Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Kolosayi 1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Jewe Pawulo, intumwa ya Kristo Yesu kubera ugushaka kw’Imana, na mwene Data Timoteyo,

2 Turabandikiye mwebwe abera b’Imana bo mu gisagara c’i Kolosayi, bene Data b’abizigirwa muri Kristo: Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data wa twese bibe muri mwebwe.


Gushima Imana no gusenga

3 Imisi yose dushima Imana, Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, iyo tubasengera,

4 kuko twumvise ukwizera Kristo Yesu kwanyu n’urukundo mufitiye abera b’Imana bose.

5 Ukwo kwizera n’urwo rukundo vyubakiye ku kwizigira ivyo Imana ibabikiye mw’ijuru. Ivyo vyizigiro na vyo mwabikuye mw’ijambo ry’ukuri mwumvise, ari ryo Butumwa Bwiza.

6 Ubwo Butumwa Bwiza bwabashikiriye ni na bwo buriko burakwiragira kw’isi yose. Buriko burama ivyamwa bwongera bugwira, nk’uko vyagenze no muri mwebwe uhereye igihe mwabwumviye ubwa mbere, mugatahura ubuntu bw’Imana nk’uko bumeze vy’ukuri.

7 Mwabubwiwe na Epafura, umukozi w’Imana dukunda kandi dusangiye igikorwa, akaba n’umukozi wa Kristo w’umwizigirwa abakorera.

8 Ni we yatubwiye ivy’urukundo rwanyu mwahawe na Mpwemu.

9 Ni co gituma, kuva igihe twumviye ivyanyu, tudahengeshanya kubasengera, dusaba Imana ngo ibuzuze ukumenya ivyo igomba mu bwenge bwose n’ugutahura bitangwa na Mpwemu,

10 kugira ngo mubeho nk’uko bibereye ab’Umwami Yesu, mwongere mumunezereze muri vyose: mwama ivyamwa mu gikorwa ciza cose kandi mukura mu vyo kumenya Imana.

11 Turanabasengera ngo mukomezwe n’ubushobozi bwose bw’ubwiza bwiwe, kugira ngo mushobore kwihanganira vyose no kurindirana umunezero,

12 mushima Data yabashoboje gusangira n’abera biwe umugabane mu bwami bw’umuco.

13 Yaradukijije adukura mu bubasha bw’umwijima, adushira mu bwami bw’Umwana wiwe akunda.

14 Muri we ni ho twaherewe ugucungurwa, ari kwo guharirwa ivyaha.


Kristo arengeye vyose

15 Kristo ni we shusho iboneka y’Imana itaboneka, imfura irengeye ivyaremwe vyose,

16 kuko vyose vyaremwe biciye muri we: ivyo mw’ijuru n’ivyo kw’isi, ibiboneka n’ibitaboneka, zaba intebe z’ubwami, ubukuru, ubutware, ubutegetsi; vyose vyaremwe biciye muri we, kandi biremerwa kuba ivyiwe.

17 We yabayeho vyose bitarabaho, kandi muri we ni ho vyose bifatanirizwa.

18 Ni we mutwe w’umubiri, ari ryo shengero; ni we tanguriro kandi ni we mfura mu kuzuka mu bapfuye; kugira ngo muri vyose abe agaheta,

19 kuko Imana yahimbawe n’uko ubumana bwayo bwuzuye buba muri we,

20 kandi biciye muri we yiyujuje n’ibintu vyose, vyaba ibiri kw’isi canke ibiri mw’ijuru; izanishije amahoro amaraso yiwe, ayo yaviriye ku musaraba.

21 Kera mwari kure y’Imana kandi mwari abansi bayo mu vyiyumviro vyanyu no mu bikorwa vyanyu bibi.

22 Ariko ubu yariyujuje namwe mu mubiri wa Kristo biciye mu rupfu rwiwe, kugira ngo ibashikane imbere yayo mwejejwe, mutagira agatosi kandi ata n’ico mwogawa,

23 nimba vy’ukuri mwagumye mu kwizera, mushinzwe neza kandi mutanyiganyiga mu vyizigiro vyanyu biva mu Butumwa Bwiza. Ubwo ni bwo mwumvise kandi bwavuzwe mu vyaremwe vyose biri musi y’ijuru. Ubwo ni bwo jewe, Pawulo, nabereye umukozi.


Ubutame bwa Pawulo

24 Ubu nezererewe imibabaro ndiko ndacamwo ku bwanyu. Mu mubiri wanje, ndiko ndashitsa ibisigaye ku mibabaro ya Kristo ku bw’umubiri wiwe, ari ryo Shengero.

25 Nahindutse umukozi waryo kubera igikorwa Imana yanjeje muri mwebwe co kubashikiriza ijambo ryayo ryuzuye.

26 Iryo jambo ni ibanga ryari ryarahishijwe imyaka n’iyindi, ariko ubu ryahishuriwe abizera.

27 Imana yahisemwo kumenyekanisha mu Banyamahanga ubutunzi n’ubwiza bw’iryo banga; iryo banga ni Kristo ari muri mwebwe, ivyizigiro vy’ubwiza.

28 Ni we twamamaza, tuburira kandi twigisha umuntu wese mu bwenge bwose, kugira ngo dushikane umuntu wese kuri Kristo, akuze mu buryo bw’impwemu ata co ahajije.

29 Ni co gituma nkora nkaruha cane, nkagwanisha ubushobozi bwiwe bwinshi bukorera muri jewe n’inkomezi.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan