Ivyahishuwe 22 - Bibiliya mu Kirundi corosheEdeni hasubira kubaho 1 Maze wa mumarayika aca anyereka rwa ruzi rw’amazi y’ubugingo, rubonerana nk’ikiyo, rutemba ruva ku ntebe y’inganji y’Imana n’iy’Umwagazi w’Intama, 2 rukamanuka ruca hagati muri rya barabara rinini ryo mu gisagara. Ku mpande zompi z’urwo ruzi hari igiti c’ubugingo, cama cumi na kabiri mu mwaka, kikama uko ukwezi gutashe. Kandi amababi yaco ni umuti wo gukiza amahanga. 3 Nta muvumo uzobayo, kuko intebe y’inganji y’Imana n’iy’Umwagazi w’intama zizoba ziri muri ico gisagara, kandi abakozi bayo bazoyisenga. 4 Bazobona mu nyonga hayo, kandi izina ryayo rizokwandikwa mu ruhanga rwabo. 5 Nta joro rizobayo kandi nta muco w’itara canke w’izuba bazokenera, kuko Umwami Imana azobamurikira. Kandi bazoganza ibihe vyose. Yohana n’umumarayika 6 Wa mumarayika arambarira ati: “Aya majambo ni ay’ukwizerwa kandi ni ay’ukuri. Umwami, Imana iganza impwemu z’abavugishwa, yarungitse umumarayika wayo kwereka abasavyi bayo ibigiye kuzoshika.” 7 “Ehe ndaza vuba! Hahirwa abumvira amajambo y’ubuvugishwa yanditse muri uwu muzingo w’igitabu.” 8 Jewe Yohana, ni jewe niyumviye aya majambo, nibonera n’ivyo vyose. Maze kuvyiyumvira no kuvyibonera, nca nikubita imbere ya wa mumarayika nubamye ngo ndamusenge. 9 Ariko arambarira ati: “Ntugakore ivyo. Ntukansenge kuko nanje ndi umukozi w’Imana co kimwe na we na bene So b’abavugishwa, ndetse n’abo bose bumvira amajambo ari muri uwu muzingo w’igitabu. Usenge Imana yonyene!” 10 Yongera ambarira ati: “Aya majambo y’ubuvugishwa ntuyanyegeze kuko igihe kiri hafi. 11 Uwukora ibibi nabandanye akore ibibi, uwiyanduza nabandanye yandure; uwukora ivyiza nabandanye akora ivyiza, uwejejwe nabandanye yezwe.” Amajambo yo kurangiza 12 “Ehe ndaza vuba, nzaniye impera umuntu wese ikwiranye n’ivyo yakoze. 13 Ndi Alufa na Omega, uwa Mbere n’uwa Nyuma, Intango n’Iherezo. 14 Hahirwa abamesura amakanzu yabo, kuko bazohabwa uburenganzira bwo kurya ku giti c’ubugingo no kwinjira mw’irembo rya ca gisagara. 15 Inyuma y’igisagara hazoba hari imbwa, abapfumu, abasambanyi, abicanyi, abasenga ibigirwamana hamwe n’abakunda kubesha bakanabikora. 16 Ni jewe Yesu, narungitse umumarayika wanje ngo aguhe ubu butumwa ubushire amashengero. Nkomoka mu muryango wa Dawidi na samuragwa w’ingoma yiwe, nkaba n’Inyenyeri yakaka yo mu mutwenzi.” 17 Mpwemu w’Imana n’umugeni baravuga bati: “Kaze.” N’uwumvise aya majambo wese avuge ati: “Kaze.” Uwunyotewe wese naze, kandi uwushaka wese naze anywe ku mazi y’ubugingo ku buntu. 18 Ndaburiye umuntu wese yumva amajambo y’ubuvugishwa yo muri uwu muzingo w’igitabu: Nihagira uwugira ico yongeye ku vyanditswe muri uwu muzingo w’igitabu, Imana izokwongera ku vyago vyiwe, ivyago bicanditsemwo. 19 Kandi nihagira ico agabanije ku majambo y’ubuvugishwa ari muri uwu muzingo w’igitabu, Imana izomwaka umugabane wiwe ku giti c’ubugingo no mu Gisagara Cera vyavuzwe muri iki gitabu. 20 Uwushingira intahe ibi aravuga ati: “Egome, ndaza vuba.” Amen. Kaze Mwami Yesu. 21 Ubuntu bw’Umwami Yesu bube kuri bose. Amen. |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.