Ivyakozwe 3 - Bibiliya mu Kirundi coroshePetero akiza ikimuga 1 Umusi umwe Petero na Yohana bari baduze mu rusengero gusenga, hari kw’isaha y’icenda. 2 Hari umuntu yaremaye kuva akivuka yama azanwa imisi yose kw’irembo ryitwa Irembo Ryiza kugira ngo asege abaje mu rusengero. 3 Abonye Petero na Yohana bagira binjire mu rusengero, arabasega. 4 Maze Petero na Yohana barahindukira baramuraba, hanyuma Petero amubwira ati: “Nuturabe!” 5 Wa mugabo na we abahanga amaso cane yiteze ko hari ico bagira bamuhe. 6 Ariko Petero aravuga ati: “Ifeza n’inzahabu nta vyo mfise, ariko ico mfise ndakiguha. Mw’izina rya Yesu Kristo Umunyenazareti, va hasi utambuke!” 7 Aca amufata ukuboko kw’i buryo, aramuhagurutsa, ubwo nyene ibirenge vyiwe n’ingingo zavyo bica birakomera. 8 Nuko atangura gutambuka, yinjirana na bo mu rusengero, atambuka, yiterera hejuru, ahimbaza Imana. 9 Abantu bose bamubonye agendagenda ashima Imana, 10 bamenya ko ari umwe yahora yicara asegerereza kw’irembo ry’urusengero ryitwa Irembo Ryiza, barumirwa cane, batangazwa n’ivyamubayeko. Petero yigisha mu rusengero 11 Kubera ko wa muntu yaguma yumiye kuri Petero na Yohana, abantu bose biruka iyo bari, barundana mw’ibaraza ryitwa Ibaraza rya Salomo, batangaye cane. 12 Petero abibonye, arababwira ati: “Yemwe Bisirayeli, ni kubera iki ibi bibatangaje? Ni kubera iki muturaba nk’aho umenga ni ubushobozi bwacu canke ukwubaha Imana kwacu kwatumye uwu muntu atambuka? 13 Imana ya Aburahamu, ya Isaka n’iya Yakobo, Imana ya ba sogokuruza, ni yo ishimagije umusavyi wayo Yesu, uwo mwatanze ngo yicwe, mukamwihakana imbere ya Pilato, naho we yari yahisemwo kumurekura. 14 Mwihakanye Uwera, Umugororotsi, musaba ko barekura umwicanyi. 15 Mwishe uwutanga ubugingo, ariko Imana yaramuzuye mu bapfuye, natwe turi ivyabona vyo kubishingira intahe. 16 Biciye mu kwizera izina rya Yesu, uwu muntu yakize. Ni izina rya Yesu n’ukwizera kuva kuri we vyamukijije neza nk’uko muvyibonera mwese. 17 None rero bavukanyi, ndazi ko mwabikoze mu kutamenya, co kimwe n’abatware banyu. 18 Ariko uko ni ko Imana yashikije ivyo yari yaravugiye mu kanwa k’abavugishwa na yo bose, ivuga ko Kristo akwiye kubabazwa. 19 Nuko rero nimwihane, muhindukire, kugira ngo ivyaha vyanyu bihanagurwe, ngo ibihe vy’impemburo bibone kuza, bivuye imbere y’Umwami Imana, 20 kugira yongere ibarungikire Kristo yabashiriweho, ari we Yesu. 21 Uwo akwiye kuja mw’ijuru kurindirirayo igihe ivy’Imana yavugiye mu kanwa k’abavugishwa na yo bera vyose bishitse. 22 Kuko Mose yavuze ati: ‘Uhoraho Imana yanyu azobahagurukiriza umuvugishwa ameze nkanje, imukuye muri mwebwe nyene. Muze mumwumvire mu vyo azobabwira vyose. 23 Uwutazomwumviriza aze arandurwe mu bwoko bwiwe.’ 24 Kukaba nka ko, n’abandi bavugishwa bose uhereye kuri Samweli, baravugishijwe ku biriko biraba uno musi. 25 Muri abuzukuruza b’abo bavugishwa, n’abana b’isezerano Imana yagiranye na ba sogokuruza banyu. Yabwiye Aburahamu iti: ‘Mu ruvyaro rwawe ni ho imiryango yose yo mw’isi izohererwa umugisha.’ 26 Igihe Imana yazura umusavyi wayo, yabanje kumutuma kuri mwebwe, kugira ngo umwe wese muri mwebwe ahabwe umugisha mu kuva mu nzira ziwe mbi.” |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.