Ivyakozwe 12 - Bibiliya mu Kirundi coroshePetero ashirwa mw’ibohero 1 Muri ico gihe, ni ho umwami Herode Agiripa yatangura gufata bamwe mu bo mw’isheshengero, atangura kubahama. 2 Nuko afata Yakobo, yavukana na Yohana, amwicisha inkota. 3 Abonye binejereje Abayuda, afata na Petero. Ivyo vyabaye mu gihe c’imisi mikuru y’imikate itarimwo umwambiro. 4 Amaze kumufata, amushira mw’ibohero amuha imigwi ine y’abasoda bane bane bakuranwa kumurinda. Herode yagomba kuzomucira urubanza ku mugaragaro inyuma ya Pasika. 5 Nuko Petero ashirwa mw’ibohero, ariko ishengero riguma risenga Imana n’umwete mwinshi ku bwiwe. 6 Buca Herode amucira urubanza, Petero yari asinziriye, aryamye hagati y’abasoda babiri, abohesheje iminyororo ibiri. Abandi basoda bari baraririye ku muryango w’ibohero. 7 Umumarayika w’Umwami Imana aca araza, umuco urasira mu cumba Petero yarimwo, amukoma mu rubavu, aramukangura, amubwira ati: “Vyuka ningoga!” Ubwo nyene ya minyororo ica imuva ku bikonjo, irakoroka. 8 Wa mumarayika aca abarira Petero ati: “Ambara impuzu n’ibirato vyawe.” Nuko Petero aravyambara. Wa mumarayika arasubira ati: “Ambara umutamana wawe, unkurikire.” 9 Maze Petero aca aramukurikira barasohoka, ariko ntiyari azi ko ivyo uwo mumarayika ariko arakora vyari ivy’ukuri. Yiyumvira ko yariko arerekwa. 10 Nuko baca ku bararirizi ba mbere n’aba kabiri, bashika no ku rugi rw’irembo ryaja mu gisagara, rwari urw’icuma. Maze ruriyugurura, bararengana, barasohoka. Bagishika mw’ibarabara, wa mumarayika asiga Petero, ntiyasubira kuboneka. 11 Ni ho Petero yatora akenge, avuga ati: “Ubu rero ndamenye vy’ukuri ko Umwami Imana yarungitse umumarayika kundokora mu vyara vya Herode n’ivyo Abayuda bari bateguye kungirira vyose.” 12 Amaze gutahura ivyo, aca aja i muhira kwa Mariya nyina wa Yohana ari we Mariko, aho abizera benshi bari bakoraniye bariko barasenga. 13 Petero aradodora ku rugi rwo kw’irembo, umukobwa w’umuguranokazi yitwa Roda aca aza kuraba uwudodoye. 14 Yumvise ijwi rya Petero, aranezerwa cane, aca asubira inyuma yiruka atuguruye, avuga ati: “Ni Petero ari kw’irembo!” 15 Baca bamubwira bati: “Na mba wataye ubwenge!” Ariko babonye ashishikaye kuvyemeza, baca bavuga bati: “Ashobora kuba ari umumarayika wiwe!” 16 Ariko Petero ashishikara kudodora, buguruye urugi basanga ni we, baratangara cane. 17 Petero aca arabamama ngo batekereze, aca abiganira ido n’ido ukuntu Umwami Imana yamukuye mw’ibohero. Arababwira ati: “Murabibwira Yakobo n’abandi bene Data.” Aca ava aho aragenda. 18 Bukeye, haba uruhagarara hagati y’abasoda, bibaza ivyashikiye Petero. 19 Herode Agiripa amaze kumurondeza hose bakamubura, aca agira itohoza mu basoda, aca ategeka ko babica. Maze Herode aca ava i Yudaya yigira i Kayisariya, amarayo igihe. Urupfu rwa Herode 20 Yari yamye atumvikana n’abantu b’i Tiro n’i Sidoni, maze na bo baja hamwe bamusaba umubonano. Bafashijwe na Bulasito, umukuru w’abategura icumba c’umwami, basaba kugiranira amasezerano y’amahoro, kuko ivyo bihugu vyasumira mu bwami Herode yatwara. 21 Isango rigeze, Herode yambara ikanzu y’inyambarabami, yicara ku ntebe y’ubwami, abwira ijambo abari ngaho. 22 Maze abantu basemererera rimwe bavuga bati: “Iyi ni imana ivuze, si umuntu.” 23 Ariko, kubera Herode atahesheje Imana icubahiro, akemera ko abantu bamuninahaza, ubwo nyene umumarayika aca aramukubita, aribwa n’inyo, aca arapfa. 24 Nuko ijambo ry’Imana rishishikara kugwira no kwamamara. 25 Baranaba na Sawuli baheraheza igikorwa cabo, bagaruka i Yerusalemu, baza bazananye na Yohana, ari we Mariko. |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.