘Databuja, mina yawe yungutse izindi zitanu.’

19 Shebuja aramwishura ati: ‘Ndaguhaye kurongora ibisagara bitanu.’

20 Ariko uwundi mukozi araza abwira shebuja ati: ‘Databuja, akira mina yawe; nayibitse mu gitambara ndayinyegeza kure.

21 Naratinye kuko nzi ko uri umuntu agoye; wanura ivyo utanikiye, ukimbura ivyo utarimye.’

22 Shebuja aramwishura ati: ‘Ngira ndagucire urubanza mfatiye ku vyo wivugiye wewe nyene, wa mukozi mubi we! Nimba wari uzi ko ndi umuntu agoye, nanura ivyo ntanikiye, nkimbura ivyo ntarimye,

23 ni kuki utajanye amahera yanje ku bayadandarisha kugira ngo ngarutse ndonke amahera yanje n’inyugu yayo?’

24 Nuko abwira abari bahagaze aho ati: ‘Nimumwake mina yiwe muyihe uwufise cumi.’

25 Baca bavuga bati ‘Databuja, erega asanzwe afise cumi!’

26 Na we arabishura ati: ‘Ndababwire ukuri, uwufise vyinshi azokwongererezwa, uwufise bike na we azokwakwa na bike afise.

27 Abo bansi banje na bo badashaka ko ndababera umwami, nimubazane hano mubicire imbere yanje.’ ”


Yesu yinjira i Yerusalemu nk’umwami

28 Yesu ahejeje kuvuga ivyo, aca arabandanya aduga i Yerusalemu.

29 Yegereje i Betifage n’i Betaniya ku Musozi wa Elayono, atuma babiri mu bigishwa biwe, ababwira ati:

30 “Nimugende muri iriya mihana iri imbere yanyu; nimwahashika murahasanga inyana y’indogoba iziritse ata muntu n’umwe arayigenderako. Muce muyizitura, muyizane hano.

31 Nihagira uwubabaza ati: ‘Ni kubera iki muyizituye?’ Mumwishure muti: ‘Umwami arayikeneye.’ ”

32 Nuko abatumwe baragenda, basanga ibintu bimeze nk’uko yari yabibabwiye.

33 Bakiriko barayizitura, nyeneyo arababaza ati: “Ni kuki muzitura iyo ndogoba?”

34 Baca bishura bati: “Umwami arayikeneye.”

35 Baca bayizanira Yesu, bayisasako impuzu zabo, bayimwicarikako.

36 Kandi aho yaca hose, abantu baca basasa impuzu zabo mu nzira.

37 Yegereye ahari inzira imanuka iva ku Musozi wa Elayono, isinzi ry’abigishwa biwe batangura guhimbaza Imana n’akanyamuneza kenshi n’amajwi arenga, kubera ibitangaza vyinshi bari bamaze kubona, bavuga bati:

38 “Hahezagirwe umwami aje mw’izina ry’Uhoraho!” “Amahoro abe mw’ijuru, n’icubahiro hejuru mw’ijuru!”

39 Bamwe mu Bafarisayo bari muri iryo sinzi babwira Yesu bati: “Mwigisha, hoza abo bigishwa bawe!”

40 Arabishura ati: “Ndababwire ukuri, naho bohora, amabuye yosemerera.”

41 Yegereye Yerusalemu, yitegereza igisagara, arakiririra,

42 avuga ati: “Ese na we iyo umenya icotuma uronka amahoro uwu musi! Ariko noneho ivyo bihishijwe amaso yawe.

43 Kuko igihe kizogushikako, aho abansi bawe bazokwubaka ibirindiro impande zawe zose, bagukikuze, bagusugereze impande zose.

44 Bazogusambura, bagutikizanye n’ababa muri wewe. Ntibazosigaza ibuye na rimwe rigeretse ku rindi, kuko utigeze umenya igihe Imana yakugendereye.”


Yesu ahumanura urusengero

45 Yinjiye mu rusengero, aca atangura kwirukana abariko bararudandarizamwo.

46 Ababwira ati: “Handitswe ngo: ‘Inzu yanje izoba iyo gusengeramwo,’ ariko mweho mwayihinduye ‘ubwihisho bw’ibisuma.’”

47 Imisi yose Yesu yama yigishiriza mu rusengero. Ariko abakuru b’abaherezi, abigisha b’ivyagezwe n’abatware b’Abayuda baho bose bagumye barondera ukuntu bomwica.

48 Ariko ntibaronka aho bamuca kuko abantu bose bakunda cane kwumviriza inyigisho ziwe.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan