Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Ivyakozwe 7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Sitefano yiregura imbere y’Inama Nkuru y’Abayuda

1 Nuko umuherezi mukuru aramubaza ati: “Ivyo bakwagiriza ni vyo?”

2 Na we yishura ati: “Bavukanyi namwe bavyeyi, nimuntege amatwi ndababwire! Imana y’ubwiza yiyeretse sogokuruza Aburahamu akiri i Mesopotamiya, imbere y’uko aja kuba i Harani.

3 Yamubwiye iti: ‘Va mu gihugu cawe no mu bwoko bwawe, uje mu gihugu nzokwereka.’

4 Nuko Aburahamu ava mu gihugu c’Abakarudaya, aja kuba i Harani. Se wiwe amaze gupfa, Imana imurungika muri iki gihugu mubamwo.

5 Nta mugabane yamuhaye muri ico gihugu, nta n’aho guhonyoza ikirenge, ariko Imana yamusezeraniye ko we n’uruvyaro rwiwe bazokwegukira iki gihugu, n’aho ico gihe Aburahamu atari bwaronke umwana.

6 Imana yamubwiye iti: ‘Uruvyaro rwawe ruzoba abanyamahanga mu gihugu kitari icabo, kandi bazogirwa abagurano, bacinyizwe imyaka amajana ane.’

7 Imana yongera ivuga iti: ‘Ariko nzohana ihanga bazokorera nk’abagurano, kandi mu nyuma bazorivamwo, baze kunsengera muri iki kibanza.’

8 Nuko ica iha Aburahamu isezerano ryo gukebwa. Aburahamu na we avyara Isaka, amukeba ku musi ugira umunani. Isaka avyara Yakobo aramukeba, Yakobo na we avyara ba sogokuruza cumi na babiri, na we arabakeba.

9 Kubera ishari ba sogokuruza bagiriye Yosefu, bamugurishije muri Egiputa; ariko Imana yari kumwe na we,

10 maze imukiza amarushwa yiwe yose. Imuha ubwenge budasanzwe n’ikiganza ciza kuri Farawo, umwami wa Egiputa, na we amuha ubutware kuri Egiputa yose no mu bakozi biwe.

11 Igihe kimwe inzara itera muri Egiputa yose n’i Kanani, abantu babona amakuba, ba sogokuruza babura ivyokurya.

12 Yakobo yumvise ko muri Egiputa hariyo ingano, arungikayo ba sogokuruza incuro ya mbere.

13 Basubiyeyo ubwa kabiri, Yosefu yihishurira benewabo, Farawo na we abona kumenya umuryango wa Yosefu.

14 Maze Yosefu aca atumako se Yakobo n’umuryango wiwe wose. Bose hamwe bari mirongo irindwi na batanu.

15 Nuko Yakobo amanuka muri Egiputa. Mu nyuma arapfa, co kimwe na ba sogokuruza.

16 Ibisigarira vyabo vyatahukanwe i Shekemu, bishingurwa mu mva Aburahamu yari yaguriye abahungu ba Hamori i Shekemu.

17 Igihe c’uko Imana ishitsa amasezerano yahaye Aburahamu cegereje, igitigiri c’ubwoko bwacu cari kimaze kugwira, kirongerekana cane muri Egiputa.

18 Mu nyuma muri Egiputa himikwa uwundi mwami atigeze amenya ivya Yosefu.

19 Atwaza umukazo ubwoko bwacu, ategeka ba sogokuruza guta abana babo b’inzoya kugira ngo ntibabeho.

20 Ico gihe ni ho Mose yavuka, avuka ari umwana adasanzwe imbere y’Imana. Nuko arererwa mu muryango wiwe gushika ashikanye amezi atatu.

21 Amaze gutabwa, umukobwa wa Farawo aramutora, amurera nk’umwana wiwe bwite.

22 Nuko Mose yigishwa ubwenge bwose bw’Abanyegiputa, kandi aba uwuhambaye mu mvugo no mu ngiro.

23 Mose amaze imyaka mirongo ine, yumva mu mutima yotemberera benewabo b’Abisirayeli.

24 Maze asanga Umunyegiputa ariko akubita Umwisirayeli, aca aramutabara, maze amuhora mu kwica uwo Munyegiputa.

25 Mose we yibaza ko benewabo baza gutahura ko Imana yariko iramukoresha mu kubakiza. Ariko Abisirayeli bo ntibabitahura.

26 Bukeye Mose asanga aho Abisirayeli babiri bariko baragwana, agerageza kubumvikanisha, ababwira ati: ‘Mwa bagabo mwe, ko muri abavukanyi, ni iki gituma mugiriranira nabi?’

27 Uwariko agirira nabi mugenziwe aca asunura Mose, amubaza ati: ‘Ni nde yakugize umutware n’umucamanza wacu?

28 Ugomba kunyica nk’uko ejo wishe wa Munyegiputa?’

29 Mose avyumvise, aca ahungira mu ntara ya Midiyani, abayo nk’umunyamahanga, avyarirayo abahungu babiri.

30 Haheze imyaka mirongo ine, umumarayika yiyereka Mose mu mbeya z’igisaka cariko kirasha mu bugaragwa hafi y’umusozi Sinayi.

31 Maze Mose atangajwe n’ivyo abonye, yegera igisaka ngo arabe neza ivyo ari vyo, ni ko kwumva ijwi ry’Umwami Imana rivuga riti:

32 ‘Ndi Imana ya ba sogokuruza bawe, Imana ya Aburahamu, ya Isaka n’iya Yakobo.’ Mose ahinda agashitsi kubera ubwoba bwinshi, ntiyubahuka gusubira kwunamuka ngo arabe.

33 Umwami Imana aramubwira ati: ‘Ambura ibirato vyawe, kuko aha hantu uhagaze ari ahera.

34 Nabonye agacinyizo abantu banje barimwo muri Egiputa, numva n’amaborogo yabo, none manukanywe no kubakiza. Egera hano, kuko ngomba kugutuma muri Egiputa.’

35 Uwu ni Mose nyene bari baranse igihe bavuga bati: ‘Ni nde yakugize umutware n’umucamanza wacu?’ Imana ubwayo ni yo yamwirungikiye ngo abe umutware n’umucunguzi wabo, biciye ku mumarayika yamwiyeretse ari mu gisaka caka umuriro.

36 Yabakuje muri Egiputa utwumiza n’ibitangaza yakoreye muri ico gihugu, ku kiyaga gitukura, no mu myaka mirongo ine bamaze mu bugaragwa.

37 Uwo ni Mose nyene yabwiye Abisirayeli ati: ‘Imana izobahagurukiriza umuvugishwa ameze nkanje muri mwebwe.’

38 Yari mw’ikoraniro mu bugaragwa, ari kumwe na wa mumarayika yavugana na we ku musozi Sinayi hamwe na ba sogokuruza, aca ahabwa n’amajambo mazima, ayo yadusigiye.

39 Ariko ba Sokuruza bacu baranse kumwumvira, baramwikunkumura, imitima yabo yipfuza kwisubirira muri Egiputa.

40 Nuko babwira Aroni bati: ‘Ducurire imana zizotuja imbere, kuko tutazi ivyashikiye Mose, uwadukuye mu gihugu ca Egiputa.’

41 Ico gihe ni ho bakora ikigirwamana mw’ishusho y’inyana y’inka. Bagishikanira ibimazi bongera bagira umusi mukuru wo kwigina ico kintu bari bakoresheje amaboko yabo.

42 Maze Imana yirabira hirya, irabareka ngo basenge ibiba ku kirere, baba bashikije ivyanditswe mu bitabu vy’abavugishwa, bivuga ngo: ‘Mbega hari ibimazi n’amashikanwa mwanshikaniye mu myaka mirongo ine mwamaze mu bugaragwa, Yemwe Bisirayeli?

43 Mwashize hejuru ihema rya Moleki, n’ikimenyetso c’inyenyeri c’imana yanyu Refani, ibishushanyo mwacuze ngo mubisenge. Nuko rero nzobirukana muhungire hakurya ya Babiloni.’

44 Ba sogokuruza bacu bari bafise ihema ry’isezerano mu bugaragwa. Ryari ryubatswe nk’uko Imana yari yategetse Mose, nk’uko ikigereranyo yari yeretswe cari kiri.

45 Bamaze guhabwa iryo hema, ba sogokuruza, barongowe na Yosuwa, baje bazanye iryo sandugu mu gihugu Imana yari ihejeje kwirukanamwo amahanga imbere yabo. Iryo hema ryagumye mu gihugu gushika ku gihe c’umwami Dawidi.

46 Dawidi na we agirirwa ubuntu bwinshi n’Imana, bituma asaba kwubakira ihema Imana ya Yakobo.

47 Ariko Salomo ni we yahavuye ayubakira inzu.

48 Ariko Iyisumbavyose ntiba mu nzu zubatswe n’amaboko y’abantu, nk’uko uwavugishwa n’Imana avuga ati:

49 ‘Ijuru ni intebe yanje y’ubwami, isi na yo ni indava y’ibirenge vyanje.’ Ni ko Uhoraho avuze. ‘Mbega mwonyubakira inzu nyabaki? Canke ikibanza canje co kuruhukiramwo coba hehe?

50 Mbega ukuboko kwanje si kwo kwaremye ivyo vyose?’

51 Mwa ntagondwa mwe, imitima yanyu n’amatwi yanyu ntibirakebwa. Mumeze nka ba sogokuruza banyu: mwama mugarariza Mpwemu Yera.

52 Mbega hari umuvugishwa n’umwe ba sogokuruza banyu batahamye? Mbere bishe n’abavugishijwe ku kuza kwa wa Umugororotsi. None namwe ubu mwaramugurishije, muramwica,

53 kandi ari mwebwe mwakiriye ivyagezwe vy’Imana mubihawe n’abamarayika, ariko ntimwavyumvira.”


Sitefano aterwa amabuye

54 Bavyumvise, barashangashirwa, bamuhekenyera imisaya.

55 Ariko Sitefano yuzuye Mpwemu Yera, arangamiza mw’ijuru, abona ubwiza b’Imana, abona na Yesu ahagaze i buryo bw’Imana.

56 Aca avuga ati: “Ehe mbonye ijuru ryugurutse, mbona n’Umwana w’Umuntu ahagaze i buryo bw’Imana.”

57 Ariko avuga uko, baca bazibira amatwi yabo kugira ntibamwuve, bashira urwamo hejuru, baca bamuhundarirako icarimwe,

58 bamukwegera inyuma y’igisagara, batangura kumutera amabuye. Vya vyabona bikura imitamana yavyo, biyirambika imbere y’ibirenge vy’umusore yitwa Sawuli.

59 Bakiriko baramutera amabuye, Sitefano arasenga ati: “Mwami Yesu, akira ubugingo bwanje.”

60 Aca agwa apfukamye, asemerera ati: “Mwami, ntubaharureko iki caha.” Ahejeje kuvuga ivyo, aca aracikana.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan