Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Ivyakozwe 19 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Pawulo ashika muri Efeso

1 Apolo akiri i Korinto, Pawulo afata inzira ica mu gihugu hagati, aragenda ashika muri Efeso, ahasanga abigishwa.

2 Arababaza ati: “Mwarakiriye Mpwemu Yera igihe mwizera?” Baramwishura bati: “Haba na mba. Mbere ntitwari bwumve n’uko Mpwemu Yera abaho.”

3 Maze Pawulo arababaza ati: “None mwabatijwe uwuhe mubatizo?” Baramwishura bati: “Umubatizo wa Yohana.”

4 Pawulo arababwira ati: “Umubatizo wa Yohana wari uwo kwihana. Yahamagarira abantu kwizera uwagira aze inyuma yiwe, uwo na we ni Yesu.”

5 Bavyumvise, baca babatizwa mw’izina ry’Umwami Yesu.

6 Pawulo abarambitseko ibiganza, Mpwemu Yera aca abazako, batangura kuvuga izindi ndimi no kuvugishwa n’Imana.

7 Abari aho bari nk’abagabo cumi na babiri.

8 Pawulo aca yinjira mw’isinagogi, amara amezi atatu yigisha ashize amanga, aharira n’abantu akabemeza ivy’Ubwami bw’Imana.

9 Ariko bamwe bakomantaza imitima banka kwizera, banebagura ku mugaragaro inzira y’Umwami Yesu. Nuko Pawulo aca ava muri iryo sinagogi, agenda ajanye n’abizera, abandanya avuganira mu nyubakwa uwitwa Turano yigishirizamwo.

10 Amara imyaka ibiri abikora uko, gushika Abayuda n’Abagiriki bose baba muri Aziya bumvise ijambo ry’Umwami Imana.

11 Imana ikoresha Pawulo ibitangaza bidasanzwe,

12 gushika aho n’igitambara canke impuzu yakozeko abantu babikoza ku barwaye, bagakira ingwara n’ababoshwe n’impwemu mbi zikabavamwo.

13 Maze Abayuda bamwe bigenera kugenda hirya no hino, bagerageza kwirukana impwemu mbi ngo zive mu bantu bakoresheje izina ry’Umwami Yesu. Bavuga bati: “Mw’izina rya Yesu, umwe Pawulo yigisha, ndagutegetse muvemwo!”

14 Kandi hari n’abahungu indwi b’Umuyuda yitwa Sikewa, umwe mu baherezi bakuru, bakora nk’uko.

15 Umusi umwe impwemu mbi irabishura iti: “Yesu ndamuzi, na Pawulo ndamuzi. None mwebwe muri ba nde?”

16 Wa muntu yarimwo impwemu mbi aca abasimbirako, abarusha inkomezi, arabakubita gushika aho bahunga inzu barimwo bari gusa, bavirirana.

17 Abayuda n’Abagiriki baba muri Efeso bamenye iyo nkuru, bose batekerwa n’ubwoba, maze Izina ry’Umwami Yesu rishirwa hejuru.

18 Maze benshi mu bari bizeye baraza, baratura bongera bavugira ku mugaragaro ivyo bakoze.

19 Abahora bakora ivy’amareba, bazana ibitabu vyabo babituririra ku mugaragaro. Igiciro c’ivyo bitabu, yari ibiceri vy’ifeza ibihumbi mirongo itanu.

20 Maze ijambo ry’Umwami Imana rikwiragira henshi kandi rigira ubushobozi.

21 Inyuma y’ivyo, Pawulo, asunitswe na Mpwemu, aca afata ingingo yo kuja i Yerusalemu, aciye i Makedoniya no muri Akaya. Yavuga ati: “Mvuyeyo, ntegerezwa guca nja i Roma.”

22 Aca arungika babiri mu bamufasha ibikorwa, ari bo Timoteyo na Erasito, baja i Makedoniya, na we aca amara ikindi gihe gito muri Aziya.


Imigumuko yabereye muri Efeso

23 Muri iyo misi nyene haduka imigumuko ivuye ku bijanye n’Inzira y’Umwami Imana.

24 Iyo migumuko yadutse ivuye ku mugabo yitwa Demetiriyo yari afise umwuga wo gucura ibintu mw’ifeza, ni na we yakora mw’ifeza utunyabugoro tw’ikigirwamanakazi Arutemi, kandi uwo mwuga wazanira inyungu nini abawukora.

25 Nuko akoranya abandi bacuzi bari basangiye umwuga, ababwira ati: “Bagenzi, murazi ko uwu mwuga ari wo udutungishije.

26 None murumva ingene wa mugabo Pawulo yemeje abantu, akazimiza benshi muri Efeso, ndetse no muri Aziya yose. Avuga ko imana zikozwe n’abantu atari imana na mba.

27 Kandi urudandazwa rwacu si rwo rwonyene ruzota agaciro, ariko n’ingoro y’imanakazi ihambaye Arutemi ntizosubira kwubahwa, ndetse na Arutemi, ari yo manakazi isengwa muri Aziya no kw’isi yose, izoba yambuwe icubahiro c’ubumana bwayo.”

28 Bavyumvise barashavura cane, batangura gusemerera bati: “Arutemi, imana y’Abanyefeso, irahambaye!”

29 Mu mwanya muto igisagara cose cuzura imigumuko. Abantu bose biruka baja mu kibaza c’ibirori, bagenda barakwega Gayo na Arisitariko, abari bagendanye na Pawulo kuva i Makedoniya.

30 Pawulo agomvye guseruka imbere y’ikoraniro, abigishwa baramwankira.

31 Na bamwe mu batware b’iyo ntara, bari abagenzi ba Pawulo, bamutumako bamwinginga ngo ntahirahire ngo yinjire muri ico kibanza kiberamwo ibirori.

32 Ariko ikoraniro rirazazanirwa kuko bamwe bayogora bavuga ibi, abandi bakayogora bavuga ibindi. Ndetse benshi muri bo ntibari bazi n’igituma bari ngaho.

33 Bamwe mw’ikoraniro bumvisha Alegizandere, uwo Abayuda bashize imbere, ivyariko biraba. Nuko na we arabamama kugira ngo asigure ibiriko biraba.

34 Babonye ko ari Umuyuda, baca badugiriza urwamo rimwe bamara nk’amasaha abiri bavuga bati: “Arutemi, imana y’Abanyefeso, irahambaye!”

35 Umunyamabanga w’igisagara arabahoyahoya, ababwira ati: “Yemwe bantu bo muri Efeso, abantu bose barazi ko mu gisagara ca Efeso ariho hari ingoro ya Arutemi, n’igishusho cayo cakorotse kiva mw’ijuru.

36 None rero, ko ivyo atawubihakana, Nimutekane, ntimuhave mukora ivyo mutiyumviriyeko.

37 Aba bantu mwabazanye ngaha kandi ata na kimwe bivye mu ngoro canke ngo batuke imana yacu.

38 Nimba Demetiriyo n’abandi bacuzi bagenziwe bafise ivyo babagiriza, sentare ziruguruye, kandi n’abacamanza barahari, barabitwarira.

39 Hakaba hariho n’ibindi mwipfuza gushikiriza, bizotunganirizwa mw’ikoraniro ribijejwe.

40 Erega turashobara kwagirizwa imigumuko kubera ibibaye uno musi. Kandi nta co twokwireguza kuko nta kintu na kimwe gifadika cabitumye.”

41 Ahejeje kuvuga ivyo, aca acura iryo koraniro.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan