Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Ivyakozwe 18 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Pawulo ashika i Korinto

1 Inyuma y’ivyo Pawulo aca ava muri Atenayi aja i Korinto.

2 Aho hari Umuyuda yitwa Akwilasi, imvukira y’i Ponto, yari aheruka kuva mu Butaliyano ari kumwe n’umugore wiwe Pirisila, kuko Kayisari Kilawudiyo yari yategetse ko Abayuda bose birukanwa i Roma. Maze Pawulo aca aja kubarondera.

3 Kubera ko bari basangiye umwuga wo kujisha amahema, yaciye abana na bo, barakorana.

4 Ku misi yose y’Isabato Pawulo yama aja mw’isinagogi guharira n’Abayuda n’Abagiriki, akagerageza kwemeza.

5 Silasi na Timoteyo bashitse i Korinto bavuye i Makedoniya, Pawulo aca ahebera umwanya wiwe wose igikorwa co kuvuga Ubutumwa Bwiza, ashingira intahe Abayuda ko Yesu ari we Kristo.

6 Ariko abonye ko Abayuda bamuhaririza bakanamutuka, aca akunkumura impuzu ziwe, ababwira ati: “Amaraso yanyu azobe ku gatwe kanyu. Jewe kuri ivyo ndera. Uhereye ubu ngiye kwigisha Abanyamahanga.”

7 Nuko aca ava mw’isinagogi aja ku nzu yari i ruhande, kwa Titiyo Yusito, umuntu yubaha Imana.

8 Kirisipo, umukuru w’isinagogi n’abo mu nzu yiwe bose bizera Umwami Imana, kandi ab’i Korinto benshi bumvirije Pawulo barizera, bongera barabatizwa.

9 Umusi umwe hari mw’ijoro, Umwami Imana abarira Pawulo mu ndoto ati: “Ntutinye! Bandanya uvuga, ntucereze,

10 kuko ndi kumwe na we. Nta n’umwe azogufata ngo akugirire nabi, kuko mfise abantu benshi muri kino gisagara.”

11 Nuko Pawulo aca amara umwaka n’amezi atandatu i Korinto yigisha ijambo ry’Imana.

12 Igihe Galiyo yatwarira Kayisari muri Akaya, Abayuda bahuje umutima n’inama kugwanya Pawulo, bamutwara ku bacamanza

13 bamwagiriza bati: “Uwu mugabo ariko yemeza abantu gusenga Imana mu buryo butemewe n’ivyagezwe.”

14 Ariko Pawulo agira afate ijambo, Galiyo abwira Abayuda ati: “Yemwe Bayuda, iyo muba mwariko mumwagiriza ikibi canke icaha gikomeye, vyari kwumvikana ko nkwiye gufata umwanya nkabumviriza.

15 Ariko ko numva ari ingorane y’amajambo, amazina n’ivyagezwe vyanyu, nimurwicire mwebwe nyene. Sinshobora guca imanza nk’izo.”

16 Aca arabirukana bava mu nzu y’ubucamanza.

17 Nabo baca basimbira kuri Sositene umukuru w’isinagogi, bamukubitira aho nyene imbere y’inzu y’ubucamanza. Ariko Galiyo ntiyavyitaho.


Pawulo asubira muri Antiyokiya

18 Inyuma y’ivyo, Pawulo amara igihe aba i Korinto, hanyuma asigayo bene Data, afata ubwato aja muri Siriya, aherekejwe na Pirisila na Akwilasi. Imbere yo gufata urugendo, Pawulo yabanje guca i Kenkireya aho yimweshereje umushatsi kubera isezerano yari yarasezeranye.

19 Bashitse muri Efeso, Pawulo abasiga ngaho, we aragenda yinjira mw’isinagogi y’Abayuda guharira na bo.

20 Bamusavye ngo amarane na bo iyindi misi, ntiyabemerera.

21 Ariko mu kubasezera ababwira ati: “Nzogaruka hanyuma Imana niyabishaka.” Nuko afata ubwato ava muri Efeso,

22 ashika i Kayisariya. Avayo aduga i Yerusalemu kuramutsa ishengero, hanyuma amanuka muri Antiyokiya h’i Siriya.

23 Amaze igihe gito muri Antiyokiya, avayo agendera ahantu hatandukanye mu ntara za Galatiya na Furugiya, akomeza abizera bose.

24 Ico gihe Umuyuda yitwa Apolo, yari yavukiye muri Alegizanderiya, ashika muri Efeso. Yari umuntu azi kuvuga neza, kandi yari afise ubumenyi bwinshi mu Vyanditswe Vyera.

25 Yari yarigishijwe inzira y’Umwami Yesu, kandi n’aho yari yabatijwe umubatizo wa Yohana gusa, yigisha ivya Kristo ashize amanga mu kuri kwose.

26 Pirisila na Akwilasi bumvise ingene yigisha mw’isinagogi ashize amanga, baca bamujana iwabo, babandanya kumusigurira neza inzira y’Imana.

27 Apolo yipfuje kuja muri Akaya, bene Data bamutera intege, batako bandikira ikete abigishwa baho kugira baze bamwakire. Ashitseyo agirira ikimazi kinini abari barizeye ku bw’ubuntu bw’Imana,

28 kuko akoresheje Ivyanditswe Vyera, yatsindira ku mugaragaro ivyiyumviro vy’Abayuda bamuhaririza, akabemeza ko Yesu ari we Kristo.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan