Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Abanyefeso 6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Bana, mwumvire abavyeyi banyu kuko muri ab’Umwami, kandi akaba ari vyo bibereye.

2 “Wubahe so na nyoko.” Ni co cagezwe ca mbere gifise isezerano:

3 “Niwubahe so na nyoko kugira ngo ivyawe bize bigende neza kandi kugira ngo uze urambire kw’isi.”

4 Ba se, ntimuratse abana banyu; ahubwo mubarerere mu ngeso nziza zo kwubaha Umwami.

5 Bashumba, mwumvire ba shobuja bo mw’isi, mububaha kandi mubatinya, bivuye ku mitima, nk’uko mwokwubaha Kristo.

6 Mubumvire igihe cose, atari gusa iyo babahagarikiye. Ariko kuko muri abakozi ba Kristo, mugakora ivyo Imana igomba bivuye ku mitima.

7 Mukorane imitima yanyu yose, nk’aho mwoba muriko mukorera Umwami wacu, mutariko mukorera abantu,

8 kuko muzi neza ko Umwami azohembera umuntu wese ivyo yakoze, ari umugurano canke uwidegemvya.

9 Namwe ba shebuja, mugirire abagurano banyu nk’uko nyene. Ntimubatere ubwoba, kuko muzi yuko Shebuja wabo ari we wanyu ari mw’ijuru, kandi ko atarobanura abantu ku butoni.


Ukwambara ibigwanisho vy’Imana

10 Ijambo rya nyuma: mukomere mu Mwami wacu no mu bushobozi bwiwe bwinshi.

11 Mwambare ibigwanisho vyose Imana itanga, kugira ngo mushobore guhangana n’ubugunge bwose bwa wa mubi.

12 Kuko mu ntambara yacu ntituriko tugwana n’abafise umubiri n’amaraso, ariko tugwana n’abatware babi, n’abafise ububasha b’ahantu tutabona, n’abanyabushobozi bo mw’isi y’umwijima hamwe rero n’impwemu mbi z’ahantu ho mw’ijuru.

13 Nuko rero mwambare ibigwanisho vyose vy’Imana, kugira ngo ku musi ikibi caje, muze mushobore guhagarara mudatsinzwe kandi mumaze gukora vyose, mukomeze guhagarara mushikamye.

14 Nuko mushikame, mukenyeje umukanda w’ukuri, mwambaye icuma gikingira igikiriza ari kwo kugororoka,

15 ku birenge vyanyu mwambare ibirato ari kwo kwitegurira kuvuga Ubutumwa Bwiza bw’amahoro.

16 Icongeye kuri ivyo vyose, mwitwaze inkinzo y’ukwizera, iyo mushobora kuzimisha imyampi yose yaka umuriro ya wa mubi.

17 Mwambare n’inkofero y’agakiza, mwitwaze n’inkota ya Mpwemu, ari ryo jambo ry’Imana.

18 Kandi musengere muri Mpwemu ibihe vyose kandi mugire amasengesho y’uburyo bwose n’ukwinginga. Hamwe n’ivyo vyose, mwame muri maso kandi mwame musenga ubudasiba musengera abera b’Imana bose.

19 Kandi nanje munsengere, kugira ngo igihe cose mvuze, mpabwe amajambo kugira ngo menyeshe abantu ibanga ry’Ubutumwa Bwiza ntatinya,

20 ubwo mbereye umuserukizi mw’ibohero. Munsengere ngo ndabuvuge ntatinya, nk’uko bikwiye.


Intasho

21 Tukiko, umuvukanyi nkunda kandi umukozi w’umwizigirwa mu Mwami, azobabwira vyose, kugira ngo namwe mumenye uko meze n’ivyo ndiko ndakora.

22 Ni muri iyo ntumbero ndamubarungikiye, kugira ngo mumenye uko tumerewe yongere aremeshe imitima yanyu.

23 Amahoro abe kuri bene Data, n’urukundo rufatanije n’ukwizera biva ku Mana Data no ku Mwami Yesu Kristo.

24 Ubuntu bube ku bakunda Umwami wacu Yesu Kristo hamwe n’urukundo rudahera.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan