Ivyahishuwe 16 - Bibiliya mu Kirundi corosheInzavya indwi z’uburake bw’Imana 1 Nca numva ijwi rirenga rivuye mu rusengero ribwira ba bamarayika indwi riti: “Nimugende, musuke uburake bw’Imana buri mu nzavya indwi kw’isi.” 2 Umumarayika wa mbere aragenda asuka ivyari mu rwavya rwiwe kw’isi. Haca haduka ibisebe bibi kandi bibabaza ku bantu bari bafise ikimenyetso ca ca gikoko bagasenga n’igishushanyo caco. 3 Uwa kabiri asuka ivyari mu rwavya rwiwe ku kiyaga, gica gihinduka nk’amaraso y’umuntu yapfuye. Ivyaba mu kiyaga vyose bica birapfa. 4 Uwa gatatu na we asuka ivyari mu rwavya rwiwe mu masoko y’inzunzi n’ay’imigezi, aca ahinduka amaraso. 5 Nca numva umumarayika yari afise ububasha ku mazi avuga ati: “Wewe Wera, uwuriho kandi wamyeho, uragororotse mu guca imanza nk’izi. 6 Basheshe amaraso y’abera bawe n’abavugishwa bawe, none ubahaye amaraso ngo banywe. Ni yo mpera bakwiriye.” 7 Nca numva igicaniro cishura giti: “Egome, Mwami Imana Mushoboravyose, imanza zawe ni iz’ukuri kandi ziragororotse.” 8 Umumarayika wa kane na we asuka ivyari mu rwavya rwiwe ku zuba, rica rihabwa ububasha bwo guturiza abantu umuriro waryo. 9 Abantu bose baturirwa n’ubushuhe buteye ubwoba; baca batuka izina ry’Imana yo ifise ububasha kuri ivyo vyago. Ariko ntibihana ivyaha vyabo ngo bagaruke ku Mana bayihe icubahiro. 10 Umumarayika wa gatanu na we asuka ivyari mu rwavya rwiwe ku ntebe y’inganji ya ca gikoko, ubwami bwaco buca bwuzura umwijima. Ababubamwo bihekenya indimi kubera imibabaro barimwo, 11 batuka Imana yo mw’ijuru kubera imibabaro yabo n’ibisebe vyabo, ariko ntibihana ivyaha bakoze ngo bagaruke ku Mana. 12 Umumarayika wa gatandatu na we asuka ivyari mu rwavya rwiwe mu ruzi runini Efurata, amazi yarwo aca arakama, kugira ngo abami bo mu buseruko baronke aho bacisha ingabo zabo. 13 Nca mbona impwemu mbi zitatu zimeze nk’ibikere, ziva mu kanwa ka ca gisato, n’aka ca gikoko, n’aka wa muvugishwa w’ibinyoma. 14 Izo ni impwemu z’abadayimoni zikora ibitangaza n’ibimenyetso, zikaja ku bami bo kw’isi yose, kugira ngo zibakoranirize ku rugamba ku musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose. 15 “Ehe ndaje nk’igisuma atawunyiteze. Hahiriwe uwama ari maso, akama yambaye, kugira ngo ntazogende ari gusa, akamaramazwa n’ubwambure bwiwe.” 16 Maze zica zikoraniriza ba bami mu kibanza citwa Haramagedoni mu rurimi rw’Igiheburayo. 17 Umumarayika w’indwi aca asuka ivyari mu rwavya rwiwe mu kirere, maze mu rusengero humvikana ijwi riva ku ntebe y’inganji, rivuga riti: “Birarangiye!” 18 Ubwo nyene haca haboneka imiravyo, humvikana urwamo rwinshi, imituragaro na nyamugigima ikomeye itari yigere kubaho kuva abantu babaho kw’isi. Iyo nyamugigima yari iteye ubwoba cane. 19 Ca gisagara gikuru gica cigaburamwo gutatu, ibisagara vy’amahanga birasenyagurika. Maze Imana yibuka ivyaha vya Babiloni igisagara gihambaye, ica ikinywesha ku gikombe cuzuye umuvinyu w’uburake bwayo buteye ubwoba. 20 Amazinga yose aranyika, n’imitumba yose ntiyaba ikiboneka. 21 Haca haza urubura rwinshi ruvuye kw’ijuru rugwa ku bantu kandi rumwe rwapima nk’ibiro mirongo itanu. Abantu baca batuka Imana kubera ico cago c’urubura, kuko cari icago giteye ubwoba. |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.