Ivyakozwe 9 - Bibiliya mu Kirundi corosheUkwihana kwa Sawuli 1 Ico gihe Sawuli yari acuzuye inzigo, ahiga kwica abigishwa b’Umwami Yesu. Nuko aja ku muherezi mukuru, 2 amusaba amakete atwara mu masinagogi y’i Damasiko, kugira ngo nihagira uwo basanga akurikira inzira y’Umwami Yesu, baba abagabo canke abagore, ace abatwara nk’imbohe i Yerusalemu. 3 Akigenda, yegereje i Damasiko, umuco uvuye mw’ijuru umurasirako giturumbuka impande zose. 4 Maze agwa hasi, yumva ijwi rimubwira riti: “Sawuli, Sawuli, uriko umpamira iki?” 5 Na we arabaza ati: “Uri nde ga Mwami?” Rya jwi na ryo riti: “Ndi Yesu, uwo uriko urahama. 6 Ariko haguruka ushike mu gisagara, ni ho uzobwirirwa ivyo ukwiye gukora.” 7 Abari kumwe na Sawuli bahagarara bumiwe, kuko bumva ijwi ariko batabona uwuvuga. 8 Sawuli ava hasi, ariko yugurura amaso, ntiyashobora kubona. Baca bamufata ukuboko bamutwara i Damasiko, 9 ahamara imisi itatu atabona, ata co arya kandi ata co anywa. 10 I Damasiko hari umwigishwa wa Yesu yitwa Ananiya. Maze Umwami Yesu amwiyereka mu nzozi, aramuhamagara ati: “Ananiya!” Na we arishura ati: “Sabwe Mwami!” 11 Umwami Yesu aramubwira ati: “Haguruka uje kw’Ibarabara Rigororotse, ushitse i muhira kwa Yuda, ubaze umugabo yitwa Sawuli ava i Taruso, kuko ariko arasenga. 12 Kandi mu nzozi, yabonye umuntu yitwa Ananiya aza kumurambikako ibiganza kugira ngo ahumuke.” 13 Ananiya arishura ati: “Mwami, narumvise benshi bavuga ivy’uwo muntu n’amabi yakoreye abera bawe i Yerusalemu. 14 Kandi yaje hano afise ububasha yahawe n’abakuru b’abaherezi kugira ngo afate abo bose bambaza izina ryawe.” 15 Ariko Umwami Yesu yishura Ananiya ati: “Genda, kuko uwo Sawuli ari igikoresho natoranije kugira ngo amenyekanishe izina ryanje mu Banyamahanga n’abami babo, ndetse no mu bwoko bwa Isirayeli. 16 Kandi jewe ubwanje nzomwereka imibabaro yose akwiye gucamwo ku bw’izina ryanje.” 17 Nuko Ananiya aca aja kuri ya nzu arinjira. Arambika ibiganza kuri Sawuli, avuga ati: “Mwene Data Sawuli, Umwami Yesu, uwakwiyeretse uri mu nzira uza, yakuntumyeko kugira ngo uhumuke kandi wuzure Mpwemu Yera.” 18 Ubwo nyene, ibintu bimeze nk’ibikaragashi biva ku maso ya Sawuli, arahumuka. Aca ava hasi arabatizwa. 19 Ahejeje gufungura, udutege turagaruka. Nuko Sawuli amarana imisi n’abigishwa i Damasiko. Sawuli yigisha i Damasiko n’i Yerusalemu 20 Maze atangura kwigisha mu masinagogi ko Yesu ari Umwana w’Imana. 21 Abamwumva bose baratangara, bakabazanya bati: “Mbega uwu mugabo si umwe yahora atikiza abasenga izina rya Yesu i Yerusalemu? Mbega ntiyari yazanywe ino no gufata abizera kugira ngo abatware nk’imbohe ku bakuru b’abaherezi?” 22 Ariko inyigisho za Sawuli zirushiriza kugira ubushobozi mu kwemeza Abayuda b’i Damasiko ko Yesu ari we Kristo bituma bataronka ico basubizayo. 23 Haciye igihe, Abayuda barondera ingena bomwica, 24 ariko Sawuli amenya imigambi yabo mibi. Ijoro n’umurango bama bamutegereye ku marembo y’igisagara kugira ngo bamwice. 25 Ariko abigishwa biwe bahengera ari mw’ijoro, bamushira mu giseke, bamucisha mw’idirisha ry’uruzitiro, baramwururutsa. 26 Ashitse i Yerusalemu, agomba kwifatanya n’abandi bigishwa, ariko bose baramutinya, kuko batizera ko yahindutse umwigishwa vy’ukuri. 27 Ariko Baranaba aramufata amujana ku ntumwa, abasigurira ingene Sawuli yahuye n’Umwami Yesu ari mu nzira aja i Damasiko akavugana na we, n’ingene i Damasiko yigishije mw’izina rya Yesu ata bwoba. 28 Maze Sawuli aca agumana n’intumwa i Yerusalemu yidegemvya, yigisha ashize amanga mw’izina rya Yesu. 29 Yama avugana yongera aharira n’Abayuda bavuga Ikigiriki, ariko bo bakama barondera ingene bomwica. 30 Ariko abizera babimenye, baca bamumanukana i Kayisariya, bamurungika i Taruso. 31 Mu nyuma ishengero ry’i Yudaya, i Galilaya n’i Samariya rigira amahoro, rirakomera, rigendera mu kwubaha Umwami Imana, ryongera riragwira ryiruwe na Mpwemu Yera. Petero akiza Ayineya 32 Nuko Petero agendagenda muri izo ntara zose, hanyuma amanuka kuramutsa abizera b’i Luda. 33 Maze ahasanga umugabo yitwa Ayineya, yari amaze imyaka umunani avundiye ku kirago kuko yari yarakongataye. 34 Petero aramubwira ati: “Ayineya, Yesu Kristo aragukijije. Haguruka wizingire ikirago cawe.” Ubwo nyene Ayineya aca arahaguruka. 35 Ababa i Luda n’i Sharoni bose bamubonye agendagenda, barihana bizera Umwami Yesu. Petero azura Tabita 36 Kandi i Yopa hari imwigishwa yitwa Tabita (mu Kigiriki ryasobanura Dorukasi, ni ukuvuga Ingeregere), yama akora ibikorwa vyiza, afasha abakene. 37 Muri iyo misi aragwara, hanyuma arapfa. Ikiziga ciwe baracoza, bakibika mu cumba co hejuru. 38 Kubera i Luda n’i Yopa hari hegeranye, abigishwa b’i Yopa bumvise ko Petero ari i Luda, bamutumako abagabo babiri bati: “Turakwinginze ushike iwacu udatevye.” 39 Nuko Petero arahaguruka asubirana unyuma na bo. Bashitse baca bamutwara muri cuba co hejuru. Abapfakazi bose baraza bakikuza Petero bararira, bamwereka amakanzu n’izindi mpuzu Dorukasi yari yarabakoreye akiri kumwe na bo. 40 Maze Petero arabataramura bose, aca arapfukama arasenga. Hanyuma ahindukirira ikiziga, avuga ati: “Tabita, vyuka!” Nuko tabita arakanura. Abonye Petero, aca aravyuka aricara. 41 Petero aca amufata ukuboko aramuhagurutsa. Hanyuma ahamagara abizera, na canecane abapfakazi, amubashikiriza ari muzima. 42 Maze iyo nkuru ica yamamara i Yopa hose, kandi abantu benshi bizera Umwami Yesu. 43 Petero aca amara imisi myinshi i Yopa kwa Simoni, yakora ivyo gutunganya insato. |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.