Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Ivyakozwe 26 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Agiripa na we abarira Pawulo ati: “Urahawe uburenganzira bwo kwiregura.” Pawulo aca aramvura ukuboko, atangura kwiregura, avuga ati:

2 “Mwami Agiripa, ngiriwe ubuntu bwo guhagarara imbere yawe uno musi, niregura ku vyo nagirizwa n’Abayuda,

3 na canecane ko wewe usanzwe uzi neza imigenzo y’Abayuda n’impari zabo. None rero ndakwinginze unyumvirize wihanganye.

4 Abayuda bose barazi ingene nabayeho kuva nkiri umwana, ingene nakuze haba mu gihugu navukiyemwo canke i Yerusalemu.

5 Baranzi neza kuva kera, kandi bashatse bobishingira intahe ko nabayeho nk’umwe mu Bafarisayo, umuce urusha iyindi mu gushimikira ku migenzo mw’idini ryacu.

6 None igitumye mpagaze imbere y’ubucamanza uwu musi n’uko nizigiye ivyo Imana yasezeraniye ba sogokuruza.

7 Ivyo ni vyo imiryango yacu cumi n’ibiri yiteze kubona bishika; ni co gituma bakorera Imana n’umwete mwinshi ijoro n’umurango. Kandi ga mwami, ivyo vyizigiro nyene ni vyo bituma Abayuda banshengeza.

8 Mbega ni kuki muri mwebwe hari abibaza ko bidashoboka ko Imana izura abapfuye?

9 Nanje ubwanje nahora niyumvira ko nkwiye gukora ibishoboka vyose ngo ngwanye izina rya Yesu Umunyenazareti.

10 Kandi ivyo narabikoze i Yerusalemu. Nahawe ububasha n’abakuru b’abaherezi bwo gufata abizera no kubata mw’ibohero; kandi mu kubacira urwo gupfa, nari mu bavyemeza.

11 Kenshi nava mw’isinagogi nja mu yindi nkabakubitisha, nkabategeka gutuka izina rya Yesu. Muri iryo pfuhe nyeneryo kubagwanya, nashitse no mu bisagara vyo mu mahanga kubahamirayo.

12 Umusi umwe nari ngiye muri ivyo bikorwa nyene i Damasiko, nahawe ububasha kandi ntumwe n’abakuru b’abaherezi.

13 Maze ga mwami, nko kw’isaha ya gatandatu y’umurango, ndi mu nzira ngenda, mbona umuco mwinshi uva mw’ijuru, uruta uw’izuba, uturasira impande zose twe n’abo twari kumwe.

14 Twese duca tugwa hasi, maze numva ijwi rimbarira mu Giheburayo riti: ‘Sawuli, Sawuli, uriko umpamira iki? Nta wukubita umugere ku muhunda.’

15 Nanje nca ndamubaza nti: ‘Uri nde ga Mwami?’ Na we ati: ‘Ndi Yesu uwo uriko urahama.

16 None rero va hasi uhagarare, kuko ndakwiyeretse kugira ngo ndagutume nk’umukozi wanje, kandi nk’icabona co gushingira intahe ivyo wambonyeko n’ivyo nzokwereka.

17 Nzokurokora mu maboko y’ubwoko bwawe no mu maboko y’Abanyamahanga, abo ndagutumyemwo,

18 kugira ngo ubugurure amaso, bave mu mwijima baje mu muco, ubakure mu bubasha bwa Satani ubazane ku Mana, baharirwe ivyaha vyabo, maze bahabwe ikibanza mu bejejwe babihawe no kunyizera.’

19 None rero Mwami Agiripa, numviye ivyo neretswe bivuye mw’ijuru.

20 Nahereye ku b’i Damasiko, hanyuma nja mu b’i Yerusalemu n’i Yudaya hose, ntibagiye no mu Banyamahanga, nigisha ko bakwiye kwihana bakagaruka ku Mana, kandi bagakora ibikorwa bikwiranye n’ukwihana kwabo.

21 Ico ni co catumye Abayuda bamfatira mu rusengero bakagomba kunyica.

22 Ariko Imana yagumye indinda gushika uwu musi. None mpagaze ngaha nshingira intahe abakuru n’abato. Nta co ndiko ndavuga kirengeye ivyo abavugishwa n’Imana na Mose bavuze ko bizoshika,

23 ko Kristo akwiye kubabazwa, akaba impfura mu kuzuka mu bapfuye, maze akamamaza umuco mu bwoko bwiwe no mu Banyamahanga.”

24 Ageze aho, Fesito aca amuciramwo asemerera ati: “Erega Pawulo wasaze! Ivyigwa vyinshi wize vyaragusarishije.”

25 Pawulo asubizayo ati: “Nyenicubahiro Fesito, sinasaze. Ivyo ndiko ndavuga ni ukuri kandi biratahuritse.

26 Ibi umwami asanzwe abizi. Ibi ndiko ndabivuga nshize ubwoba kuko ndazi ko na we nyene abizi, kuko ntivyakorewe mu kinyegero.

27 Mwami Agiripa, mbega ntiwizera ivyo abavugishwa bavuze? Ndazi ko uvyizera.”

28 Agiripa aca abaza Pawulo ati: “Wibaza ko mu kanya gato nk’aka woshobora kuntahuza nkaba Umukristo?”

29 Pawulo asubizayo ati: “Umwanya waba muto canke munini, nta co bitwaye. Ico nsaba Imana n’uko atoba wewe gusa, ariko n’abariko baranyumviriza bose uwu musi bomera nkanje, uretse iyi minyororo.”

30 Umwami, umukuru w’intara na Berenise n’abari bicaranye na bo baca barahaguruka, baragenda.

31 Bavuye muri iyo sentare, bagenda baraganira, bavuga bati: “Uwu muntu nta co yakoze cotuma yicwa canke ngo ashirwe mw’ibohero.”

32 Agiripa abarira Fesito ati: “Iyaba atari yaramaze kwungururiza kwa Kayisari, yaca arekurwa.”

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan