Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Ivyahishuwe 3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Ivyandikiwe ishengero ry’i Sarudi

1 Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Sarudi uti: Uwufise mu biganza impwemu indwi z’Imana n’inyenyeri indwi aravuga ati: Ndazi ibikorwa vyawe. Abantu benshi bazi ko uri muzima kandi warapfuye.

2 Kanguka ukomeze ivyo usigaranye bigikomeye ariko bigiye gupfa, kuko ibikorwa vyawe bidatunganye imbere y’Imana.

3 Wibuke inyigisho wumvise ukazakira. Uzigendere wongere wihane. Niyo utakanguka nzoza nk’igisuma, kandi ntuzomenya igihe nzokugendera.

4 Ariko uracafise abantu bakeya i Sarudi batanduje impuzu zabo. Abo bazogendana nanje bambaye imyambaro yera kuko birababereye.

5 Uwuzonesha nzomwambika imyambaro yera. Sinzokwigera mpanagura izina ryiwe mu gitabu c’ubugingo, ahubwo nzorivuga imbere ya Data n’abamarayika biwe.

6 Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero.


Ivyandikiwe ishengero ry’i Filadelufiya

7 Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Filadelufiya uti: Uwera kandi uw’ukuri, uwufise urupfunguruzo rwa Dawidi mu kiganza; ico yuguruye nta wushobora kucugara, kandi ico yugaye nta wushobora kucugurura; aravuga ati.

8 Ndazi ibikorwa vyawe. Ehe, nakwugururiye umuryango ata n’umwe ashobora kwugara. Ndazi ko ufise intege nke, ariko wazigamye ijambo ryanje, ntiwanyihakana.

9 Ehe, nzozana abo mw’isinagogi rya Satani biyita Abayuda kandi atari bo, bapfukame imbere yawe, bamenye ko ndagukunda.

10 Ko witondeye ibwirizwa ryanje ryo kwihanganira ibikugerageza, nanje nzokurinda ibihe vy’amagorwa bigiye kuza kw’isi yose kugerageza abayibako.

11 Ehe ndaza vuba. Wumire ku co ufise kugira ngo ntihagire uwugutwara impera yawe.

12 Uwuzonesha nzomugira inkingi mu rusengero rw’Imana yanje, kandi ntazokwigera ahava. Nzomwandikako izina ry’Imana yanje, hamwe n’iry’igisagara c’Imana yanje, ni co Yerusalemu nshasha, imanuka iva mw’ijuru ku Mana yanje; kandi nzomwandikako izina ryanje rishasha.

13 Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero.


Ivyandikiwe ishengero ry’i Lawodikiya

14 Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Lawodikiya uti: Uwitwa Amen, umwizigirwa kandi icabona c’ukuri, uwuganza ivyaremwe n’Imana vyose, aravuga ati.

15 Ndazi ibikorwa vyawe. Ndazi ko udakonje kandi utabize. Ese iyo ukonja canke ukabira!

16 Ko uri akazuyazi, udakonje canke ngo ubire, ngira ndakudahwe.

17 Uvuga ngo uratunze, ufise vyinshi kandi ngo nta co ukenye. Ariko ntuzi ingene uri umugorwa ateye ikigongwe. Uri umukene, urahumye kandi ugenda gusa.

18 Ni co gituma ndaguhanura ngo ungureko inzahabu zivugutiwe mu muriro kugira ngo ube umutunzi. Ungureko imyambaro yera kugira ngo ufuke ubwambure bwawe buteye isoni, ungureko kandi n’umuti wo gusiga ku maso yawe kugira ngo ushobore kubona.

19 Uwo nkunda ndamukankamira, nkanamuhana. None rero, gira umwete, wihane.

20 Ehe mpagaze ku muryango ndiko ndadodora. Uwumva ijwi ryanje akugurura umuryango, ndinjira iwe dusangire.

21 Uwuzonesha nzomuha kwicarana nanje ku ntebe y’inganji, nk’uko nanje nanesheje nkicarana na Data ku ntebe y’inganji yiwe.

22 Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero.”

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan