Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Abanyefeso 2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Ubuntu ni bwo bwadukijije

1 Kera mwari mwarapfuye, mwishwe n’ibicumuro n’ivyaha vyanyu,

2 ivyo mwagenderamwo mukurikira inzira mbi z’isi, mwumvira wa mutware w’ubwami bwo mu kirere, ni we mpwemu ikorera mu mitima y’abantu batumvira Imana.

3 Natwe kera twigenza nka bo, twakurikira ivy’imibiri yacu yipfuza, tugakora ivyo iyi mibiri n’imitima vyacu bishaka. Kandi muri kamere muntu kacu twari abo gucibwa urubanza n’Imana nk’abandi bose.

4 Ariko kubera urukundo rwinshi Imana, yo mutunzi w’imbabazi, yadukunze,

5 yatugiranye bazima na Kristo igihe twari tugipfuye twishwe n’ivyaha vyacu. Ubuntu bw’Imana ni bwo bwabakijije.

6 Kandi Imana yatuzuranye na Kristo, itwicarikana na we ahantu ho mw’ijuru muri Kristo Yesu,

7 kugira ngo mu bihe bizoza ize yerekane ubutunzi bwinshi butogereranywa bw’ubuntu bwayo, ubwo yatweretse biciye mu buntu yatugiriye muri Kristo Yesu.

8 Ubuntu bwayo ni bwo bwabakijije ku bw’ukwizera. Kandi n’ivyo ntivyavuye kuri mwebwe, ni ingabire y’Imana.

9 Ntivyavuye no ku bikorwa vyiza mwakoze, kugira ngo hoye kugira umuntu n’umwe yohava yirata.

10 Kuko turi ibiremwa vy’Imana, yaturemye gusha muri Kristo Yesu kugira ngo dukore ibikorwa vyiza, ivyo yari yaraduteguriye gukora kuva kera.


Turi umwe muri Kristo

11 Nuko mwibuke ko kera mwebwe Abanyamahanga mwitwa “abatakebwe” n’abo biyita “abakebwe” (bakebwe ku mubiri n’intoke z’abantu).

12 Mwibuke ko ico gihe mwari mutandukanijwe na Kristo, mutagira ubwenegihugu muri Isirayeli kandi ata co mwiteze ku masezerano Imana yasezeranye, mutagira ivyizigiro kandi mutagira Imana mw’isi.

13 Ariko ubu, mumaze kuba muri Kristo Yesu, mwebwe abari kure y’Imana kera mwigijwe hafi yayo biciye mu maraso ya Kristo.

14 Kuko ni we mahoro yacu, we yakuyeho amacakubiri yari hagati y’Abayuda n’abanyamahanga akabagira ihanga rimwe akuyeho igihome c’ubwansi cadutandukanya.

15 Yabikoze mu gukuraho ibikorwa vyose vyisunga amategeko n’amabwirizwa, abikuzaho umubiri wiwe. Intumbero kwari kugira ngo yiremere ubwoko bushasha akuye mu Bayuda no mu Banyamahanga, gutyo azane impore hagati yacu.

16 Kandi abagire umubiri umwe abahuze n’Imana biciye mu rupfu rwo ku musaraba, uwo yicishije ubwo bwansi bwari hagati yabo.

17 Yaraje ababwira inkuru nziza y’amahoro mwebwe abanyamahanga mwari kure, abwira amahoro n’Abayuda bari hafi.

18 Kuko duciye kuri we, twese hamwe twaronse uburenganzira bwo gushikira Data turi muri Mpwemu umwe.

19 Kubera ivyo rero, mwebwe ntimukiri abanyamahanga na ba kavantara, ariko muri abasangiye ubwenegihugu n’abera b’Imana kandi muri abo mu nzu yayo.

20 Mwubatswe kw’itanguriro ry’intumwa n’abavugishwa, Kristo Yesu akaba ari we buye rigumya imfuruka.

21 Muri we inyubakwa yose irafatanywa neza ikaduga kugira ngo ibe urusengero rwejejwe mu Mwami.

22 Kandi muri we namwe muriko murubakwa mufatanywa ngo mube ingoro aho Imana iba biciye muri Mpwemu wayo.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan