Ivyakozwe 21 - Bibiliya mu Kirundi coroshePawulo aja Yerusalemu 1 Tumaze gusezera abakuru bo muri Efeso no gutandukana na bo, duca twurira ubwato tuja i Kosi. Ku musi ukurikira tuja i Rodo, hanyuma tuvayo tuja i Patara. 2 Tuhashitse tuhasanga ubwato buja i Foyinike, duca turabwurira turagenda. 3 Dushitse hafi y’izinga Kupuro, turisiga i bubamfu, tugenda dutumbereye i Siriya, maze dushika i Tiro, aho ubwato twarimwo bwategerezwa kwururukiriza ivyo bwari butwaye. 4 Twururutse tuhasanga abigishwa baho, duca tumarana na bo imisi indwi. Baca bavugishwa na Mpwemu Yera ko Pawulo adakwiye kubandanya urwo rugendo ruja i Yerusalemu. 5 Ariko iyo ndwi iheze, duca turabandanya urugendo. Bene Data bose, bari kumwe n’abagore n’abana, baraduherekeza kuva mu gisagara gushika ku nkengera y’ikiyaga. Tuhashitse, turapfukama turasenga. 6 Tumaze gusezerana, duca twurira ubwato, na bo basubira iwabo. 7 Nuko tubandanya urugendo kuva i Tiro, dushika i Putolemiya, aho twamaze umusi umwe turamutsa bene Data. 8 Bukeye turabandanya dushika i Kayisariya, dushikira kwa Filipo umuvugabutumwa, umwe muri bamwe ndwi batoranywa i Yerusalemu ngo bakore igikorwa co kugaburira imfungurwa abapfakazi. 9 Yari afise abakobwa bane batararongogwa, bafise ingabire yo kuvugishwa n’Imana. 10 Tuhamaze imisi, haza uwuvugishwa n’Imana yitwa Agabo, yari amanutse ava i Yudaya. 11 Ashitse aho turi, afata umukanda wa Pawulo, awibohesha amaboko n’amaguru, avuga ati: “Mpwemu Yera avuze ati: ‘Uku ni ko Abayuda b’i Yerusalemu bazoboha nyene uwu mukanda, hanyuma bamurekurire mu maboko y’Abanyamahanga.’ ” 12 Tuvyumvise, twe n’ababa aho twinginga Pawulo tumusaba ngo ntashishikare urugendo ruja i Yerusalemu. 13 Pawulo aratwishura ati: “Ni kuki murira, mumbabariza umutima? Siniteguriye kubohwa gusa, ahubwo niteguriye no gupfira i Yerusalemu ku bw’izina ry’Umwami Yesu.” 14 Tubonye tudashobora kumugondoza turamureka, tuvuga tuti: “Ivyo Imana ishaka bibe ari vyo biba.” 15 Inyuma y’ivyo duca turitegura, tuduga i Yerusalemu. 16 Bamwe mu bigishwa b’i Kayisariya baraduherekeza badushikana kwa Munasoni, aho twategerezwa kurara. Uwo Munasoni yava i Kupuro kandi yari umwe mu ba mbere bizeye Kristo. Pawulo na bagenziwe bashika i Yerusalemu 17 Dushitse i Yerusalemu, bene Data batwakirana umunezero. 18 Bukeye Pawulo ajana natwe tuja kuraba Yakobo, kandi n’abandi bakuru b’ishengero ni ho bari bari. 19 Pawulo arabaramutsa, abiganira ido n’ido ry’ivyo Imana yamukoresheje mu Banyamahanga mu gikorwa ciwe. 20 Bavyumvise bashima Imana, hanyuma bamubwira bati: “Mwene Data, ehe raba ingene ibihumbi vyinshi vy’Abayuda bizeye, kandi bose buzuye ishaka ryo kwubahiriza ivyagezwe vya Mose. 21 Ariko bumvise ko wigisha Abayuda bose baba mu Banyamahanga ngo bave mu vyagezwe vya Mose, kandi ngo ntibakebe abana babo, canke ngo babeho nk’uko imigenzo y’Abayuda ibitegeka. 22 None tubigenze dute? Nta nkeka bazokwumva ko waje. 23 Turagusavye rero ukore ico tukubwira. Hari abagabo bane bari kumwe natwe bagize isezerano imbere y’Imana. 24 Jana na bo, ugirane na bo umugenzo w’ukwihumanura, kandi ubarihire n’amahera kugira ngo bimoshe. Gutyo abantu bose bazobona ko ivyo bakwumviseko atari vyo, ariko ko na we ubayeho witondera ivyagezwe. 25 Naho ku vyerekeye abanyamahanga bizera, nibakurikize ingingo twarabandikiye mw’ikete: birinde kurya ivyaterekerewe ibigirwamana, amaraso canke inyama z’ibikoko binizwe, n’ingeso mbi z’ubusambanyi.” 26 Bukeye Pawulo aca ajana na ba bantu, yihumanurira hamwe na bo, hanyuma aja mu rusengero kumenyesha umusi umugenzo wo kwihumanura uzorangirirako, maze ibimazi bigatangwa ku bw’umwe umwe muri bo. Pawulo afatirwa mu rusengero i Yerusalemu 27 Imisi indwi y’umugenzo wo kwihumanura igira irangire, Abayuda bamwe bo muri Aziya babona Pawulo mu rusengero. Baca bagumura ikoraniro ryose, baramufata. 28 Barasemerera bati: “Yemwe Bisirayeli, dutabare! Uwu ni wa mugabo agenda arigisha abantu bose aho aciye hose, atyoza ubwoko bwacu, ivyagezwe n’uru rusengero. Ikigeretseko, yazanye Abagiriki mu rusengero, ahumanya iki kibanza cera.” 29 (Ivyo babivuze kubera bari baheruka kubona Umunyefeso yitwa Tirofimo ari kumwe na Pawulo mu gisagara, baca bibaza ko yamujanye mu rusengero.) 30 Maze umugumuko ukwira igisagara cose, abantu baza bariruka bavuye mu mihingo yose. Bafata Pawulo, bamukwegera inyuma y’urusengero, ubwo nyene imiryango yarwo ica irugarwa. 31 Bagira bamwice, inkuru ica ishikira umukuru w’abasoda b’Abaroma ko igisagara ca Yerusalemu cose kiri mu mugumuko. 32 Aca akoranya bamwe mu batwara imigwi y’abasoda ijana n’abo batwara, baca banyuragirana hagati mu bantu. Abariko batera imigumuko babonye uwo mukuru w’abasoda n’ingabo ziwe, baca barahagarika gukubita Pawulo. 33 Wa mukuru w’abasoda aca araseruka, aramufata, ategeka ko bamubohesha iminyororo ibiri, hanyuma abaza uwo ari we n’ico yakoze. 34 Bamwe mw’isinzi ryari aho bagasemerera bavuga bimwe, abandi bakavuga ibindi. Kubera ko uwo mukuru w’abasoda atashobora kumenya ukuri bitumwe n’urwamo rw’abantu, ategeka ko Pawulo ajanwa mw’ikambi. 35 Pawulo ashitse ku ngazi z’amabuye ziduga mw’ikambi, imigumuko iba myinshi cane, bica biba ngombwa ko abasoda bamutwara bamureruye. 36 Isinzi ry’abari bamukurikiye bagenda barasemerera bati: “Mwice! Mwice!” Pawulo yiregura 37 Abasoda bashikanye Pawulo mw’ikambi, abaza wa mukuru w’abasoda ati: “Noshobora kugira ico ndababaza?” Na we aramwishura ati: “Urazi Ikigiriki? 38 Wewe nturi wa Munyegiputa yatera umugararizo mu misi iheze, agatwara mu bugaragwa abicanyi ibihumbi bine?” 39 Pawulo arishura ati: “Ndi Umuyuda w’i Taruso muri Kilikiya, umunyagisagara kidasanzwe. Ndakwinginze unyemerere ngire ico mbwira aba bantu.” 40 Wa mukuru w’abasoda yemerera Pawulo, na we ahagarara ku ngazi, arabamama ngo batekane. Habaye agacerere, aca avugana na bo mu rurimi rwabo rw’Igiheburayo. |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.