Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Abanyefeso 5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Nuko rero mwigane Imana, kuko muri abana bayo ikunda cane,

2 kandi mugendere mu nzira y’urukundo, nk’uko Kristo yadukunze akitanga ku bwacu ngo abe ubumote bwiza n’ikimazi bihabwa Imana.

3 Ariko muri mwebwe ntihabemwo ubusambanyi, canke ukwipfuza ukwo ari kwo kwose, canke ubukunzi bw’inda, kuko bidakwiye ku bera b’Imana.

4 Ntihakagire ibiterasoni, amajambo y’ubupfu canke ibitwenza bibi bigira ikibanza muri mwebwe, ahubwo habe amashimwe.

5 Kuko mukwiye kumenya neza ko: ata munyangeso mbi, uwanduye canke uwukunda inda; umuntu nk’uwo asenga ibigirwamana, azogira ico aragwa mu bwami bwa Kristo n’Imana.

6 Ntihagire uwubahendesha amajambo atagira ikimazi, kuko ibintu nk’ivyo bizana uburake bw’Imana ku batayumvira.

7 Nuko rero ntimukifatanye na bo mu vyo bakora.

8 Kuko kera mwari mwuzuye umwijima, ariko noneho ubu mufise umuco uva ku Mwami wacu. Nimubeho rero nk’abana b’umuco

9 (kuko icamwa c’umuco ni ineza y’uburyo bwose, ukugororoka n’ukuri),

10 kandi mumenye ibihimbara Umwami ivyo ari vyo.

11 Ntimwifatanye n’ibikorwa vy’impfagusa bikorerwa mu mwijima, ahubwo mubishire ahabona.

12 Biteye n’isoni kuvuga ivyo abatumvira Imana bakorera mu mpisho.

13 Ariko igishizwe ahabona n’umuco cose gica kiboneka; kandi ikirasiwe n’umuco kiba mu muco.

14 Ni co gituma bivugwa ngo: “Ikangure, wewe usinziriye, vyuka uve mu bapfuye, maze Kristo arakumurikira.”

15 Nuko mwirinde cane uko mubaho, ntimwigenze nk’imburabwenge, ahubwo mwigenze nk’abanyabwenge.

16 Akaryo kose muronse mugakoreshe neza, kuko imisi ari mibi.

17 Ntimube ibipfu, ariko mutahure ivyo Umwami abashakako ivyo ari vyo.

18 Ntimukaborerwe umuvinyu, kuko bijana abantu mu buhumbu. Ahubwo, mwuzure Mpwemu Yera,

19 mubwirane amazaburi n’indirimbo, zo guhimbaza ziva kuri Mpwemu. Muririmbe kandi mucurarangire Umwami bivuye mu mitima yanyu,

20 mushimira vyose Imana Data imisi yose, mw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo.


Inyigisho ku ngo z’Abakristo

21 Umwe wese agamburukire mugenziwe abitewe no kwubaha Kristo.

22 Bagore, mwumvire abagabo banyu nk’uko mwumvira Umwami Yesu.

23 Kuko umugabo ari we mutwe w’umugore nk’uko Kristo na we ari we mutwe w’ishengero ari ryo mubiri wiwe, na we akaba umukiza waryo.

24 Nuko rero nk’uko ishengero ryubaha Kristo, ni ko n’abagore bakwiye kwubaha abagabo babo muri vyose.

25 Bagabo, mukunde abagore banyu, nk’uko Kristo yakunze ishengero akaryigura

26 ngo arigire iryejejwe ritunganye, aryogesheje umwuhagiro w’amazi ari ryo Jambo ry’Imana.

27 Ivyo yabikoze kugira ngo aryiyegereze ari ishengero rikayangana, ritagira agatosi canke umunkanyari canke akandi gasembwa kose, ariko ryejejwe ritagira umugayo.

28 Muri iyo nzira nyene, abagabo bakwiye gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bwite. Uwukunda umugore wiwe abayikunda.

29 Kandi murazi ko ata muntu yoshobora kwanka umubiri wiwe, ariko arawugaburira akawitwararika, nk’uko Kristo abikora kw’ishengero,

30 kuko turi ingingo z’umubiri wiwe.

31 “Ku bw’ivyo, nk’uko Ivyanditswe bivuga, umugabo azosiga se na nyina abane n’umugore wiwe ubutakivana, maze bompi babe nk’umubiri umwe.”

32 Iri ni ibanga rihambaye; ariko ni ishusho nziza yerekana ivya Kristo n’ishengero.

33 Rero, umwe wese muri mwebwe akunde umugore wiwe nk’uko yikunda, kandi umugore na we yubahe umugabo wiwe.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan