Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Ivyahishuwe 11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Ivyabona bibiri

1 Maze mpabwa irenga, riringanijwe nk’iryo gupimisha uburebure, nca mbwirwa ngo: “Genda upime urusengero rw’Imana n’igicaniro, wongere uharure n’abaza kuhasengera.

2 Ariko ibaraza ry’inyuma y’urusengero nturipime kuko ni iry’Abanyamahanga. Bazomara amezi mirongo ine n’abiri bahonyanga igisagara cera.

3 Nanje nzoha ububasha ivyabona vyanje bibiri, na bo bazomara imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongo itandatu, bavugishwa bambaye amagunira.”

4 Ivyo vyabona bibiri ni vyo biti bibiri vya elayo na vya biterekwako amatara bibiri bihagaze imbere y’Umwami Imana nyene isi yose.

5 Nihagira uwugerageza kubakorera ikibi, umuriro uzova mu kanwa kabo uturire abansi babo. Uko ni ko uwuzogerageza kubakorera ikibi azopfa.

6 Bafise ububasha bwo kwugara ikirere kugira ngo imvura ntigwe, igihe cose bazoba bariko baravugishwa; kandi bafise ububasha bwo guhindura amazi amaraso no guteza isi ivyago igihe cose uko babigomvye.

7 Baheje gushinga intahe, ca gikoko c’i kuzimu kizobatera, kibaneshe, hanyuma kibice.

8 Imivyimba yabo izorambikwa kw’ibarabara rya ca gisagara gikuru, kimwe mu mpwemu kigereranywa na Sodomu canke na Egiputa, ico Umwami wabo yabambwemwo.

9 Kumara imisi itatu n’igice, abantu bo mu mahanga yose, mu moko yose no mu ndimi zose bazokwihweza imivyimba yabo kandi nta n’umwe bazokwemerera kubahamba.

10 Abazoba baba kw’isi bose bazonezerezwa n’urupfu rwabo, bagire imisi mikuru. Bazohana utuganuke bigina urupfu rw’abo bavugishwa bahora batera ivyago ababa kw’isi.

11 Ariko inyuma y’imisi itatu n’igice, impwemu y’ubuzima iva ku Mana ibinjiramwo, baca barahaguruka kandi ababibonye bose bafatwa n’ubwoba bwinshi.

12 Hanyuma humvikana ijwi rirenga rivuye mw’ijuru, rivuga riti: “Nimuduge muze hano!” Nuko baduga mu gicu baja mw’ijuru abansi babo babaraba.

13 Ako kanya nyene haca humvikana nyamugigima iteye ubwoba isenyura ica cumi c’ibisagara, abantu ibihumbi indwi barapfa. Abarokotse bagira ubwoba bwinshi, bahimbaza Imana yo mw’ijuru.

14 Ico cari icago ca kabiri kirangiye, ariko ica gatatu cagira gishike.


Inzamba igira indwi

15 Umumarayika w’indwi avugije inzamba yiwe, haca humvikana ijwi rivuye mw’ijuru rivuga riti: “Ubwami bwo kw’isi buhindutse ubw’Umwami Imana na Kristo wiwe, kandi azoganza ibihe bidashira.”

16 Ba bashingantahe mirongo ibiri na bane bicaye ku ntebe zabo imbere y’Imana baca bikubita hasi bubamye, bahimbaza Imana,

17 bavuga bati: “Turaguhaye icubahiro, Mwami Imana Mushoboravyose, wewe uriho kandi wamyeho, kuko wakiriye ububasha bwawe bukomeye, ugashiraho inganji yawe.

18 Amahanga yari yuzuye ishavu, ariko uburake bwawe buraje. Igihe kirageze co gucira urubanza abapfuye, no guha impera abakozi bawe ari bo bavugishwa, n’abubaha izina ryawe bose, abahambaye n’aboroshe, no kurandura abarandura isi.”

19 Maze urusengero rw’Imana mw’ijuru ruca ruruguruka, kandi muri rwo habonekamwo isandugu y’isezerano. Nuko haca haba imiravyo, humvikana urwamo n’imituragaro, haba nyamugigima n’imvura y’urubura ikomeye.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan