Abaroma 7 - Bibiliya mu Kirundi corosheKubohoka ku vyagezwe 1 Mbega bene Data, ko mwebwe muzi ivy’amategeko, ntimuzi yuko amategeko agenga umuntu akiri muzima? 2 Nk’akarorero, umugore yubatse, amategeko amufatanya n’umugabo wiwe mu gihe cose uwo mugabo akiriho, ariko uwo mugabo apfuye, ayo mategeko ntaba akimumuboheyeko. 3 Bishitse akarongorwa n’uwundi mugabo kandi uwa mbere akiriho, bamwita umusambanyikazi. Ariko iyo umugabo wiwe wa mbere apfuye, amategeko ntaba akimubuza kurongorwa n’uwundi mugabo, kandi iyo abikoze ntaba asambanye. 4 Ni ko biri no kuri mwebwe, bene Data: ku bijanye n’ivyagezwe, namwe mwarapfuye, ntimukiganzwa na vyo, kuko mugize umubiri wa Kristo. Ubu rero muri ab’uwo yazutse mu bapfuye kugira ngo twamire Imana ivyamwa vyiza. 5 Igihe twari tukiganjwe na kamere muntu kacu ka kera, ivyipfuzo vy’ivyaha vyishimikiza ivyagezwe bigakorera mu mibiri yacu, kandi ivyo twakora vyose vyadushikana ku rupfu. 6 Ubu ivyagezwe ntibikituboshe, kuko twapfuye kuri vyo bikaba bitakituganza. Nuko rero dushobora gukorera Imana, atari muri bwa buryo bwa kera bwo kwumvira ivyagezwe vyanditse, ariko mu buryo bushasha bwo kuba muri Mpwemu. Kugwana n’icaha 7 Mbega none tuvuge iki? Tuvuge ko ivyagezwe ari icaha? Haba na mba! Ahubwo ivyagezwe vyatumye menya icaha ico ari co. Mu vy’ukuri sinari kwigera menya ico ari co kwipfuza, iyo ivyagezwe bitaba bivuga ngo: “Ntukipfuze.” 8 Kuva ubwo, icaha caciye kironka akaryo ko gukangura muri jewe ivyipfuzo vy’uburyo bwose! Iyo ivyagezwe bitaba biriho, icaha nticari kugira ubushobozi. 9 Kera ivyagezwe bitaraza nari muzima. Hanyuma menye ico amabwirizwa avuga icaha gica kiba kizima nanje ndapfa. 10 Maze nsanga ibwirizwa ryo mu vyagezwe, ryonshikanye ku bugingo rinzaniye urupfu rwo mu buryo bw’impwemu. 11 Icaha rero gica kironka akaryo ko kunsuka gihawe n’iryo bwirizwa, kandi gikoresheje iryo bwirizwa nyene gica kiranyica. 12 Ariko naho biri uko, ivyagezwe biratunganye, kandi n’amabwirizwa yavyo aratunganye, aragororotse kandi ni meza. 13 None ivyo bishoboka gute? Mbega ikintu ciza conzanira urupfu? Haba na mba! Icaha cakoresheje ikintu ciza mu ntumbero yo kunyica. Ivyo vyerekana ingene icaha ari kibi, kuko gikoresha n’amabwirizwa meza y’Imana mu gukora ikibi. 14 Ivyagezwe ubwavyo ni ivy’impwemu, ariko jewe ndi umuntu w’umunyantege nke ajakariye icaha. 15 Nanje ubwanje sinitahura, kuko ivyo nipfuza gukora si vyo nkora, ahubwo nsanga nakoze ivyo nanka. 16 None rero iyo nkoze ivyo ntashaka gukora, mba nemeje ko ivyagezwe ari vyiza. 17 Kandi ko nkora ivyo ntashaka, vyerekana ko atari jewe ndabikora, ariko ko ari icaha kiba muri jewe. 18 Ndazi neza ko, muri kamere kanje k’icaha ata ciza kimbamwo, kuko naho nipfuza gukora ibigororotse, sindabishobora. 19 Mu vy’ukuri, ivyiza ngomba gukora si vyo nkora, ahubwo ibibi ntagomba gukora nsanga ari vyo nakoze. 20 Iyo nkoze ivyo ntagomba, bisigura ko atari jewe ndabikora, ariko ko ari icaha kiba muri jewe kibinkoresha. 21 Nasanze hari icagezwe kimbamwo: iyo ngomba gukora ivyiza, nsanga nakoze ibibi. 22 Ndakunda ivyagezwe vy’Imana n’umutima wanje wose. 23 Ariko, hariho ikindi cagezwe kigwanya ico umutima wanje wemera. Ico na co, kingira imbohe y’icagezwe c’icaha gikorera mu mubiri wanje. 24 Ewe jewe ndagowe! Ni nde azombohora uwu mubiri unjana mu rupfu? 25 Imana ishimwe yo imbohora biciye muri Yesu Kristo Umwami wacu! Nuko rero, mu mutima wanje ndipfuza cane kwumvira ivyagezwe vy’Imana, ariko muri kamere muntu kanje njakariye icagezwe c’icaha. |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.