Abanyefeso 4 - Bibiliya mu Kirundi corosheUbumwe n’ugukura mu mubiri wa Kristo 1 Nuko, Jewe nk’imbohe y’Umwami, ndabinginga ngo mubeho ubuzima bubereye ihamagarwa ryanyu mwahamagawe n’Imana. 2 Mwame imisi yose mwicisha bugufi, mugira ubugwaneza kandi mwihanganiranira, ku bw’urukundo. 3 Mugire ishaka ryo kuzigama ubumwe bwo muri Mpwemu kandi mufatanywe n’umugozi w’amahoro. 4 Hari umubiri umwe n’Impwemu imwe, nk’uko mwahamagariwe ivyizigiro bimwe vyo muri kazoza; 5 Hari Umwami umwe, ukwizera kumwe, umubatizo umwe; 6 kandi hari Imana imwe, ni yo Data wa twese, iri hejuru ya bose, igakorera muri bose kandi ikaba muri bose. 7 Ariko umwe wese muri twebwe yahawe ubuntu nk’uko Kristo yabigenye. 8 Ni co gituma bivugwa ngo: “Hamwe yaduga iyo hejuru, yajanye inyagano nyinshi kandi yatanze ingabire ku bantu biwe.” 9 (Mbega “yaraduze” bivuga iki, ko no kumanuka yamanutse agashika i bwina ho mw’isi? 10 Uwo yamanutse ni we nyene yaduze gushika hejuru ahasumba amajuru yose, kugira ngo yuzure ahantu hose.) 11 Nuko rero Kristo ni we yatanze ingabire mw’ishengero, bamwe abaha kuba intumwa, abandi kuba abavugishwa, abandi kuba abavugabutumwa, abandi kuba abungere n’abigisha, 12 kugira ngo bashobore kwigisha abera na bo bakore igikorwa ciwe, bubake ishengero ari ryo mubiri wa Kristo. 13 Ivyo bikwiye kubandanya bikorwa kugeza aho twese tuzoshikira ku kugiriranira ubumwe mu kwizera no mu kumenya neza Umwana w’Imana, no gukura kugeza dushike ku rugezo rwo kunengesera kwa Kristo. 14 Aho rero ni ho tutazosubira kumera nk’inzoya, ngo dukubebwe tujanwa hirya no hino n’imipfunda, twongera tuzungagizwa n’umuyaga uwo ari wo wose w’inyigisho z’ibinyoma n’amayeri vy’abantu bazimiza. 15 Ahubwo, tuzovuga ukuri mu rukundo, dukure mu buryo bwose, kugeza dushike ku gusa na Kristo, we mutwe w’umubiri ari ryo shengero ryiwe. 16 Ni we atuma umubiri wose ukomera ugafatanywa neza n’ingingo zawo, ugakura neza kandi ukubakwa mu rukundo, mu gihe urugingo rwose rukoze igikorwa carwo. Inyigisho zo kubaho ubuzima Rukristo 17 Nuko ndababwira ibi kandi ndabihanikiriza mw’izina ry’Umwami: ntimukwiye kuguma mubaho nk’uko Abanyamahanga babaho, mu gukurikiza ivyiyumviro vyabo bitagira ikimazi. 18 Ubwenge bwabo buri mu mwijima kandi batandukanijwe n’ubugingo bw’Imana kubera ukutamenya kuri muri bo kuva ku gukomantara kw’imitima yabo. 19 Kubera ata kintu kigiteye isoni kuri bo, bisutse mu vy’ubuhumbu maze bakora ibihumanya vy’uburyo bwose, kandi buzuye ukwipfuza kwinshi. 20 Ariko mweho si gutyo mwize Kristo, 21 igihe mwumva maze mukigishwa ivyiwe, mukamenya ukuri kuva muri we. 22 Ku bijanye n’ingeso zanyu za kera, mwarigishijwe kwiyambura kamere k’icaha ari we muntu wanyu wa kera, abozwa n’ivyipfuzo vyiwe vy’uruhendo; 23 ngo mugirwe bashasha na Mpwemu mu vyiyumviro vyanyu no mu myifato; 24 hanyuma mwambare umuntu mushasha, yaremwe ngo ase n’Imana mu bugororotsi bw’ukuri no mu kwezwa. 25 Nuko rero umwe wese muri mwebwe niyiyambure ibinyoma, muvugane ukuri na bagenzi banyu, kuko turi ingingo zigize umubiri umwe. 26 “Ugushavura kwanyu ntikubakoreshe icaha,” kandi izuba ntirirenge mugishavuye, 27 kuko ishavu riha akaryo wa mubi. 28 Uwiba ntakongere kwiba, ariko atangure gukora, akoreshe amaboko yiwe mu buryo bwiza kugira ngo aronke ikimutunga n’ico gufashisha umukene. 29 Ntihakagire ijambo ribi riva mu kanwa kanyu, ariko iryo muvuze ryose, rize ribe ryiza kandi ryubaka abandi mu bijanye n’ivyo bakeneye, ryongere ribe irihesha ubuntu ababumva. 30 Kandi ntimukababaze Mpwemu Yera w’Imana, uwo mwahawe nk’ikidodo cemeza ko muri abiwe, ku bwa wa musi aho muzocungurirwa. 31 Mwiyambure umururazi wose, ubushangashirwe, uburake, ugutongana n’ugutukana, hamwe n’ibindi bibi vyose. 32 Mugiranire neza kandi mubabarane, mwongere muharirane nk’uko Imana yabahariye muri Kristo. |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.