Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Ivyakozwe 11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Petero yisigura ku vyabereye kwa Koruneliyo

1 Intumwa n’abandi bizera b’i Yudaya bumva ko Abanyamahanga na bo bakiriye ijambo ry’Imana.

2 Petero asubiye i Yerusalemu, abizera bakebwe ari bo Bayuda baramunegura,

3 bati: “Winjiye mu nzu y’abatakebwe, usangira na bo!”

4 Nuko Petero ahera ku ntango, abasigurira neza vyose uko vyagenze. Arababwira ati:

5 “Nari i Yopa ndiko ndasenga, hanyuma mera nk’uwutwawe n’agatiro, nca ntangura kwerekwa. Mbona ikintu kimeze nk’igitambara kinini cururuka kiva mw’ijuru gifashwe ku mitwe yaco uko ari ine, gishika aho nari ndi.

6 Nihweje muri co, mbona ibikoko bigendera ku maguru ane, inyamaswa zo mw’ishamba, ibikwega inda hasi hamwe n’ibiguruka mu kirere.

7 Nca numva ijwi rimbarira riti: ‘Petero we, haguruka, ubage urye.’

8 Nanje ndishura nti: ‘Oyaye Mwami, ntibikabe! Kuko jewe ntigeze ndya ikintu na kimwe gihumanye.’

9 Rya jwi ryongera kuvuga ubwa kabiri rivuye mw’ijuru riti: ‘Ico Imana yahumanuye ntukacite igihumanye.’

10 Ivyo biba incuro zitatu, ca gitambara gica gisubira kuduzwa mw’ijuru.

11 Ubwo nyene abantu batatu bantumweko bavuye i Kayisariya baba barashitse imbere y’inzu nari nsembereyemwo.

12 Mpwemu Yera ambarira ko nojana na bo ntakekeranije. Aba bene Data batandatu baramperekeje i Kayisariya, maze twese twinjira kwa Koruneliyo,

13 na we aca atubwira ko yabonye umumarayika ahagaze mu nzu iwe amubwira ati: ‘Rungika abantu i Yopa bazane umuntu yitwa Simoni ari we Petero.

14 Azokuzanira ubutumwa buzogukizanya n’abo mu nzu yawe bose.’

15 Ntanguye kuvuga, Mpwemu Yera abazako nk’uko yatujeko mu ntango.

16 Nca nibuka ivyo Umwami Yesu yavuze, ati: ‘Yohana yabatiza mu mazi, ariko mwebwe muzobatizwa muri Mpwemu Yera.’

17 None rero nimba Imana yabahaye ingabire nk’iyo yaduhaye, twebwe twizeye Umwami Yesu Kristo, mbega jewe nari iki aho noba intambamyi ku gikorwa c’Imana?”

18 Bavyumvise ntibagira ico basubizayo, ahubwo bashima Imana, bavuga bati: “Erega noneho Imana ihaye Abanyamahanga na bo akaryo ko kwihana ivyaha vyabo ngo baronke ubugingo budashira.”


Ishengero rivuka muri Antiyokiya

19 Nuko abari barasabagiye kubera ihamwa ryari ryatanguranye n’urupfu rwa Sitefano baragenda gushika i Foyinika, i Kupuro n’i Antiyokiya, babwira ijambo ry’Imana Abayuda bonyene.

20 Ariko bamwe muri bo, abava i Kupuro n’i Kurene, baja muri Antiyokiya, batangura kwigisha n’Abagiriki na bo, bababwira Ubutumwa Bwiza bw’Umwami Yesu Kristo.

21 Ikiganza c’Umwami Imana cari kuri bo, bituma abantu benshi bizera, bahindukirira Umwami Yesu.

22 Inkuru zabo zishikira ishengero ry’i Yerusalemu, maze barungika Baranaba muri Antiyokiya.

23 Ashitseyo akibonerako ubuntu bw’Imana bwabaye kuri bo, aranezerwa cane, yongera arabinginga bose ngo bashishikare gukurikira Umwami n’imitima yabo yose.

24 Kubera ko Barunaba yari umugwaneza, yuzuye Mpwemu Yera n’ukwizera, igitigiri kinini c’abantu barizeye Umwami Yesu.

25 Inyuma y’aho Barunanaba aca aja i Taruso kurondera Sawuli.

26 Amubonye, aca amujana muri Antiyokiya, bompi bamarana umwaka n’ishengero, bigisha abantu benshi cane. Aho muri Antiyokiya ni ho abigishwa bitiwe ubwa mbere Abakristo.

27 Muri ico gihe, abavugishwa n’Imana bamwe bamanutse bava i Yerusalemu, baja muri Antiyokiya.

28 Umwe muri bo yitwa Agabo, arahaguruka, yuzuye Mpwemu Yera, avuga ko ikigoyi kizotera mu bwami bw’Abaroma bwose. (Ivyo vyahavuye bishika ku ngoma ya Kilawudiyo.)

29 Nuko abigishwa bo muri Antiyokiya, bivanye n’ico umwe umwe wese ashoboye, bafata ingingo yo kurungikira imfashanyo abizera b’i Yudaya.

30 Nuko barabishitsa, barungikira infashanyo zabo abakuru b’ishengero ry’i Yerusalemu, zitwawe na Baranaba na Sawuli.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan