Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Ivyakozwe 6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Intumwa zitoranya abo kugaburira abakene

1 Muri iyo misi, igitigiri c’abigishwa caguma ciyongera. Abayuda bavuga Ikigiriki bari muri bo bidogera Abayuda b’imvukira ko birengagiza abapfakazi babo iyo batanga imfungurwa zo ku musi ku musi.

2 Bamwe cumi na babiri baca bakoranira hamwe n’abandi bigishwa, bavuga bati: “Si vyiza ko dufata minenegwe igikorwa co kugabura ijambo ry’Imana bitumwe no kugabura ivyokurya.

3 Bene Data, nimutoranye abantu indwi muri mwebwe, mushingira intahe ko buzuye Mpwemu Yera n’ubwenge, tubazeze ico gikorwa,

4 hanyuma natwe duheze twiyegurire igikorwa co gusenga no kwigisha Ijambo ry’Imana.”

5 Abari aho bose bashima ico ciyumviro, maze batoranya Sitefano, umuntu yari yuzuye ukwizera kandi yari yuzuye Mpwemu Yera, na Filipo, na Purokoro, Nikanori, Timoni, Parumena, na Nikola Umunyantiyokiya yinjiye mw’idini ry’Abayuda.

6 Nuko abo bantu bazanwa imbere y’intumwa, zirabasengera, zibarambitseko ibiganza.

7 Nuko ijambo ry’Imana ribandanya kwamamara, igitigiri c’abigishwa i Yerusalemu kiragwira cane, kandi n’abaherezi benshi b’Abayuda barizera.


Sitefano Afatwa

8 Sitefano yari umuntu yuzuye ubuntu n’ububasha vy’Imana, yakoreye ibitangaza n’ibimenyetso vyinshi mu bantu.

9 Ariko abantu bamwebamwe bo mw’Isinagogi ry’abiyita Abagurano bidegemvya, ari bo Bayuda b’i Kurene n’abo muri Alegizanderiya, bafatanije n’abava mu ntara za Kilikiya na Aziya, bahagurukira rimwe guhaririza Sitefano.

10 Ariko ntibashobora guhagarara imbere y’ubwenge bwiwe hamwe n’Impwemu yamuvugisha.

11 Ni ko guca baha ingero abantu mu mpisho ngo baje kumudodobereza bati: “Twumvise Sitefano atuka Mose, yongera atuka n’Imana.”

12 Maze baca bagumura abantu bose, harimwo n’abashingantahe b’ubwo bwoko n’abigisha b’ivyagezwe, bafata Sitefano, bamutwara imbere y’inama nkuru y’abarongoye ubwo bwoko.

13 Baca bazana ibindi vyabona vy’ibinyona, bivuga bati: “Uwu mugabo yama atuka urusengero rwera n’amabwirizwa ya Mose.

14 Twaramwumvise avuga ko uwo Yesu w’i Nazareti azosambura urusengero yongere ahindure imigenzo Mose yadusigiye.”

15 Abari bicaye mu nama nkuru y’abarongoye ubwo bwoko bose bamwihweje, babona mu maso hiwe hasa n’ah’umumarayika.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan