Galatiya 5 - Bibiliya mu Kirundi corosheUmwidegemvyo wo muri Kristo 1 Kristo yatubohoye kugira ngo aduhe umwidegemvyo. Hagarara mushikamye rero, ntimwongere kwemera umuntu n’umwe asubira kubaremereza imitwaro y’ubuja bw’ivyagezwe. 2 Muvyumve neza! Jewe Pawulo, ndababwiye nti: Nimba mwizeye ko ugukebwa kwanyu kubaha ukugororoka imbere y’Imana, kuri mwebwe Kristo nta co azoba amaze na gatoya. 3 Ndongeye kandi ndabibabwiye. Nimba mugomba gukebwa kugira ngo mwemerwe n’Imana, mutegerezwa kwitondera no gukurikiza ivyagezwe vya Mose vyose ata na kimwe kivuyemwo. 4 Kuko iyo mugerageza kurondera kwemerwa n’Imana nk’abagororotsi mu kwitondera ivyagezwe, muba mutandukanijwe na Kristo, muba mutakariye kure y’ubuntu bw’Imana. 5 Ariko twebwe turi muri Mpwemu twiteganye igishika kwakira mu kwizera ukugororoka Imana yadusezeraniye. 6 Kuko muri Kristo Yesu, ugukebwa canke ukudakebwa nta kimazi bifise. Igihambaye ni ukwizera gukorera mu rukundo. 7 Mwariko mugenda neza mu rugendo rwanyu. None ni nde yabatangiriye akababuza kwumvira ukuri? 8 Ivyo mwemejwe, ntivyavuye kuri umwe yabahamagara. 9 Izo nyigisho, ni “umwambiro mukeya ariko ukakamisha irobe ryose.” 10 Nizeye ko Imana izobarinda kwakira inyigisho zitari zo. Abariko babatera ukwo kuzazanirwa uko bari kwose bazobihanirwa. 11 Bene Data, nimba ngishishikara kwigisha ivyo gukebwa nk’uko bamwe babivuga, kubera iki noba nkiriko ndahamwa? Iyo mba ntacigisha agakiza kava ku musaraba wa Kristo, nta n’umwe biba bitsitaza. 12 Icompa abo babateramwo imivurungano, ngo mukebwe, bakagera aho bonyene bikona ubwabo. Ubugingo bwo mu Mpwemu 13 Bene Data, mwebwe mwahamagariwe kwidegemvya. Ariko uwo mwidegemvyo ntubatere kurondera guhaza ivyipfuzo vya kamere k’icaha. Ahubwo urukundo rukwiye gutuma mukorera bagenzi banyu. 14 Ivyagezwe vyose bikoraniye muri iri bwirizwa rimwe rivuga ngo: “Ukunde mugenzawe nk’uko wikunda wewe nyene.” 15 Ariko nimba mwama mufise ivyo mupfa, mukama muryana, mwirinde ntimumarane. 16 Ndababwira nti: Murongorwe na Mpwemu Yera ni ho mutazoshitsa ivyo kamere k’icaha kanyu kipfuza. 17 Kuko kamere k’icaha kipfuza ibinyuranye n’ivyo Mpwemu agomba, kandi ivyo Mpwemu yipfuza binyuranye n’ivyo kamere k’icaha kipfuza. Vyompi bigwanira muri mwebwe mugasanga ntimushobora gukora ivyo mushaka. 18 Ariko nimwarongorwa na Mpwemu Yera ntimuzoba mukiganzwa n’ivyagezwe vya Mose. 19 Ibikorwa vya kamere muntu biragaragara, ni ibi: ubusambanyi, ibihumanya, ivy’isoni nke, 20 Gusenga ibigirwamana, uburozi, urwanko, amatati, ishari, uburake, ukwikunda, ukwicamwo ibice, kwitandukanya, 21 ukwipfuza kubi, akaborerwe, kurya birenze urugero n’ibindi bene ivyo. Ndababuriye ubugira kabiri, ko abakora ibintu nk’ivyo batazoragwa Ubwami bw’Imana. 22 Ariko ivyamwa vya Mpwemu Yera ni ibi: urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, ingeso nziza, kugira neza, ubwizigirwa, 23 ubugwaneza, n’ukwirinda. Ibi nta cagezwe kibibuza. 24 Aba Kristo Yesu babamvye kamere muntu kabo hamwe n’ivyo gahahamiye n’ivyo kipfuza. 25 None rero, ko tubayeho ku bwa Mpwemu, reka turongorwe na we mu buzima bwacu bwose. 26 Twoye kwikakisha, twirinde kwandurutsanya no kugiriranira ishari. |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.