Galatiya 4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe1 Ico ngomvye kuvuga ni uko iyo samuragwa akiri umwana, nta ho aba atandukaniye n’umugurano, naho ivya se vyose biba ari ivyiwe. 2 Aba musi y’uburongozi bw’abarezi biwe n’abandi bizigirwa, gushika ku myaka se yagenye. 3 No kuri twebwe ni uko vyari bimeze Kristo ataraza. Twari tumeze nk’abana bakiri bato; twari abagurano b’ubushobozi bw’impwemu butegeka iyi si. 4 Maze igihe gikwiye kigeze, Imana irungika Umwana wayo, avyagwa n’umugore, avukira mu vyagezwe, 5 kugira ngo acungure abaganzwa n’ivyagezwe, yongere atugire abana biwe bwite. 6 Kuko turi abana bayo, Imana yarungitse Mpwemu w’Umwana wayo mu mitima yacu. Ni we Mpwemu atuma dusemerera tuvuga tuti: “Aba, Data.” 7 Nuko rero ntimukiri abagurano, ariko muri abana b’Imana bwite. Kandi ko muri abana b’Imana bwite, Imana yabagize abaragwa. Ivy’ab’i Galatiya bitera impungenge Pawulo 8 Kera, mutaramenya Imana, mwari mujakariye ibigirwamana. 9 Ariko ubu ko mwamenye Imana, na canecane ko mwamenywe na yo, ni kuki mwasubiye muri ivyo bintu vy’intege nke vy’urufatiro kandi ata co bimaze. Mugomba gusubira kwongera kuba abaja b’iyo migenzo ukundi? 10 Mugomba kurondera ukwemerwa n’Imana mu kwubahiriza imisi mikuru, amezi, ibihe n’imyaka? 11 Ndatinya ko kumbure ivyo nakoze vyose muri mwebwe vyapfuye ubusa. 12 Ndabinginze bene Data ngo mumere nkanje mu kwidegemvya kuri ivyo bintu, nk’uko nanje nabaye nkamwe abanyamahanga mu kutaganzwa n’ivyagezwe. Nta kibi mwigeze munkorera aho naza kubigisha. 13 Nk’uko mubizi icatumye ndababwira Ubutumwa Bwiza ubwa mbere ni uko nari ndwaye mu mubiri. 14 Naho ingwara yanje yari ikigeragezo kuri mwebwe, ntimwigeze munsuzugura canke ngo mungaye. Ariko mwanyakiriye nk’umumarayika w’Imana, canke nk’aho ari Kristo Yesu ubwiwe. 15 None umunezero mwari mufise kiriya gihe wagiye hehe? Ndabashingira intahe ko iyo biba ari ibishoboka, mwari kwinogora amaso yanyu mukayampa. 16 Mbega none ubu nahindutse umwansi wanyu kubera ndababwira ukuri? 17 Abo bigisha b’ibinyoma babafitiye ishaka ryinshi, ariko intumbero yabo si nziza na mba. Ico bashaka ni ukubadukurako kugira ngo abe ari bo mukurikira. 18 Kugira ishaka ryo kubakorera ivyiza, ni vyiza mu gihe intumbero ari nziza, ariko baze bame bameze gutyo ntibabikore gusa mu gihe ndi kumwe namwe honyene. 19 Bana banje nkunda, abo nama ndiko ndatera ibise n’ubu kuzoshika igihe Kristo azogaragarira neza muri mwebwe, 20 ese iyo mba nari kumwe namwe ngashobora kworosha ijwi ryanje, kuko ivyanyu ndabuze n’ingene ndabifata! Sara na Hagari 21 Nimumbwire mwebwe mugomba kuganzwa n’ivyagezwe, mbega ntimuzi ico bivuga? 22 Handitswe ko Aburahamu yari afise abahungu babiri, umwe ku mugore w’umuguranokazi, uwundi ku mugore yidegemvya. 23 Uwavutse ku muguranokazi yavutse kubera ugushaka kw’umubiri, ariko uwavutse ku mugore yidegemvya yavutse kubera isezerano ry’Imana. 24 Ivyo twobifatirako ikigereranyo: abo bagore babiri bagereranywa n’amasezerano abiri. Isezerano rimwe ryavuye ku musozi Sinayi, rivamwo abana bavukira kuba abagurano: Uwo ni Hagari. 25 Hagari agereranywa n’umusozi Sinayi wo muri Arabiya, akagereranywa kandi n’igisagara ca Yerusalemu kuko ari mu bugurano bw’ivyagezwe, hamwe n’abana biwe. 26 Ariko uwundi mugore, ari we Sara, agereranywa na Yerusalemu wo mw’ijuru. Ni umugore yidegemvya, kandi ni we mama atuvyara. 27 Kuko handitswe ngo: “Nezerwa, mugore w’ingumba, wewe utavyaye abana; turikisha usemerere n’umunezero, wewe utigeze utera ibise; kuko abana b’umugore w’intabwa bazoba benshi gusumba ab’uwufise umugabo.” 28 Mweho, bene Data, muri abana b’isezerano nka Isaka. 29 Ico gihe uwavutse kubera gushaka kw’umubiri yarahamye uwavutse mu bubasha bwa Mpwemu. N’ubu ni ko bimeze. 30 Ariko Ivyanditswe bivuga iki? Bivuga ngo: “Irukana urya muguranokazi, kuko umuhungu wiwe atazosangira iragi n’umwana w’umugore yidegemvya.” 31 None rero bene Data, ntituri abana b’umuguranokazi, turi abana b’uwidegemvya! |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.