Ivyahishuwe 20 - Bibiliya mu Kirundi corosheImyaka igihumbi 1 Hanyuma mbona umumarayika yururuka ava mw’ijuru, afise impfunguruzo z’i kuzimu, afise umunyororo munini mu minwe. 2 Aca afata ca gisato, ari co kiyoka ca kera, ari we wa mubi canke Satani, arakiboha, kimara imyaka igihumbi kiboshe. 3 Aca agikororera i kuzimu, acugaranirayo, kugira ngo ntikibandanye kizimiza amahanga gushika iyo myaka igihumbi iheze. Ariko inyuma y’iyo myaka kizorekurwa akanya gatoya. 4 Nca mbona intebe z’inganji zicaweko n’abahawe ubushobozi bwo guca imanza. Hanyuma nca mbona imishaha y’abaciwe imitwe bahorwa gushingira intahe Yesu no kuvuga ijambo ry’Imana. Abo ntibigeze basenga ca gikoko canke ngo basenge igishushanyo caco, kandi ntibashizweko ikimenyetso caco ku ruhanga canke mu kiganza. Nuko basubira kuba bazima, baganzanya na Kristo imyaka igihumbi. 5 (Abapfuye bandi ntibasubiye kuzuka iyo myaka igihumbi idaheze.) Iri ni ryo zuka rya mbere. 6 Barahiriwe kandi ni abera abazoba muri iryo zuka rya mbere. Urupfu rwa kabiri nta bubasha ruzobagirako, ariko bazoba abaherezi b’Imana na Kristo, kandi bazoganzanya na we imyaka igihumbi. Satani acirwa urubanza 7 Ya myaka igihumbi iheze, Satani azorekurwa ave mw’ibohero ryiwe, 8 hanyuma asohoke aje kuzimiza amahanga yitwa Gogi na Magogi, mu mpande zine z’isi. Azobakoranya ngo batere intambara, kandi bazoba ari benshi bangana n’umusenyi wo ku kiyaga. 9 Nuko ndababona bagendagenda isi yose, bakikuza ikibanza abera b’Imana barimwo n’igisagara Imana ikunda. Ariko umuriro uramanuka uvuye mw’ijuru, urabarigita. 10 Wa mubi yabahenda, atabwa mu kiyaga caka umuriro, aho ca gikoko na wa muvugishwa w’ibinyoma bari batawe. Bazobabazwa ijoro n’umurango, ibihe bidashira. Abapfuye bacirwa urubanza 11 Hanyuma nca mbona intebe y’inganji nini cane, mbona n’uwuyicayeko. Ijuru n’isi birahunga biva imbere yiwe, ntivyasubira kuboneka. 12 Nca mbona abapfuye, abakuru n’abato, bahagaze imbere ya ya ntebe, maze ibitabu birugururwa. Ikindi gitabu kirugururwa, ni co gitabu c’ubugingo. Abapfuye bacirwa urubanza rw’ivyo bakoze nk’uko vyari vyanditse muri ico gitabu. 13 Ikiyaga kigarukana abapfuye bari muri co, urupfu na kuzimu bigarukana abari muri vyo, umwe wese aciribwa urubanza ruhwanye n’ivyo yakoze. 14 Maze rupfu na kuzimu bitererwa muri ca kiyaga caka umuriro. Ico kiyaga caka umuriro ni co rupfu rwa kabiri. 15 Umuntu wese atasanze izina ryiwe ryanditswe mu gitabu c’ubugingo, atererwa muri ico kiyaga caka umuriro. |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.