Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Ivyakozwe 22 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Arababwira ati: “Bavukanyi namwe bavyeyi, nimwumvirize ukwiregura kwanje.”

2 Bumvise avugana na bo mu Giheburayo, baca barahora, haba agacerere kenshi. Pawulo aca arabandanya ati:

3 “Ndi Umuyuda, navukiye i Taruso muri Kilikiya, ariko nakuriye hano i Yerusalemu, nigishwa na Gamaliyeli kwitondera ivyagezwe vya ba sogokuruza mu kuri kwavyo kwose. Nagize ishaka ryinshi ryo kwubaha Imana nk’uko namwe muri hano uwu musi muyubaha.

4 Nahama abakurikira inzira y’Umwami Yesu gushika naho bamwe bapfa, ngafata abagore n’abagabo nkabata mw’ibohero.

5 Ivyo umuherezi mukuru n’abagize Inama Nkuru y’Abayuda bose bashobora kubishingira intahe. Mbere ni na bo bampaye amakete nshira Abayuda benewacu b’i Damasiko, maze njayo gufata abizera baho ngo ndabazane i Yerusalemu ari imbohe, kugira ngo bahanwe.

6 Nk’igihe c’isaha zitandatu z’umurango, ndiko ndegereza i Damasiko, umuco uvuye mw’ijuru undasira impande zose.

7 Maze ngwa hasi hanyuma numva ijwi rimbarira riti: ‘Sawuli! Sawuli! Uriko umpamira iki?’

8 Nanje ndabaza nti: ‘Uri nde ga Mwami?’ Rya jwi riranyishura riti: ‘Ndi Yesu w’i Nazareti, uwo uriko urahama.’

9 Abo twari kumwe barabona umuco ariko ntibumva ijwi ry’uwo twariko turavugana.

10 Nanje ndamubaza nti: ‘None nkore iki ga Mwami?’ Umwami Yesu aranyishura ati: ‘Haguruka uje i Damasiko, ni ho uzokwigishirizwa ivyo wategekanirijwe kuzokora.’

11 Abo twagendanye baca bamfata ukuboko bantwara i Damasiko, kuko wa muco mwinshi wari watumye mpuma amaso.

12 Muri ico gisagara hariho umuntu yitwa Ananiya. Yari umuntu yubaha Imana, akitondera ivyagezwe, kandi Abayuda bose baho bamushingira intahe nziza.

13 Nuko aza kundaba, ampagarara i ruhande ambwira ati: ‘Sawuli, humuka.’ Ako kanya nyene nca ndahumuka, ndamubona.

14 Maze aravuga ati: ‘Imana ya ba sogokuruza yagutoranirije kumenya ivyo igomba, kubona wa Mugororotsi, no kwumva ijwi ryiwe.

15 Uzomubera icabona co gushingira intahe ivyo wabonye n’ivyo wumvise imbere y’abantu bose.

16 None ni igiki kigutebeje? Va hasi ubatizwe, wambaze izina ryiwe, ubone kwozwa ivyaha vyawe.’

17 Maze kugaruka i Yerusalemu, umusi umwe ndi mu rusengero ndiko ndasenga nderekwa,

18 mbona Umwami Yesu ambwira ati: ‘Ihute uve i Yerusalemu kuko abaho batazokwemera intahe unshingira.’

19 Nca ndamwishura nti: ‘Mwami, aba bantu barazi ko naciye mu masinagogi yose ngata mw’ibohero nkongera ngakubitisha abakwizera.

20 Kandi igihe amaraso ya Sitefano uwagushingira intahe yaseseka, ni ho nari, nemeza ko yicwa, mfatiye impuzu abariko baramwica.’

21 Aca arambwira ati: ‘Genda, nzogutuma kure, mu Banyamahanga.’ ”


Pawulo ashirwa mw’ibohero

22 Gushika kuri ayo majambo, abantu bari bakiriko baramwumviriza. Maze baca batangura gushira urwamo hejuru bati: “Mukure kw’isi! Uwo ntakwiye kubaho!”

23 Bagishira urwamo hejuru, bata impuzu bongera basurira umukungugu hejuru,

24 wa mukuru w’abasoda aca ategeka ko Pawulo ajanwa mw’ikambi, bakamusambisha bamukubita kugira ngo bamenye igituma abantu bose bahagurukiye rimwe kumwiyamiriza.

25 Bamaze kumuboha ngo bamukubite, Pawulo aca abaza umukuru w’abasoda ijana yari ahagaze aho ati: “Mbega biremewe n’amategeko gukubita Umuroma, ata rubanza rwamutsinze?”

26 Na we avyumvise aca aja kuri wa mukuru wabo amubwira ati: “Mbega ubigenza gute? Erega wa mugabo ni Umuroma.”

27 Wa mukuru avyumvise aca aja kubaza Pawulo ati: “Mbwira, uri Umuroma?” Pawulo aramwishura ati: “Egome ndi we.”

28 Wa mukuru ati: “Na jewe ndi we, kandi natanze amahera menshi kugira ngo ndonke ubwo bwenegihugu.” Pawulo na we amubwira ati: “Ariko jeho navutse ndi Umuroma.”

29 Abagira bamusambishe baca basubira inyuma ubwo nyene. Na wa mukuru w’abasoda agira ubwoba kuko yabohesheje Pawulo, kandi ari Umuroma.


Pawulo arengutswa imbere y’Inama Nkuru y’Abayuda

30 Bukeye bwaho, uwo mukuru w’abasoda akoranya abakuru b’abaherezi n’abagize Inama Nkuru y’Abayuda. Yashaka kumenya neza ico Abayuda bagiriza Pawulo. Nuko aca aramubohora, amuhagarika imbere yabo.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan