Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Kolosayi 2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Ndashaka ko mumenya ukuntu ndabagwanira intambara ihambaye mwebwe n’ab’i Lawodikiya, hamwe n’abatarigera bambona na rimwe bose.

2 Intumbero yanje ni uko bose baremeshwa mu mutima bari n’ubumwe buva mu rukundo, kugira ngo bagire ubutunzi bwuzuye bwo gutahura gushitse, kugira ngo bamenye iryo banga ry’Imana, ari ryo Kristo.

3 Muri we ni ho ubutunzi bwose bw’ubwenge no kumenya buhishijwe.

4 Ndababwiye ivyo kugira ngo ntihagire umuntu n’umwe abahendesha akarimi gasosa.

5 Kuko naho tutari kumwe mu mubiri, ndi kumwe namwe mu mpwemu nkanezerezwa no kubabona muhagaze neza kandi mushikamye mu kwizera Kristo kwanyu.


Ubuzima bunengesereye muri Kristo

6 Nuko rero, nk’uko mwakiriye Kristo Yesu nk’Umwami, abe ari ko mushishikara kuba muri we,

7 mushinze imizi kandi mwubatswe neza muri we, mukomeye mu kwizera nk’uko mwigishijwe, kandi amashimwe yanyu ari menshi asesekaye.

8 Mwirinde ntihagire umuntu n’umwe abagira inyagano akoresheje amajambo y’uruhendo, yubakiye ku migenzo y’abantu hamwe n’ivya mbere vy’impwemu kandi vy’iyi si, ariko atari ivya Kristo.

9 Kuko muri Kristo ari ho ukunengesera kw’Imana kuza kukaba mu buryo bw’umubiri.

10 Kandi mwahawe ukunengesera muri Kristo, we mutwe w’ubukuru bwose n’ukuganza kwose.

11 Muri we mwarakebwe ugukebwa kutari ukwo mu buryo bw’umubiri. Ni ugukebwa mwakebwe na Kristo kwo kubambura akamere k’icaha.

12 Kuko igihe mwabatizwa mwahambanywe na we hanyuma muzukana na we kugira ngo mubeho ubuzima bushasha mwaronse biciye mu kwizera ubushobozi bw’Imana, yamuzuye imukuye mu bapfuye.

13 Igihe mwari mugipfuye mwishwe n’ivyaha vyanyu hamwe no kudakebwa kwa kamere kanyu k’icaha, Imana yabahinduye bazima muri Kristo. Yaduhariye ivyaha vyacu vyose,

14 ahindura ubusa icanditswe catwagiriza kandi cadutsindisha; agikuraho, akibamba ku musaraba.

15 Yambuye ibigwanisho abakuru n’abatware, abateterereza ahabona mu maso ya bose, abaneshesheje uwo musaraba.


Umwidegemvyo ku mabwirizwa y’abantu

16 Nuko rero ntimwemere ko hagira umuntu n’umwe abacira urubanza ku vyo murya canke munywa, canke ku misi mikuru y’idini, haba iy’ukwezi guserutse canke umusi w’Isabato.

17 Ivyo vyari igitutu c’ivyari bigiye kuzoza; ariko ishusho y’ukuri yari umubiri wa Kristo ubwiwe.

18 Ntihagire umuntu n’umwe abacira urubanza kubera inyungu mbi yishimikije uguca bugufi kutari kwo no gusenga abamarayika. Yihayagiza ko ivyo ari ivyo yeretswe. Ubwenge bwabo bwuzuye ivyaha butuma bishira hejuru ku vy’ubusa gusa.

19 Ntibagifatanye n’umutwe, ari wo Kristo, umubiri wose wisunga, ufatanijwe n’imitsi n’imisokoro, ugakura uko Imana ibitegetse.

20 Ko mwapfanye na Kristo ku vya mbere vy’impwemu kandi vy’iyi si, ni kuki, nk’aho mukiganzwa na yo, mucumvira amategeko yayo avuga ngo:

21 “Ntufate iki! Ntiwumvirize kuri kirya! Ntukore kuri kiriya!”?

22 Amategeko nk’ayo ni inyigisho z’abantu zijanye n’ibintu bigenda birahera uko tuba turiko turabikoresha.

23 Ayo mategeko mu vy’ukuri aboneka nk’aho womenga arimwo ubwenge, kuko asaba abantu gusenga uko bibwirije, no kwiyanka hamwe no kubabaza umubiri. Ariko nta bushobozi na butoya afise bwo kunesha ivyipfuzo vy’umubiri.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan