Abaroma 16 - Bibiliya mu Kirundi corosheIntasho 1 Ndafise ivyiza mvuga kuri mwene Data Foyibe, umudiyakonikazi mu rusengero rw’i Kenkireya. 2 Ndabasavye muze mumwakire mw’izina ry’Umwami wacu nk’uko bibereye abera b’Imana. Muze mumufashe mu vyo azokenera vyose, kuko yagiriye ikimazi benshi na canecane jewe. 3 Muntahirize Pirisila na Akwilasi, abakoranye nanje igikorwa ca Kristo Yesu. 4 Ni kenshi bahatswe gupfa bagomba gukiza ubuzima bwanje. Ivyo, si jewe jenyene ndabibashimira, ariko ni amashengero yose y’Abanyamahanga. 5 Muntahirize ishengero rikoranira mu nzu yabo. Muntahirize umukunzi wanje Epayineto, uwabaye uwa mbere mu bizeye Yesu Kristo mu ntara ya Aziya. 6 Muntahirize Mariya, yitanze cane mu gukorera mwebwe. 7 Muntahirize Anduroniko na Yuniya, Abayuda bagenzanje twabanye mw’ibohero. Ni abantu bubashwe cane mu zindi ntumwa kandi barantanze kwizera Kristo. 8 Muntahirize Ampuliyato, umukunzi wanje mu Mwami wacu. 9 Muntahirize Uribano, uwo dusangiye igikorwa muri Kristo, na Sitakusi nkunda cane. 10 Muntahirize Apelesi, umugabo yagaragaje ko ari umwizigirwa kuri Kristo. Kandi muntahirize abo mu nzu kwa Arisitobulo. 11 Muntahirize Herodiyoni, Umuyuda mugenzanje. Muntahirize abo mu nzu kwa Narasisi bizera Umwami Yesu. 12 Muntahirize Tirifina na Tirifoza, bitanze cane mu gukorera Umwami. Muntahirize kandi n’umukunzi wanje Perisida, yitanze cane mu gukorera Umwami. 13 Muntahirize Rufusi, yatoranijwe mu Mwami, hamwe na nyina kandi nanje yahavuye ambera mama. 14 Muntahirize Asunkirito, Fulegoni, Heremesi, Patorobasi, Herumasi na bene Data bari kumwe na bo. 15 Muntahirize Filologo, Yuliya, Nerewusi na mushikiwe, hamwe na Olumpasi na bene Data bose bari kumwe na bo. 16 Muramukanye mu kugumbirana kwera. Amashengero yose ya Kristo arabatasha. 17 Bene Data, ndabinginga ngo mwirinde ababigisha inyigisho zo kubacanishamwo no kuzimiza abizera zitandukanye n’izo mwigishijwe. Abameze gutyo mubigireyo. 18 Kuko abakora ivyo, ntibariko bakorera Umwami wacu Kristo, ahubwo bakorera inyungu zabo gusa. Amajambo yabo yo kuryosharyosha hamwe n’imvugo nziza, ni vyo bahendesha abantu b’imitima yoroshe. 19 Ariko abantu bose barazi ko mwumvira Umwami Yesu, kandi ivyo birampimbara cane. Ndagomba ko muba abanyabwenge mu kumenya ivyiza, ariko mu bibi mube nk’abatagira ico bazi. 20 Kandi Imana, itanga amahoro izofyonyorera vuba Satani musi y’ibirenge vyanyu. Ubuntu bw’Umwami wacu Yesu bubane namwe. 21 Timoteyo, uwo dukorana, arabaramutsa, co kimwe na Lukiyo, Yasoni na Sosipateri Abayuda bagenzanje. 22 Nanje Terutiyo, nafashije Pawulo kwandika iri kete, ndabaramukije mw’izina rya Yesu. 23 Gayo, ampaye indaro hamwe n’ishengero ryose rikoranira iwe barabaramutsa. Erasito, umunyabigega w’igisagara, hamwe na mwene Data Kwarito barabaramutsa. [ 24 Ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo bubane namwe mwese. Amen.] 25 Imana, yo ishobora kubakomeza mu kwizera, nk’uko Ubutumwa nahawe buvuga ihabwe icubahiro. Ubwo Butumwa buvuga Yesu Kristo kandi bwerekana umugambi Imana ifise kuri mwebwe abanyamahanga, wari waragizwe ibanga kuva kera. 26 Ariko nk’uko abavugishwa n’Imana bari barabivuze kandi nk’uko Imana Ihoraho yari yarabitegetse kuva kera, ubwo butumwa bwarahishuwe kugira ngo abanyamahanga aho bari hose, na bo bashobore kuyizera no kuyumvira. 27 Icubahiro cose kibe ic’Imana yo nyene ubwenge bwose, ibihe vyose mw’izina rya Yesu Kristo! Amen. |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.