Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Abaheburayo 8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Umuherezi mukuru w’isezerano rishasha

1 Ico dushaka kuvuga ni iki: dufise Umuherezi Mukuru yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’intebe y’icubahiro y’Imana mw’ijuru.

2 Igikorwa ciwe yagikoreye ahera, Yakoreye igikorwa ciwe mw’ihema ry’ibonaniro, ikibanza nyakuri co gusengeramwo cubatswe n’Umwami Imana, atari amaboko y’abantu.

3 Kubera umuherezi mukuru wese yashirirwaho gutanga amashikanwa n’ibimazi, n’Umuherezi Mukuru wacu na we yategerezwa kugira ico atanze.

4 Iyo Kristo aja kuba ari kw’isi, ntivyakunda ko aba umuherezi, kuko hari hasanzwe abaherezi batanga amashikanwa nk’uko Ivyagezwe vyabitegekanya.

5 Bakorera ibikorwa vyabo mu kibanza kigereranywa kikaba n’igitutu c’ivyo mw’ijuru. Kuko igihe Mose yagira yubake ihema, Imana yamubwiye imugabisha iti: “Uze urabe neza ko bikorwa nk’uko wavyerekewe kuri uwu musozi.”

6 Ariko Yesu, Umuherezi Mukuru wacu, yahawe igikorwa kiruta cane ic’abandi baherezi, kuko ni we muhuza wacu mw’isezerano riruta ayandi, ryubakiye ku masezerano aruta ayandi.

7 Iyo isezerano rya mbere rija kuba ritagira amahinyu, nta sezerano rya kabiri ryo kurisubirira ryari rikenewe.

8 Ariko Imana yasanze hari ico igaya abantu bayo maze ivuga iti: “Igihe kiraje, ni ko Uhoraho avuze, aho nzogirana isezerano rishasha n’inzu ya Isirayeli hamwe n’inzu ya Yuda.

9 Ntirizoba risa na rya sezerano nagirana na ba sekuruza babo, aho nabafata ukuboko nkabarongora ndabakura mu gihugu ca Egiputa, kuko ntibagumanye ubwizigirwa mw’isezerano ryanje, nuko nanje nca ndabakurako umutima, ni ko Uhoraho avuze.

10 Iri ni ryo sezerano nzogirana n’inzu ya Isirayeli inyuma y’aho, ni ko Uhoraho avuze. Nzoshira ivyagezwe vyanje mu bwenge bwabo, ndavyandike mu mitima yabo. Nzoba Imana yabo, na bo babe abantu banje.

11 Ntibazosubira kwigisha ababanyi babo, canke ngo babwirane hagati yabo bati: ‘Menya Uhoraho,’ kuko bose bazomenya jewe, kuva kuri muto muri bo kugeza ku mukuru.

12 Kuko nzobaharira ibibi vyabo kandi sinzosubira kwibuka ivyaha vyabo.”

13 Imana ivuze ko iri sezerano ari “rishasha,” ivyo bisigura ko yahinduye ubusa irya mbere; kandi ikimaze guhinduka ubusa kiba kigira kizimangane.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan