Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Luka 1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Intangamarara

1 Abantu benshi baragerageje kwandika inkuru z’ivyabereye hagati muri twebwe,

2 nk’uko twazishikirijwe n’abavyiboneye kuva bigitangura, ari na bo bamamaje Ubutumwa Bwiza.

3 Ni co gituma nanje, maze gutohoza neza uko vyagenze vyose kuva mu ntango, nahisemwo kukwandikira inkuru y’ukuri kandi itomoye, nyakwubahwa Teyofilo,

4 kugira ngo umenye udakekeranya ko inyigisho wakiriye ari iz’ukuri.


Ukuvuka kwa Yohana Umubatizi

5 Igihe Herode yari umwami w’i Yudaya, hari umuherezi yitwa Zakariya wo mu mugwi w’abaherezi bitirirwa Abiya. Umugore wiwe yitwa Elizabeti, na we akaba yakomoka mu muryango wa Aroni.

6 Zakariya na Elizabeti bari abagororotsi imbere y’Imana, kandi bakurikiza ivyagezwe n’amabwirizwa vy’Umwami Imana ata co bahajije.

7 Ariko nta mwana bari bafise, kuko Elizabeti atavyara, kandi bompi bari bashaje cane.

8 Umusi umwe, Zakariya yariko arakora igikorwa ciwe c’ubuherezi mu ngoro y’Imana, kuko umugwi wiwe ari wo wari uramukiwe.

9 Yari yatowe hakoreshejwe ubupfindo nk’uko umugenzo w’ubuherezi wabitegekanya mu guhitamwo uwinjira mu ngoro y’Umwami Imana guturira ibimota neza

10 Igihe co guturira ibimota neza kigeze, abari ngaho bose bariko basengera hanze.

11 Maze umumarayika w’Umwami Imana yiyereka Zakariya, ahagaze i buryo bw’igicaniro bacanirako ibimota neza.

12 Zakariya amubonye afatwa n’ubwoba bwinshi.

13 Ariko wa mumarayika aramubarira ati: “Zakariya we, ntutinye, kuko Imana yumvise ugusenga kwawe. Umugore wawe Elizabeti agiye kukuvyarira umwana w’umuhungu, na we uze umwite Yohana.

14 Uwo mwana azogutera kunezerwa no guhimbarwa, kandi ivuka ryiwe rizonezereza benshi,

15 kuko azoba uwuhambaye imbere y’Umwami Imana. Ntazokoza umuvinyu ku munwa canke ikindi kintu cose kiboreza, kandi azoba yuzuye Mpwemu Yera kuva akiri mu nda ya nyina.

16 Azogarukana Abisirayeli benshi k’Uhoraho, Imana yabo.

17 Azogendera imbere y’Umwami Imana afise impwemu n’ububasha nk’ivya Eliya, kugira ngo agarukane imitima y’abavyeyi ku bana babo, abatumvira Imana na bo abagarukane ku bwenge bw’abagororotsi; uko ni ko azotegurira abantu kwakira Umwami Imana.”

18 Zakariya abaza uwo mumarayika ati: “Ivyo novyemezwa n’iki, ko nshaje kandi umugore wanje akaba ageze mu zabukuru?”

19 Wa mumarayika aramwishura ati: “Ndi Gaburiyeli, kandi nama mpagaze imbere y’Imana. Ni yo yandungitse kukubwira iyi nkuru nziza.

20 Kuva ubu, ugiye kuba ikiragi, ntuzosubira kuvuga kugeza uwo mwana avutse, kuko utizeye ivyo nakubwiye. Kandi bizoshika igihe cavyo kigeze.”

21 Mu gihe ivyo vyariko biraba, abantu bari hanze, bagumye barindiriye Zakariya bibaza igituma yatevye mu rusengero umwanya munini.

22 Ariko asohotse, ntiyashobora kuvugana na bo. Abantu baca batahura ko hari ivyo yerekewe mu rusengero, kuko yabavugisha akoresheje ibimenyetso vy’amaboko, ntavuge.

23 Ikiringo c’ibikorwa vyiwe vy’ubuherezi kirangiye, asubira i muhira.

24 Haheze imisi, umugore wiwe Elizabeti asama inda, aca amara amezi atanu ataja ahabona. Aravuga ati:

25 “Ehe ivyiza Umwami Imana yankoreye! Muri iki gihe, yangiriye ubuntu ankurako ibiteterwe mu bantu.”


Mariya abwirwa ko azovyara Yesu

26 Elizabeti amaze amezi atandatu yibungenze, Imana irungika umumarayika Gaburiyeli mu gisagara c’i Galilaya citwa Nazareti,

27 ku nkumi yitwa Mariya yari ikowe n’umusore yitwa Yosefu, wo mu muryango wa Dawidi.

28 Uwo mumarayika yinjira aho Mariya ari, amubwira ati: “Nezerwa! Umwami Imana akugiriye ubuntu, kandi ari kumwe na we.”

29 Mariya aterwa ubwoba bwinshi n’ayo majambo, yibaza ico iyo ndamukanyo isigura.

30 Ariko wa mumarayika aramuhumuriza ati: “Ntutinye, Mariya, kuko ugiriwe ubuntu n’Imana.

31 Raba ugiye gusama inda, maze uvyare umwana w’umuhungu, kandi uze umwite Yesu.

32 Azoba uwuhambaye, kandi azokwitwa Umwana w’Iyisumbavyose. Umwami Imana azomuha intebe y’inganji ya sekuruza Dawidi,

33 kandi azoganza inzu ya Yakobo ibihe bidashira; Ubwami bwiwe ntibuzogira iherezo.”

34 Mariya abaza uwo mumarayika ati: “Ivyo vyoshoboka bite, ko ntarigera ndyamana n’umugabo?”

35 Na we aramwishura ati: “Mpwemu Yera azokuzako, ububasha bw’Iyisumbavyose bugutwikire. Ni co gituma umwana azovuka azoba uwera, yitwe Umwana w’Imana.

36 Mbere na Elizabeti incuti yawe agiye kuvyara umwana mu myaka yiwe y’ubusaza. Uwahora yitwa ingumba, uku ni ukwezi kugira gatandatu yibungenze,

37 kuko ata jambo Imana ivuze ribura ububasha.”

38 Mariya aramwishura ati: “Jewe ndi umusavyikazi w’Umwami Imana, nibimbere nk’uko ubivuze.” Wa mumarayika aca amusiga aho arigira.


Mariya aja kuramutsa Elizabeti

39 Muri iyo misi, Mariya aritegura, aduga yihuta mu misozi, aja mu gisagara ca Yuda.

40 Ashitse kwa Zakariya, aramutsa umugore wiwe Elizabeti.

41 Na we yumvise indamukanyo ya Mariya, umwana yari mu nda yiwe ariginagura. Elizabeti aca yuzuzwa Mpwemu Yera,

42 avuga n’ijwi rirenga ati: “Urahezagiwe mu bandi bagore bose, n’umwana ari mu nda yawe arahezagiwe.

43 Mbega nari iki kugira ngo nyina w’Umwami wanje angendere?

44 Nabaye ncumva indamukanyo yawe, umwana ari mu nda aca ariginagura kubera umunezero.

45 Urahiriwe kuko wizeye ko ivyo Umwami Imana yavuze bizoshika.”


Mariya ahimbaza Imana

46 Mariya aravuga ati: “Ubugingo bwanje burahimbaza Umwami Imana,

47 kandi impwemu yanje inezererewe Imana yo Mukiza wanje,

48 kuko yibutse umusavyikazi wayo muto. Uhereye ubu abantu bose bazonyita umuhirwe,

49 kuko Inyenkomezi yankoreye ibihambaye, izina ryayo ni iryera.

50 Igirira imbabazi abayubaha, uko uruganwe rukurikirana n’urundi.

51 Ukuboko kwayo kwakoze ivy’inkomezi; yashwiragije abishira hejuru mu mitima yabo.

52 Yakuye abatware ku ntebe z’inganji, ishira hejuru abaciye bugufi.

53 Yahagije ivyiza abashonje, yirukana abatunzi bagenda imbokoboko.

54 Yatabaye umusavyi wayo Isirayeli, yibuka kugirira imbabazi

55 Aburahamu n’uruvyaro rwiwe ibihe vyose, nk’uko yari yarabisezeraniye ba sogokuruza.”

56 Nuko Mariya amarana na Elizabeti amezi nk’atatu, araheza arataha.


Ivuka rya Yohana Umubatizi

57 Igihe ciwe co kwibaruka kigeze, Elizabeti yibaruka umwana w’umuhungu.

58 Incuti n’ababanyi bumvise ko Umwami Imana yamugiriye ubuntu, banezeranwa na we.

59 Umwana amaze imisi umunani, bamujana kumukeba. Bagira bamwite izina rya se Zakariya,

60 nyina arahakana, avuga ati: “Oya, izina ryiwe ni Yohana.”

61 Na bo baramubwira bati: “None ko ata n’umwe wo mu muryango wanyu yitwa iryo zina!”

62 Baca babaza se bakoresheje ibimenyetso ngo ababwire izina ashaka ko bita umwana wiwe.

63 Zakariya aca asaba ico kwandikako, yandika ati: “Izina ryiwe ni Yohana.” Bose baratangara.

64 Ubwo nyene akanwa kiwe gaca karuguruka, ururimi ruragoboroka, aca atangura kuvuga ahimbaza Imana.

65 Abari aho bose bafatwa n’ubwoba, kandi iyo nkuru yamamara mu misozi yose y’i Yudaya.

66 Abavyumva bose vyabatera kwibaza mu mitima bati: “None uwo mwana azoba umuntu ki?” Kuko ubushobozi bw’Umwami Imana bwari kuri we.


Indirimbo ya Zakariya

67 Se Zakariya, yuzuye Mpwemu Yera, atangura kuvugishwa ati:

68 “Amashimwe ni ay’Umwami, Imana ya Isirayeli, kuko yaje gutabara no gucungura abantu bayo.

69 Iduhagurukirije Umukiza ahambaye mu nzu ya Dawidi, umusavyi wayo

70 (nk’uko yabisezeranye kera ikoresheje abavugishwa bayo bera),

71 izodukiza abansi bacu, iturokore no mu maboko y’abatwanka.

72 Yagiriye imbabazi ba sogokuruza, yibuka isezerano ryiwe ryera,

73 ari yo ndahiro yarahiye sogokuruza Aburahamu;

74 ko azodukiza agahahazo k’abansi bacu, akadushoboza kumukorera ata bwoba,

75 mu kwera no mu kuyigororokera imisi yose yo kubaho kwacu.

76 Kandi nawe, mwana wanje, uzokwitwa uwuvugishwa n’Iyisumbavyose, kuko uzokwitangira imbere Umwami Imana, ukamutegurira inzira.

77 Uzokwigisha abantu biwe inzira y’agakiza kava mu guharirwa ivyaha vyabo.

78 Ku bw’imbabazi nyinshi z’Imana yacu, umuco w’igitondo ugiye kuturasira uvuye mw’ijuru,

79 kugira ngo uboneshereze abari mu mwijima n’abari mu gitutu c’urupfu, wongere urongorere intambuko zacu mu nzira y’amahoro.”

80 Uwo mwana arakura, arakomera mu mpwemu, aba mu bugaragwa gushika igihe yiyerekeye Abisirayeli.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan