Ivyahishuwe 14 - Bibiliya mu Kirundi corosheUmwagazi w’intama n’abacunguwe 1 Hanyuma nca mbona Umwagazi w’intama ahagaze ku musozi Siyoni, ari kumwe n’abantu ibihumbi ijana na mirongo ine na bine bari banditseko izina ryiwe n’irya Se mu ruhanga. 2 Nca numva ijwi rivuye mw’ijuru risamirana nk’amazi y’isumo rinini, kandi rivuga nk’umuturagaro uteye ubwoba. Iryo jwi numvise ryari rimeze nk’iry’abacuraranzi bacuraranga inanga. 3 Baririmbira indirimbo nshasha imbere y’intebe y’inganji, n’imbere ya vya binyabugingo bine hamwe na ba bashingantahe. Nta n’umwe yashobora kwiga iyo ndirimbo, kiretse bamwe ibihumbi ijana na mirongo ine na bine bacunguwe bakuwe mw’isi. 4 Abo ni bo batandujwe n’abagore, ariko bazigamye ukwera kwabo, bakurikira wa Mwagazi aho aja hose. Bacunguwe bakuwe mu bantu, kugira ngo bashikanirwe Imana na wa Mwagazi nk’ivyeze ubwa mbere. 5 Nta bubeshi bwava mu kanwa kabo kandi ntibagira umugayo. Ubutumwa bw’abamarayika batatu 6 Hanyuma nca mbona uwundi mumarayika aguruka mu kirere, atwaye Ubutumwa Bwiza agiye kubwira abari mw’isi mu moko yose, mu miryango yose, mu ndimi zose no mu mahanga yose. 7 Avuga n’ijwi rirenga ati: “Mutinye Imana kandi muyihe icubahiro, kuko igihe cayo co guca imanza kirashitse. Musenge iyaremye ijuru n’isi, ibiyaga n’amasoko y’amazi.” 8 Hanyuma uwundi mumarayika agira kabiri aca akurikira uwo wa mbere avuga ati: “Kirasenyutse! Kirasenyutse Babiloni, igisagara gihambaye, canywesheje amahanga yose ku muvinyu w’ubusambanyi bwaco bukomeye.” 9 Mu nyuma haza umumarayika agira gatatu, na we akurikira avuga n’ijwi rirenga ati: “Nihagira uwusenga ca gikoko n’igishushanyo caco, canke akemera gushirwako ca kimenyetso caco mu ruhanga canke mu kiganza, 10 na we nyene azonywa ku muvinyu w’uburake bw’Imana, wasutswe mu gikombe c’ubushangashirwe bw’Imana utavanze. Azobabarizwa mu muriro n’ibizuku vyaka imbere y’abamarayika n’imbere ya wa Mwagazi. 11 Umwotsi w’ukubabazwa kwabo uzokwama upfunduka ibihe vyose. Abazosenga ico gikoko n’igishushanyo caco, canke abazokwemera gushirwako ikimenyetso c’izina ryaco, nta gahengwe bazogira haba mw’ijoro canke ku murango.” 12 Ni co gituma abera b’Imana, bubaha amabwirizwa yayo bakaguma mu kwizera Yesu, bakwiye kwihangana cane. 13 Hanyuma nca numva ijwi rivuye mw’ijuru rimbwira riti: “Andika ibi bikurikira: uhereye ubu, hahiriwe abapfa bapfira mu Mwami.” Mpwemu aravuga ati: “Egome, bazoruhuka imiruho barushe, kuko ibikorwa vyabo bizobaherekeza.” Ivyimburwa vyo kw’isi 14 Hanyuma nca mbona igicu cera, kandi kuri co hari hicaye uwusa n’Umwana w’Umuntu. Yari yambaye urugori rw’inzahabu ku mutwe, afise n’umuhoro ukarishe mu minwe. 15 Haca haza uwundi mumarayika avuye mu rusengero, arasemerera abwira umwe yicaye ku gicu ati: “Bangura umuhoro wawe wimbure, kuko igihe co kwimbura kirageze, ivyimburwa vyo kw’isi bireze.” 16 Nuko umwe yicaye ku gicu aca acisha umuhoro wiwe kw’isi, maze isi yose irimburwa. 17 Uwundi mumarayika asohoka avuye mu rusengero mw’ijuru, kandi na we nyene yari afise umuhoro ukarishe. 18 Uwundi mumarayika, yari afise ububasha ku muriro, aza avuye ku gicaniro, ahamagara umwe afise umuhoro ukarishe n’ijwi rirenga avuga ati: “Fata umuhoro wawe ukarishe, usorome inzabibu zo mu ruzabibu rwo kw’isi, kuko inzabibu zireze.” 19 Wa mumarayika aca abangurira umuhoro kw’isi, asoroma inzabibu, azisuka mu bwato bw’uburake bw’Imana. 20 Izo nzabibu ziganirwa mu bwato buri inyuma y’igisagara, amaraso yazo araduga gushika ku minwa y’amafarasi, yongera arasanzara gushika nko ku birometero amajana atatu. |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.