Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Ivyakozwe 5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Ivyabaye kuri Ananiya na Safira

1 Ariko hari umugabo yitwa Ananiya, yari afise umugore yitwa Safira. Bagurisha itongo ryabo babigiye inama.

2 Aca yumvikana n’umugore wiwe, bafata igice c’amahera bakuyemwo barakinyegeza, bazana ayasigaye bayashikiriza intumwa.

3 Maze Petero abaza Ananiya ati: “Ananiya, ni kuki Satani yujuje umutima guhenda Mpwemu Yera mu kunyegeza igice c’amahera wagurishije itongo ryawe?

4 Mbega utararigurisha ntiryari iryawe? Kandi umaze kurigurisha, amahera ntiyari ayawe? Vyakugendeye gute ngo wiyumvire mu mutima wawe ukore ikibi nk’ico? Erega si twebwe wahenze, ahubwo wahenze Imana!”

5 Ananiya acumva ivyo, agwa hasi arahwera. Abavyumvise ibibaye bose batekerwa n’ubwoba.

6 Maze abasore bari aho bava hasi, batekera ikiziga ciwe bakijana kugihamba.

7 Haciye nk’amasaha atatu umugore wiwe aca arashika, atazi ivyabaye.

8 Petero aramubaza ati: “Tubwire! Aya ni yo mahera yose mwe na Ananiya mwakuye mw’itongo mwagurishije?” Safira ati: “Egome, ni ayo.”

9 Petero aca amubwira ati: “Vyabagendeye gute ngo mwumvikane guhenda Mpwemu w’Umwami Imana? Raba ibirenge vy’abavuye guhamba umugabo wawe bigeze aho imbere y’umuryango, kandi na wewe barakujana.”

10 Ubwo nyene aca agwa hasi imbere y’ibirenge vya Petero, aracikana. Ba bantu baca barinjira, basanga na we arapfuye, baca baja kumuhamba, bamuryamika i ruhande y’umugabo wiwe.

11 Ishengero ryose n’abumvise ivyabaye bose baca bafatwa n’ubwoba bwinshi.


Intumwa zikiza abagwaye benshi

12 Inyuma y’ivyo, intumwa zibandanya zikora ibitangaza n’utwumiza mu bantu, kandi abizera bose bama bahurira hamwe mw’ibaraza rya Salomo, bahuje umutima n’inama.

13 Nta n’umwe yubahuka kwifatanya na bo, n’aho abantu babemera cane.

14 Ariko abantu benshi, abagabo n’abagore barizera Umwami, igitigiri cabo cama congerekana.

15 Vyatuma kandi abantu benshi bama bazana abagwaye bakabaryamika mu nderuzo no ku birago i ruhande y’inzira, kugira ngo Petero arenganye igitutu ciwe gipfume kibacako.

16 Abantu isinzi bama bakorana bavuye mu mihana ikikuje Yerusalemu, bazanye abagwaye n’abafashwe n’impwemu mbi, kandi bose barakira.


Intumwa zihamwa

17 Maze umuherezi mukuru n’abo bari bafadikanije, bari mu muce b’Abasadukayo, babagirira ishari.

18 Nuko bafata intumwa bazishira mw’ibohero.

19 Ariko mw’ijoro, umumarayika w’Umwami Imana yugurura imiryango y’ibohero, arabasohora.

20 Maze arababwira ati: “Nimugende muhagarare mu rusengero, mubwire abantu ubutumwa bwuzuye bw’ivy’ubu bugingo bushasha.”

21 Bukeye binjira mu rusengero nk’uko babariwe, batangura kwigisha. Umuherezi mukuru n’abo bari bafatanije bashitse, baca bakoranya inama nkuru y’abarongoye ubwoko bw’Abisirayeli, baca barungika abarinzi b’urusengero kw’ibohero kuzana za ntumwa.

22 Ariko ba barinzi b’urusengero bashitse kw’ibohero, ntibabasangayo, baca basubira inyuma gutanga inkuru,

23 bavuga bati: “Twasanze ibohero ryugaye neza, n’abarinzi bahagaze ku miryango, ariko twuguruye twasanze ata n’umwe ariyo.”

24 Umukuru w’abarinzi b’urusengero n’abakuru b’abaherezi bavyumvise barazazanirwa cane bibaza ibishobora gukurikira.

25 Ubwo nyene haca haza umuntu, ababwira ati: “Ba bagabo mwashira mw’ibohero bahagaze mu rusengero bariko barigisha abantu.”

26 Wa mukuru w’abarinzi b’urusengero aca ajana n’abarinzi bari kumwe, baja kuzana za ntumwa. Ariko babazana ku neza badakoresheje inguvu, kuko batinya ko abantu bobatera amabuye.

27 Babashikanye, babashira imbere y’inama nkuru y’abarongoye ubwo bwoko, maze umuherezi mukuru atangura kubasambisha.

28 Arababwira ati: “Twari twabihanikirije kutigisha muri iryo zina. Ariko mwakwiragije inyigisho zanyu i Yerusalemu hose, kandi mwamaramaje kutwegekako amaraso y’uwo muntu.”

29 Petero n’izindi ntumwa barishura bati: “Dutegerezwa kwubaha Imana kuruta abantu!

30 Imana ya ba sogokuruza yazuye Yesu mu bapfuye, uwo mwari mwishe mumubamvye ku musaraba.

31 Imana yaramushize hejuru imwicarika i buryo bwayo nk’Umutware n’Umukiza, kugira ngo ahe Abisirayeli ukwihana n’uguharirwa ivyaha vyabo.

32 Ivyo twebwe turabishingira intahe, kandi na Mpwemu Yera arabishingira intahe, uwo Imana yahaye abamwumvira.”

33 Bavyumvise barashangashirwa, bagomba kubicisha.

34 Ariko hari Umufarisayo yitwa Gamaliyeli, yari umwigisha w’ivyagezwe, kandi yubahwa cane n’abantu bose. Arahaguruka, asaba ko bataramura gato izo ntumwa.

35 Aca ababwira ati: “Bagabo b’Isirayeli, mwiyumvire neza ku vyo mugomba kugirira aba bantu.

36 Mu misi iheze, uwitwa Teyuda yaje yigira uwuhambaye, abantu bashika amajana ane baramukurikira. Amaze kwicwa, abamukurikira bose baca barasanzara, ntibagira ico bashikako.

37 Inyuma yaho, Yuda Umunyagalilaya yaje mu misi y’urusansuma, arongoye umugwi w’abantu batera umudurumbanyo. Na we nyene yarishwe, abamukurikira barasanzara.

38 None rero n’ubu ndabahanure: Nimurekure aba bantu bigire! Kuko nimba ivyo bariko barakora vyavuye ku bantu, Nta ho bizoshika.

39 Ariko nimba biva ku Mana, ntimuzoshobora kubagwanya; ahubwo muzosanga muriko mugwanya Imana.”

40 Nuko bemera impanuro ziwe, bahamagaza za ntumwa, barazikubitisha, bazitegeka kudasubira kwigisha muri iryo zina rya Yesu, baca barabarekura barataha.

41 Izo ntumwa zica ziva imbere y’Inama Nkuru y’abarongoye ubwo bwoko zinezerewe, kuko Imana yari yabonye ko bibabereye kubabazwa bahorwa izina rya Kristo.

42 Imisi yose bama mu rusengero canke mu mihana, ntibigeze bahagarika kwigisha no kwamamaza inkuru nziza, bavuga ko Yesu ari we Kristo.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan