Abaroma 4 - Bibiliya mu Kirundi corosheDufatire akarorero kuri Aburahamu 1 Mbega none twovuga iki kuri Aburahamu sogokuruza? Yatahuye iki ku vyerekeye ingene umuntu yemerwa n’Imana nk’umugororotsi? 2 Iyo Aburahamu yemerwa n’Imana nk’umugororotsi kubera ibikorwa vyiza yakoze, yari kuba afise ico yirata. Ariko imbere y’Imana si ko vyagenze. 3 Ivyanditswe Vyera bivuga iki? Bivuga ko, “Aburahamu yizeye Imana, hanyuma ukwo kwizera kwiwe gutuma Imana imwemera nk’umugororotsi.” 4 Iyo umuntu akoze igikorwa, impembo bamuhemba ntiba ari ingabire, aba aronse ikintu yakoreye ategerezwa guhabwa. 5 Ariko Imana ntiyemera abantu ko bagororotse, kubera ibikorwa vyabo, ibemera kubera bayizeye yo iharira abanyavyaha. 6 Ivyo ni vyo Dawidi yavuga yerekana amahirwe y’umuntu yemewe n’Imana nk’umugororotsi, itaravye ibikorwa yakoze: 7 “Harahiriwe abantu Imana yababariye ibikorwa vyabo bibi; ivyaha vyabo bigaharirwa. 8 Harahiriwe umuntu Uhoraho atazoharurako ivyaha vyiwe.” 9 None, ayo mahirwe Dawidi avuga ni ay’Abayuda gusa? Oya, na mba! Ni n’ay’abanyamahanga na bo nyene. Kuko, twamaze kuvuga ko Aburahamu yizeye Imana, maze ukwo kwizera kwiwe gutuma Imana imwemera nk’umugororotsi. 10 Mbega none ivyo vyabaye ryari? Imana yoba yamwemeye nk’umugororotsi amaze gukebwa canke atarakebwa? Mu vy’ukuri, Imana yamwemeye nk’umugororotsi atarakebwa! 11 Yakebwe mu nyuma, kandi ukwo gukebwa kwiwe cari ikimenyetso cerekana ko kubera ukwizera kwiwe, Imana yari yaramaze kumwemera nk’uwugororotse imbere yuko akebwa. Gutyo, mu buryo bw’impwemu Aburahamu ni we sekuruza w’abizera bose naho boba batakebwe, kandi Imana irabemera ko bagororotse, kubera ukwizera kwabo. 12 Kandi mu buryo bw’impwemu, Aburahamu ni sekuruza w’abo bose bakebwe, ariko ni mu gihe bafise ukwizera nk’ukwo yari afise imbere y’uko akebwa. 13 Mu vy’ukuri, Imana ntiyahaye Aburahamu n’abazomukomokako bose isezerano ryo kuragwa isi kubera kwumvira ivyagezwe, ahubwo yarimuhaye kubera yayizeye, maze na yo ica imwemera nk’umugororotsi mu maso yayo. 14 Nimba isezerano ari iry’abumvira ivyagezwe gusa, rero ukwizera nta co kumaze kandi n’isezerano ry’Imana nta gaciro rifise. 15 Ivyagezwe bizana uburake bw’Imana ku wubirengako wese, kandi iyo bitahari ntihaba kubirengako. 16 Nuko rero, isezerano ryatanzwe kubera ukwizera kugira ngo bigaragare ko ari ingabire Imana itanga ku buntu, kandi ko rigenewe abakomoka kuri Aburahamu bose, baba abubahiriza ivyagezwe canke abizera nk’uko yizera, kuko Aburahamu ari we sekuruza w’abizera bose. 17 Ivyo ni vyo Ivyanditswe Vyera vyavuga igihe Imana yavuga ngo: “Nakugize sekuruza w’amahanga menshi.” Ivyo rero vyabaye kuko Aburahamu yizeye Imana ishobora kuzura n’uwapfuye, ikarema n’ibintu bishasha ibikuye mu busa. 18 Mbere no mu gihe vyaboneka ko ata vyizigiro bikiriho, Aburahamu we yabandanije yizera, gutyo aba sekuruza w’amahanga menshi kuko Imana yari yavuze iti: “Uko ni ko abagukomokako bazongana.” 19 Ico gihe yari afise hafi imyaka ijana, ariko ukwizera kwiwe ntikwigeze kugabanuka, naho umubiri wiwe wari umaze kuba akaheze, kandi na Sara akaba yasa n’utagishobora kuvyara. 20 Aburahamu ntiyigeze anyiganyiga mu kwizera isezerano ry’Imana, ahubwo ukwizera kwiwe kwagumye gukomera, kandi ivyo vyahesheje Imana icubahiro. 21 Yari azi ko Imana ishoboye gushitsa ico yasezeranye. 22 Ukwo kwizera kwiwe kwatumye Imana imwemera nk’umugororotsi. 23 Aya majambo avuga ngo: “Imana imwemera nk’umugororotsi,” ntiyanditswe ku bwiwe wenyene, 24 ahubwo natwe ni ayacu kuko twizeye uwazuye Umwami wacu Yesu amukuye mu bapfuye. 25 Uwo, Imana yaramutanze ngo apfe azira ivyaha vyacu hanyuma imuzura mu bapfuye kugira ngo atume twemerwa na yo nk’abagororotsi. |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.