Luka 16 - Bibiliya mu Kirundi corosheUmugani w’umunyabigega asesagura 1 Inyuma y’aho Yesu abwira abigishwa biwe ati: “Habaye umutunzi yari afise umunyabigega asesagura. 2 Umusi umwe aramuhamagara, amubaza ati: ‘Ivyo ndakwumvako ni ibiki? Harura ivyo nakujeje ubinsubize, kuko ntukibereye kuzezwa ubutunzi bwanje.’ 3 Wa munyabigega aca aribaza ati: ‘Mbega ndabigenza gute ko databuja agira ankure mu kazi? Nta nkomezi mfise zo kurima, kandi gusega vyontera isoni. 4 Ndatoye ico ngiye gukora, kugira ngo ninava muri aya mabanga, abantu bazompe indaro.’ 5 Maze ahamagara abo yahaye amadeni bose. Uwa mbere amubaza ati: ‘Databuja umuheraniye ibingana gute?’ 6 Na we yishura ati: ‘Utugunguru ijana tw’amavuta ya elayo.’ Wa munyabigega aca amubwira ati: ‘Akira urupapuro wandike utugunguru mirongo itanu.’ 7 Abaza uwa kabiri na we ati: ‘Databuja umuheraniye ibingana gute?’ Na we yishura ati: ‘Imifuko ijana y’ingano.’ Aca amubwira ati: ‘Akira urupapuro wandike mirongo umunani.’ 8 Maze shebuja ashima amayeri uwo munyabigega asesagura yakoresheje. Ni ko n’abana b’iyi si bazi ubwenge bwo kwitunganiriza ivy’ubuzima kurusha abana b’umuco. 9 Umve ndababwire: Ubutunzi bwanyu bwo mw’isi nimubukoreshe mu kwironderera abagenzi, kugira ngo nibwahera muzokwakirwe mu mazu y’ibihe bidashira. 10 Uwubaye umwizigirwa muri bike azozezwa vyinshi, kandi uwuzotakaza ubwizigirwa muri bike azobutakaza no kuri vyinshi. 11 None mutabaye abizigirwa mu vy’ubutunzi bwa hano kw’isi, ni nde yobazeza ivy’ubutunzi nyakuri? 12 Kandi mutabaye abizigirwa mu gutunganya ivy’ubutunzi bw’abandi, ni nde azobaha ubutunzi mwiganzira? 13 Nta mukozi n’umwe yoshobora gushimisha abakoresha babiri: agerageje kunezereza umwe, yosanga yababaje uwundi; kandi agerageje kuba umwizigirwa kuri umwe, yosanga yahemukiye uwundi. Nta muntu ashobora gukoreshwa n’Imana ngo yongere akoreshwe n’amahera.” 14 Abafarisayo, kubera ko bakunda amahera cane, bumvise ivyo vyose baca baramutwenga. 15 Na we arababwira ati: “Mwebwe mwigira abagororotsi mu maso y’abantu, ariko Imana irazi imitima yanyu. Kuko ivyo abantu baha agaciro kanini ari ibisesema imbere y’Imana. Izindi nyigisho 16 Igihe c’ivyagezwe vya Mose n’abavugishwa cagarukiye kuri Yohana. Kuva ico gihe, ubutumwa bwiza bw’Ubwami bw’Imana buravugwa, kandi abinjira muri ubwo Bwami barabubandanira. 17 Ariko biroroshe cane ko ijuru n’isi bikurwaho, hako agakwabu ko mu vyagezwe kokurwaho. 18 Umugabo yirukanye umugore wiwe hanyuma akarongora uwundi mugore aba asambanye, kandi umugabo arongoye umugore yahukanye aba asambanye. Umugani w’umutunzi n’umworo yitwa Lazaro 19 Habaye umutunzi yama yambaye mpuzu nziza z’igiciro kinini, kandi mu buzima bwiwe bwa misi yose yibera mu misi mikuru. 20 Kw’irembo ryiwe hama haryamye umukene yitwa Lazaro, asega. 21 Umubiri wiwe wari wuzuye ibikomere, akama yipfuza utwo kurya dukorotse tuva ku meza y’uwo mutunzi, mbere n’imbwa zama ziza kurigata ivyo bikomere vyiwe. 22 Igihe carageze uwo mworo arapfa, maze abamarayika baraza bamudugana mu gikiriza ca Aburahamu. Mu nyuma, wa mutunzi na we arapfa, arahambwa, 23 Ariko arababarizwa i kuzimu, yunamura amaso abona Aburahamu ari kure cane, na Lazaro ari mu gikiriza ciwe. 24 Wa mutunzi arasemerera ati: ‘Data Aburahamu, ngirira ikigongwe, urungike Lazaro, akoze isonga ry’urutoke rwiwe mu mazi, ampfuvye ku rurimi kuko ndiko ndababarizwa cane muri uno muriro.’ 25 Ariko Aburahamu aramwishura ati: ‘Mwana wanje, ibuka ingene mu buzima bwawe kw’isi waronse ivyo wipfuza vyose, Lazaro na we aba mu magorwa menshi. Ubu ariko arahozwa, na we uri mu mibabaro. 26 Kandi uretse n’ivyo, hagati yacu na wewe hari imanga nini ku buryo ata wushobora kuva ino ngo aze iyo, kandi ata wushobora kuva iyo ngo aze ino.’ 27 Wa mutunzi arishura ati: ‘Ndakwinginze data Aburahamu, rungika Lazaro agende mu muryango kwa data. 28 Ndafise abo tuvukana batanu, nshaka ko agenda kubaburira kugira ngo na bo ntibaze baze hano hantu ho kubabarizwa.’ 29 Aburahamu aramwishura ati: ‘Bafise ivyagezwe vya Mose n’ivyanditswe n’abavugishwa; nibabikurikize.’ 30 Wa mutunzi na we ati: ‘Oya data Aburahamu, ivyo ntibikwiye. Kumbure hagize uwugenda avuye mu bapfuye bokwihana.’ 31 Ariko Aburahamu aramwishura ati: ‘Batumviye Mose n’abavugishwa n’Imana, nta wundi bokwumvira, n’aho yoba azutse mu bapfuye.’ ” |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.