Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Ivyakozwe 23 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Maze Pawulo ahanga amaso Inama Nkuru y’Abayuda ababwira ati: “Bavukanyi, gushika uno musi, namye ngendera imbere y’Imana, ata jwi rinyagiriza ikibi.”

2 Ananiya, umuherezi mukuru, aca ategeka abari hafi ya Pawulo ko bamukubita ku munwa.

3 Pawulo aca avuga ati: “Imana izogukubita, wa ndyadya we umeze nk’igihome gisize irangi ryera! Uriko uncira urubanza wisunga ivyagezwe none ubirenzeko utegeka ko bankubita!”

4 Abari bahagaze i ruhande ya Pawulo baca bamubwira bati: “Nta soni! Urubahutse gutuka umuherezi mukuru w’Imana!”

5 Pawulo arabishura ati: “Bavukanyi, sinamenye ko ari umuherezi mukuru; kuko handitswe ngo: ‘Ntimukavuge nabi n’umwe mu baganza ubwoko bwanyu.’”

6 Pawulo amenye ko mu bari ngaho harimwo Abasadukayo n’Abafarisayo, aca abwira abagize iyo Nama Nkuru ati: “Bavukanyi, jewe ndi Umufarisayo, kandi na data ni Umufarisayo. Aha ndiko ncirwa urubanza kuko mfise ivyizigiro ko hariho ukuzuka kw’abapfuye.”

7 Avuze uko, haca haduka ukutumvikana hagati y’Abafarisayo n’Abasadukayo, ikoraniro rica ryicamwo kubiri.

8 Mu bisanzwe, Abasadukayo bavuga ko ata kuzuka, ata bamarayika canke impwemu bibaho, ariko Abafarisayo bo bemera ko ivyo vyose bibaho.

9 Maze urwamo ruba rwinshi, hanyuma bamwe mu bigisha b’Ivyagezwe b’Abafarisayo bava hasi bavuga bashize amanga bati: “Uwu muntu twebwe tubona ata caha kimwagira. Nta wubizi, yoba yavuganye n’impwemu canke n’umumarayika!”

10 Impari ziba nyinshi gushika aho wa mukuru w’abasoda agira ubwoba, yibaza ko bahava batabagura Pawulo. Aca ategeka abasoda ngo bamanuke bamunyakure, bamuhungishirize mw’ikambi.

11 Mw’ijoro, Umwami Yesu araza ahagarara i ruhande ya Pawulo, amubwira ati: “Humura! Nk’uko wanshingiye intahe i Yerusalemu, ni ko uzonshingira intahe n’i Roma.”


Bagira umugambi wo kwica Pawulo

12 Bukeye Abayuda bagira inama, bashirako n’indahiro ko batazogira ico barya canke ngo banywe batarica Pawulo.

13 Abari muri iyo nama barenga mirongo ine.

14 Nuko baja ku bakuru b’abaherezi n’abatware, bababwira bati: “Twarahiye ko ata co turya tutarica Pawulo.

15 None rero, mwebwe n’Inama Nkuru y’Abayuda, nimusabe umukuru w’abasoda amubarungikire, mumubwire ko mugomba kumenya ivyiwe neza. Natwe turiteguye guca tumwica atarashika ngaha.”

16 Ariko umwishwa wa Pawulo yumva iyo nama, aca yiruka kw’ikambi abibarira Pawulo.

17 Pawulo aca abarira umwe mu bakuru b’abasoda ijana ati: “Jana uwu musore ku mukuru w’abasoda; arafise ico agomba kumubwira.”

18 Na we aca aramujana kuri wa mukuru w’abasoda. Amubwira ati: “Pawulo, umwe ari mw’ibohero, ansavye ngo nzane uwu musore, kuko afise ico agomba kukubwira.”

19 Wa mukuru w’abasoda aca afata ukuboko wa musore, amwinjiza mu nzu, aramubaza ati: “Ugomba kumbarira iki?”

20 Wa musore aca avuga ati: “Abayuda bagiye inama yo kugusaba ngo urungike Pawulo imbere y’Inama Nkuru y’Abayuda ejo, babesha ko hari amakuru bashaka kumubaza.

21 Ntuvyemere kuko muri bo hari abagabo barenga mirongo ine bagomba kumutegera. Kandi basezeranye ko badasubira kurya canke ngo banywe bataramwica. Ubu bamaze kwitegura, barindiriye ko wemera gusa kumurungika.”

22 Wa mukuru w’abasoda aca arungika wa musore, amwihanikirije ati: “Ntihagire n’umwe ubwira ko ibi wabimbwiye.”


Barungika Pawulo i Kayisariya

23 Wa mukuru w’abasoda aca ahamagara abakuru b’abasoda ijana babiri, ababwira ati: “Nimutegure abasoda amajana abiri, abagendera ku mafarasi mirongo irindwi, hamwe n’abandi amajana abiri bagwanisha amacumu, mwitegurire kuja i Kayisariya isaha zitatu z’ijoro.

24 Mutegurire Pawulo amafarasi kugira ngo ashikirizwe Felisi, umukuru w’intara, ata nkomanzi.”

25 Aca yandika ikete muri aya majambo:

26 Jewe Kilawudiyo Lusiyasi, Ndabaramukije nyakwubahwa Felisi, umukuru w’intara.

27 Uwo mugabo ndabarungikiye yari yafashwe na bamwe mu Bayuda, kandi bagira bamwice, maze jewe n’ingabo twari kumwe turahashika turamutabara, kuko nari namenye ko ari Umuroma.

28 Kugira menye ico bamwagiriza, namujanye mu Nama Nkuru y’Abayuda.

29 Nca nsanga bamwagiriza ibijanye n’ivyagezwe vyabo, ariko nta co nasanze kimwagira cotuma ashirwa mw’ibohero canke ngo yicwe.

30 Numvise ko bagize inama yo kumwica, nca mpitamwo kumubarungikira ubwo nyene, kandi nategetse ko abamwagiriza babazanira ibirego bamurega.

31 Ba basoda baca bakora nk’uko bategetswe, bajana Pawulo mw’ijoro, bamushikana ahitwa Antipatiri.

32 Ku musi ukurikira, abasoda bagendera hasi basubira mw’ikambi, abagendera ku mafarasi baba ari bo babandanya baherekeza Pawulo.

33 Bashitse i Kayisariya, bashikiriza rya kete wa mukuru w’intara, bongera bamushikiriza na Pawulo.

34 Wa mukuru w’intara arisomye, aca abaza Pawulo iyo ava. Yumvise ko ava i Kilikiya,

35 aca amubwira ati: “Nzokwumviriza urubanza rwawe abakwagiriza nibashika.” Aca ategeka ko Pawulo arindirwa ku kirimba kwa Herode.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan