Ivyahishuwe 6 - Bibiliya mu Kirundi corosheIbimatanije umuzingo w’igitabu 1 Ngize gutya, mbona wa Mwagazi amena ica mbere muri bimwe indwi bimatanije wa muzingo w’igitabu. Nca numva kimwe muri vya binyabugingo kivuze n’ijwi nk’iry’inkuba giti: “Ingo!” 2 Ndavye imbere yanje nca mbona ifarasi yera. Uwayigenderako yari afise umuheto, hanyuma ahabwa urugori, aca ayigenderako nk’uwanesheje kandi agiye kunesha. 3 Yuguruye ica kabiri, nca numva ikinyabugingo ca kabiri kivuze giti: “Ingo!” 4 Haca haza iyindi farasi itukura. Uwayigenderako aca ahabwa ububasha bwo gukura amahoro kw’isi, no gutuma abantu bicana. Aca ahabwa inkota nini. 5 Yuguruye ica gatatu, nca numva ikinyabugingo ca gatatu kivuze kiti: “Ingo!” Haca haza ifarasi yirabura. Uwayigenderako yari afise iminzane ibiri mu minwe. 6 Nca numva kimwe muri vya binyabugingo kivuze kiti: “Ikiro kimwe c’ingano kizogurwa impembo y’umusi wose, ibiro bitatu vya sayiri bizogurwa impembo y’umusi wose. Ariko ntihagire ico mugira amavuta n’umuvinyu.” 7 Yuguruye ica kane nca numva ikinyabugingo ca kane kivuze kiti: “Ingo!” 8 Haca haza ifarasi isa n’urwatsi rubisi. Uwuyigenderako yitwa Rupfu, uwaje amukurikira na we yitwa Kuzimu. Baca bahabwa ububasha, ku ca kane c’isi, bwo kumarisha abantu inkota, inzara, ingwara, n’ibikoko vyo mw’ishamba. 9 Yuguruye ica gatanu, nca mbona imishaha y’abishwe bazira ijambo ry’Imana n’ugushinga intahe kwabo, iri musi y’igicaniro. 10 Basemerera n’ijwi rirenga bati: “Uzogeza ryari, Mwami uganje, uwera kandi uw’ukuri, uzorindira gushika ryari, kugira ngo ucire ababa kw’isi imanza, uhore amaraso yacu?” 11 Umwe wese muri bo aca ahabwa ikanzu yera, baca basabwa kurindira ikindi gihe gito, gushika igitigiri ca bene Data, abo bari basangiye gukorera Umwami Yesu, bategerezwa kwicwa nk’uko na bo bishwe, kibanze gikwire. 12 Yuguruye ica gatandatu, haba nyamugigima. Izuba rica ricura umwijima, risa n’igunira rikozwe mu bwoya bw’impene, ukwezi gutukura nk’amaraso, 13 inyenyeri zo kw’ijuru zikoragurikira kw’isi nk’ivyamwa vy’insukoni bikoroka biva ku giti kinyiganyijwe n’umuyaga w’igihuhusi. 14 Ijuru rica ririzinga nk’umuzingo w’igitabu bazinze, imisozi n’amazinga vyose bikurwa aho vyahora. 15 Maze abami bo kw’isi, abahambaye, abasoda bakuru, abatunzi, abakomeye, abagurano n’abidegemvya bose binyegeza mu masenga no mu bitandara vy’amabuye vyo mu misozi. 16 Bahamagara imisozi n’ibitandara vy’amabuye bavuga bati: “Nimutugweko muduhishe amaso y’uwicaye ku ntebe y’inganji, n’uburake bw’Umwagazi w’intama, 17 kuko umusi uhambaye w’uburake bwabo urashitse, kandi nta wushobora kuwuhangara.” |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.