Ivyakozwe 8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe1 Na Sawuli ni ho yari ari, kandi yari ashigikiye ko Sitefano yicwa. Uwo musi haca haduka ihamwa rikomeye kw’ishengero ry’i Yerusalemu, maze abigishwa bose, kiretse intumwa, basanzarira i Yudaya n’i Samariya. Ihamwa ry’ishengero no gusanzara kwaryo 2 Abantu bubaha Imana baraza bahamba Sitefano, baramugandarira cane. 3 Ariko Sawuli we agerageza gusambura ishengero; yinjira mu nzu ku yindi agafata abagabo n’abagore bizera, akabata mw’ibohero. Filipo avuga ubutumwa i Samariya 4 Abasanzaye bagenda barigisha ijambo ry’Imana aho baba bageze hose. 5 Nuko Filipo amanuka mu gisagara kimwe c’i Samariya, abwira abantu baho ivya Kristo. 6 Maze abantu isinzi bumvise amajambo ya Filipo, bakabona n’ibitangaza akora, baca bashira umutima ku nyigisho ziwe. 7 Kuko benshi barakira impwemu mbi, zikabavamwo zikoma induru, abanyunyutse n’abacumbagira bagakira. 8 Maze haba umunezero mwinshi muri ico gisagara. Ivya Simoni umunyamareba 9 Hari umugabo yitwa Simoni yari amaze igihe ari umunyamareba muri ico gisagara, agatangaza ab’i Samariya bose, 10 kandi abantu bose, abahambaye n’aboroshe, baramutangarira bakavuga bati: “Uwu mugabo ni bwa bushobozi bw’Imana, bita ‘Ubushobozi Buhambaye.’ ” 11 Bakunda kumwumviriza kuko yari amaze igihe abatangaza n’amareba yiwe. 12 Ariko bamaze kwizera Ubutumwa Bwiza babwiwe na Filipo ku vyerekeye Ubwami bw’Imana n’izina rya Yesu Kristo, abagabo n’abagore benshi barabatizwa. 13 Na Simoni na we arabatizwa, akurikira Filipo aho yaja hose, atangarira ibimenyetso n’ibitangaza Filipo yakora. 14 Intumwa zari i Yerusalemu zumvise ko i Samariya abantu bakiriye ijambo ry’Imana, zica zibarungikira Petero na Yohana. 15 Bashitseyo, baca barabasengera kugira ngo baronke Mpwemu Yera, 16 kuko nta muntu n’umwe muri bo yari bwaronke Mpwemu Yera; bari babatijwe mw’izina ry’Umwami Yesu gusa. 17 Maze Petero na Yohana babarambikako ibiganza, baronka Mpwemu Yera. 18 Simoni abonye ko abantu baronka Mpwemu Yera barambitsweko ibiganza n’intumwa, aca azizanira amahera, 19 azibwira ati: “Nimumpe nanje ubwo bubasha kugira ngo uwo nzorambikako ibiganza azoronke Mpwemu Yera.” 20 Petero aramwishura ati: “Amahera yawe aragapfana na we, kuko wibaza ko woshobora kugura ingabire y’Imana amahera. 21 Nta n’agace canke umugabane ufise muri iki gikorwa, kuko umutima wawe utagororotse imbere y’Imana. 22 Nuko niwihane ivyo vyiyumviro bibi, usenge Umwami Imana. Kumbure yoguharira ivyo vyiyumviro bibi biri mu mutima wawe. 23 Kuko ndabona ko wuzuye ishari ry’umururazi, kandi ko uri umugurano w’ikibi.” 24 Simoni aca yishura ati: “Nsengera ku Mwami Imana kugira ngo mu vyo uvuze ntihagire ikizombako.” 25 Bamaze gushinga intahe no kuvuga Ijambo ry’Umwami Imana, Petero na Yohana baca basubira i Yerusalemu, bagenda baravuga Ubutumwa Bwiza mu mihana myinshi y’i Samariya. Filipo abwira Ubutumwa Bwiza Umunyetiyopiya 26 Maze umumarayika w’Umwami Imana abarira Filipo ati: “Va hasi ufate inzira ija mu bumanuko, iva i Yerusalemu ija i Gaza, imwe batagicamwo.” 27 Nuko afata inzira, akiriko aragenda ahura n’inkone y’Umunyetiyopiya, yari umutware akomeye, ajejwe ubutunzi bwa Kanidake, umwamikazi w’Abanyetiyopiya. Uwo muntu yari yagiye i Yerusalemu gusenga. 28 Ariko arataha, yicaye mu mukogote wiwe, yagenda arasoma igitabu c’uwavugishwa n’Imana Yesaya. 29 Mpwemu w’Imana abwira Filipo ati: “Egera uriya mukogote, uwugendere i ruhande.” 30 Nuko Filipo aranyaruka, agendera i ruhande ya wa mukogote, yumva wa muntu ariko asoma igitabu c’uwavugishwa n’Imana Yesaya. Aramubaza ati: “Mbega ivyo uriko urasoma urabitahura?” 31 Na we aramwishura ati: “Nobitahura gute atawubinsiguriye?” Aca asaba Filipo ngo yurire mu mukogote, baricarana. 32 Iyo nkone yariko isoma Ivyanditswe bivuga ngo: “Yatwawe nk’intama ijanwa kubagwa, atekereza nk’intama imbere y’uwuyimwa ubwoya, ntiyigera akurako umunwa. 33 Yarakengerewe abura uwumuburanira. Ni nde yovuga ivy’uruvyaro rwiwe? Kuko ubuzima bwiwe bwakuwe kw’isi?” 34 Maze iyo nkone ibaza Filipo iti: “Mbwira: uwu muntu uwavugishwa n’Imana avuga ko ni nde, ni we yivugako canke avuga ku wundi muntu?” 35 Filipo aca ahera kuri ivyo vyanditswe nyene, amubwira Ubutumwa Bwiza bwa Yesu. 36 Bakiri mu nzira bagenda, bashika ahantu hari amazi, ya nkone iravuga iti: “Ko hano hari amazi, ni igiki combuza kubatizwa?” [ 37 Filipo aramwishura ati: “Niwaba wizeye n’umutima wawe wose, urashobora kubatizwa.” Na we arishura ati: “Ndizeye ko Yesu Kristo ari Umwana w’Imana.”] 38 Nuko aca ategeka ko bahagarika umukogote, barururuka baja mu mazi, Filipo aca aramubatiza. 39 Bavuye mu mazi, Mpwemu w’Imana aca ajana Filipo, ya nkone ntiyasubira kumubona, ariko ibandanya urugendo inezerewe cane. 40 Filipo aca asubira kubonekera muri Azoto, ahaca avuga Ubutumwa Bwiza mu bisagara vyose gushika ashitse i Kayisariya. |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.