Ivyakozwe 2 - Bibiliya mu Kirundi corosheMpwemu Yera aza ku ntumwa 1 Ku musi wa Pentekote, abizera bose bari bakoraniye hamwe. 2 Ubwo nyene haza igihinda kivuye mw’ijuru kimeze nk’umuyaga mwinshi w’igihuhusi, cuzura mu nzu barimwo. 3 Baca babona ibimeze nk’imbeya z’umuriro zitandukanije, zica zija kuri umwe umwe wese. 4 Bose baca buzura Mpwemu Yera, batangura kuvuga mu zindi ndimi nk’uko Mpwemu Yera abashoboje kuzivuga. 5 Kandi hariho Abayuda benshi bubaha Imana bari i Yerusalemu, bari baje bava mu mahanga yo musi y’ijuru. 6 Bumvise urwamo, baca basidukana n’iyonka, baratangara cane kuko umwe wese yumva abizera bavuga ururimi rwiwe. 7 Nuko barabazanya bati: “Aba bantu bose bariko baravuga si Abanyagalilaya? 8 None bigenda gute ngo umwe umwe wese muri twebwe yumve bavuga ururimi kavukire rw’iwabo? 9 Muri twebwe harimwo Abapariti, Abamedi, Abelamiti, n’abava i Mesopotamiya, i Yudaya i Kapadokiya, i Ponto, muri Aziya, 10 i Furugiya, i Pamfiliya, muri Egiputa no mu gice ca Libiya cegereye Kurene, n’abavuye i Roma 11 (bagizwe n’Abayuda n’abinjiye mw’idini ry’Abayuda), Abanyakirete, n’Abarabu. Kandi twese turabumva bavuga ibitangaza vy’Imana mu ndimi z’iwacu.” 12 Nuko bose barumirwa bongera barazazanirwa, babazanya bati: “Mbega ibi ni iki?” 13 Ariko bamwe barabacokora bavuga bati: “Aba bantu baborewe, banyoye igisama.” Petero yigisha isinzi ry’abantu 14 Petero aca arahaguruka ari kumwe na bamwe cumi n’umwe, avuga n’ijwi rirenga abwira abari aho ati: “Bayuda benewacu, namwe mwese muri i Yerusalemu, nimuntege amatwi, mutahure neza ibibaye. 15 Aba bantu ntibaborewe nk’uko muvyiyumvira. Raba haracari isaha zitatu z’igitondo. 16 Ibi ni ivyari vyaravuzwe n’uwavugishwa n’Imana Yoweli, aho yavuga ati: 17 ‘Uku ni ko Imana ivuze, iti: Mu bihe vya nyuma nzosuka Mpwemu wanje ku bantu bose; abahungu banyu n’abakobwa banyu bazovugishwa nanje, n’abasore banyu bazobona ivyo beretswe, abatama banyu bazorota inzozi. 18 N’abasavyi banje, abagabo n’abagore, muri iyo misi nzobasukako Mpwemu wanje kandi bazovugishwa nanje. 19 Nzokwerekana ibitangaza hejuru kw’ijuru n’ibimenyetso hasi kw’isi: amaraso, umuriro, n’ugupfunduka kw’umwotsi. 20 Izuba rizohinduka umwijima, ukwezi guhinduke amaraso, imbere y’ukuza kwa wa musi w’Uhoraho uhambaye kandi w’ubwiza. 21 Kandi umuntu wese azokwambaza izina ry’Uhoraho azokizwa.’ 22 Yemwe Bisirayeli, Yesu w’i Nazareti yari umuntu yashingiwe intahe n’Imana mu bitangaza, utwumiza n’ibimenyetso Imana yamukoresheje muri mwebwe, nk’uko ubwanyu mubizi. 23 Uwo Yesu yatanzwe mu maboko yanyu ku bw’umugambi Imana yari yatareguye kuva kera, maze namwe mufashijwe n’abanyakibi n’abanyamahanga, mumwica mumubamvye ku musaraba. 24 Ariko Imana yaramuzuye mu bapfuye, imukura mu vyara vy’urupfu, kuko bitashoboka ko urupfu rumugumya. 25 Dawidi yaramuvuzeko ati: ‘Namye mbona Uhoraho imbere yanje. Kuko ari i buryo bwanje, sinzonyiganyizwa. 26 Ni co gituma umutima wanje unezerewe, ururimi rwanje rugahimbarwa, n’umubiri wanje ukaruhukana ivyizigiro, 27 kuko utazorekera umushaha wanje mu kibanza c’abapfuye, canke ngo uze ureke uwera wawe ngo abore. 28 Wamenyesheje inzira y’ubugingo, uzonyuzuza umunezero ndi imbere yawe.’ 29 Bene Data, ndashobora kubabwira ntakekeranya ko sogokuruza wacu Dawidi yapfuye agahambwa, kandi n’imva yiwe iracari hano gushika uwu musi. 30 Yari umuvugishwa w’Imana kandi yari azi ko Imana yari yaramusezeraniye ishizeko n’indahiro ko izokwimika ku ngoma yiwe umwe mu ruvyaro rwiwe. 31 Yeretswe ivyo muri kazoza, avuga ivy’ukuzuka kwa Kristo, ko atarekewe i kuzimu mu kibanza c’abapfuye, kandi ko n’umubiri wiwe utaboze. 32 Uwo Yesu Imana yaramuzuye mu bapfuye, twese turi ivyabona vyo kubishingira intahe. 33 None rero, amaze gushika i buryo bw’Imana, yakiriye Mpwemu Yera, uwo Data yari yarasezeranye, hanyuma asuka ivyo muriko murabona kandi mwumva. 34 Dawidi ntiyaduze mw’ijuru, ariko ni we yavuze ati: ‘Uhoraho yabariye Umwami wanje ati: Icara i buryo bwanje 35 kugeza abansi bawe bose ndabashize musi y’ibirenge vyawe.’ 36 Nuko rero Abisirayeli nibamenye ukuri badakekeranya ko uwo Yesu, uwo mwebwe mwabamvye, Imana yamugize Umwami na Kristo.” 37 Abari ngaho bose bavyumvise bibacumita mu mitima, babaza Petero n’izindi ntumwa bati: “Bagabo benewacu, dukore iki?” 38 Petero arabishura ati: “Umuntu wese muri mwebwe niyihane, abatizwe mw’izina rya Yesu Kristo, kugira ngo ivyaha vyanyu bibone guharirwa, ni ho muzoronka ingabire ya Mpwemu Yera. 39 Kuko iryo sezerano ari iryanyu, n’iry’abana banyu, n’iry’abari kure bose, abazohamagarwa n’Umwami Imana yacu bose.” 40 Petero aca abandanya ababwira ayandi majambo menshi yo kubinginga no kubahanura, avuga ati: “Nimuhunge uru runganwe rw’inkozi z’ibibi.” 41 Nuko abizeye ayo majambo ya Petero barabatizwa, abashika ibihumbi bitatu biyongera ku gitigiri c’abizera. Uko abizera bari babayeho 42 Maze abizera bose bashira imitima ku vyo intumwa zigisha, gusangira ivyabo, kumanyagura imikate, no gusenga. 43 Umuntu wese aterwa n’ubwoba ku bw’ibitangaza n’ibimenyetso vyinshi vyakorwa n’intumwa. 44 Abizera bose baba hamwe kandi basangira ivyabo vyose. 45 Bagurisha amatongo n’ivyo batunze vyose, bakagabura amahera, bivanye n’ubukene bw’umwe umwe wese. 46 Imisi yose bama bakoranira mu rusengero, bakamanyagurira imikate mu mihana yabo, bakongera bagasangirira hamwe bafise imitima ihuye kandi banezerewe. 47 Bama bashima Imana ibihe vyose kandi na bo bashimwa n’abantu bose, maze Umwami Imana na we akama abongerereza igitigiri c’abakizwa. |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.